Sentare muri Sudani y'Epfo yankiye uwari icegera ca perezida guhagarika urubanza rumurondera ku vyaha vy'ukwica n'ubuhemu

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
- Umwanditsi, Nichola Mandil
- Yakoze inkuru ari, Juba
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga
Sentare idasanzwe muri Sudani y'Epfo yafashe ingingo ko ifise ububasha bwo kuburanira urubanza rwa Riek Machar yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu n'abandi indwi bari kumwe, baregwa ivyaha birimwo ubwicanyi, ubuhemu no gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu.
Sentare yimye agaciro impamvu zose umugwi wunganira Machar wari watanze ku bijanye n'ubukuru bwiwe, ko iburanisha ry'urwo rubanza ryoba ritajanye n'ibwirizwa nshingiro, no kuvuga ko afise ubudahangarwa bwo kuburanishwa. Urubanza rwiwe rurabandanya gushika ku munsi wa gatatu.
Machar haheze indwi yiyamirije ibirego yagirizwa avuga ko ari uguhigwa ku mpamvu za politike. Vyavyuye impungenge zo gusubira mu ntambara hagati y'abavukagihugu.
Ivyo birego vyandurutse ku gitero cakozwe mu kwezi kwa gatatu n'umugwi w'abarwanyi bakekwa kuba ari abo kwa Machar, cahitanye abasirikare 250 n'umujenerari.
Kuva ico gihe, yaciye apfungwa ic'amaso.
Abunganira Machar imbere y'amategeko bavuga ko ivyo vyaha bidakwiye kuburanishwa na sentare y'imbere mu gihugu, ahubwo bikwiye kujanwa mu rwego rugenzurwa n'Ubumwe bwa Afrika, nk'uko biri mu masezerano y'amahoro yo mu 2018, yarangije intambara yari imaze imyaka itanu, hagati y'ingabo ziwe n'iziyoboka perezida Salva Kiir.
Ariko sentare ivuga ko ifise ubwo bubasha bwo kuburanisha ivyaha vy'imbere mu gihugu, na burya iyo sentare ihurikiyemwo abo mu gihugu ciwe n'abo mu Bumwe bwa Afrika itarashingwa.
"Sentare idasanzwe ifise ububasha bwo gukwirikirana uru rubanza hisunzwe 'ibwirizwa nshingiro mfatakibanza ryo 2011' ryahinyanyuwe", niko umucamanza James Alala ari nawe mukuru w'intahe, yavuze.
Sentare kandi yimye agaciro ivyo Machar yavuga ko afise ubudahangarwa adashobora kubazwa ivyaha no kuburanishwa, aho ivuga ko ubwo budahangarwa bufiswe na perezida wenyene.
Umucamanza James Alala yagize ati: "Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu nta budahangarwa ahabwa n'ibwirizwwa nshingiro, dufatiye kw'ibwirizwa nshingiro nfatakibanza."
Sentare kandi, yirukanye babiri mu banshingwamanza ba Machar, inyuma y'aho umushikirizamanza avugiye ko badafise ivyangombwa vyerekana ko barekuriwe gukora nk'abashingwamanza.
Umucamanza yavuze ko bazosubira gukwirikirana urubanza baronse impapuro nshasha z'uruhusa rwo gukora ziri ku gihe.
Ivyo birego vyazananye n'akoba mu bantu, ko hashobora gusubira kwaduka intambara muri ico gihugu, aho ishirahamwe mpuzamakungu ONU , Ubumwe bwa Afrika n'ibihugu bibanyi bose bahamagarira impande zompi gucisha make, muri ico gihugu kironse vuba ubwigenge kuri Sudani mu 2011, inyuma y'imyaka iharurwa mu mirongo y'intambara.













