Umugwi w'aba 'Conservateur' wiyamirije itorwa rya musenyeri mukuru wa Canterbury w'umugore

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Lebo Diseko
- Igikorwa, Global Religion correspondent
"Ushaka kunyaruka, niwijane - ariko ushaka gushika kure, jana n'abandi," uko ni ko Dame Sarah Mullay yavuze mw'ijambo rya mbere yashikirije ku mugaragaro nka musenyeri mukuru mushasha wa Centerbury.
Ariko, itorwa ryiwe ku musi wa gatanu - ku ncuro ya mbere - nk'umugore mu burongozi bw'ishengero ryo mu Bwongereza n'ishengero rya Anglikane hirya no hino kw'isi, risa n'uko rishobora kwongereza umwumvikano muke urangwa muri iryo shengero.
Ishirahamwe ry'amashengero y'Abanglikani (Gafcon), ari ryo huriro ry'amashengero y'Abanglikani y'abanyagihugu bo muri Afirika no muri Aziya, ryakiriye iyo nkuru "n'umubabaro".
Ku rundi ruhande, ishengero ryo muri Afirika y'Epfo ryise iryo torwa ko ari "akataraboneka" kandi rivuga "twakiranye umutima mwiza iyo ngingo".
Ishengero ryo mu Bwongereza - abantu bamwe bamwe bita "ishengero mvyeyi" kubera ari ryo ryabaye irya mbere - rifatwa ko rimaze kuja ku yindi ntera mu nzira yo kwisanzura gusumba ayandi mashengero y'ahandi, cane cane muri Afrika, hagereranywa ko hari bibiri vya gatatu vy'aba Anglikane bose bari kw'isi.
Ibintu bituma haba ukwutummvikana mw'ishengero ry'aba Anglikane harimwo gutora umusenyeri w'umugore mu 2014 no kwemera guhezagira abahuza ibitsina babisangiye mu 2023.
Abakristu b'aba 'Conservateur' bemera ko ari abagabo bonyene bategerezwa kuba abasenyeri.
Mw'itangazo Dr Laurent Mbanda, musenyeri mukuru w'Urwanda akaba ari na we arongoye akanama k'indongozi za Gafcon, yavuze ko " benshi mu mashengero ya Anglikane bacemera ko Bibiriya itegeka ko haba gusa umugabo mu bwepisikopi".
Gafcon kandi yiyamiriza kuba Dame Sarah ashigikiye ko abubakanye basangiye ibitsina baronka umuhezagiro, bakamwagiriza guteza imbere "inyigisho zitari muri Bibiriya ziraba ukubakana rukristu".
Uwo mugwi wagiyeho mu 2008 bivuye ku kwutumvikana mw'iyobokamana mw'ishengero rya Anglikane, cane cane ku kibazo co guhezagira abubakanye basangiye ibitsina.
Harageze igihe bashira ahabona itangazo rihamagarira abakuru b'amashengero baciye iruhande rw'ico bise "inyigisho z'ubugororotsi" kwijana.
Mu gihe bavuga badaciye ku ruhande ko batazitandukanya n'Ubumwe bw'aba Anglikane, baranse iciyumviro c'uko "akaranga k'aba Anglikane kagenwa n'ukwemerwa na musenyeri mukuru wa Canterbury".
Ukwo gutandukana kwarongerekanye cane mu mwaka wa 2023, igihe uwo mugwi wanse uburongozi bwa musenyeri mukuru wa Canterbury, Justin Welby, kubera ivyiyumviro vyo guhezagira ababiranye bahuje igitsina, ivyo bikaba vyatumye haba ubwoba bw'uko Anglikane yoshobora kwicamwo ibice.
Gafcon yemeza ko ivugira benshi mu ba Anglikane kw'isi, n'aho ivyo vyiyamirizwa, kandi ivyiyumviro muri Afirika yose ntabwo bihurizwako na bose.
Musenyeri mukuru w'igisagara ca Cape Town, Thabo Makgoba, arongoye Anglikane ya Afrika y'Epfo, yavuze ko ugutorwa kwa Dame Sarah ari "iterambere riteye umunezero".
N'aho Afrika y'Epfo ibonwa ko ari iyo iteye imbere kuruta ibindi bihugu mu bijanye n'uburyo yifata kuri iyo ntumbero, iryo tangazo ryarakiriwe neza n'ahandi.
Bishop Emily Onyango - umugore wa mbere yagenywe kuba musenyeri wa Anglikane muri Kenya - yavuze ko inkuru y'uko Dame Sarah yabaye musenyeri mukuru ari "intambwe nshasha".
Yabwiye ikinyamakuru 'BBC Focus on Africa' ko ivyiyumviro vya Gafcon bitagira ishingiro mu vy'idini canke muri Bibiliya, ariko ko ari "ivy'uko ijambo rikuru riba iryo umugabo, ivyo bikaba bitagirira akamaro kanini ishengero".
Musenyeri Onyango yavuze ko musenyeri mukuru mushasha "yicisha bugufi kandi yumviriza, bikaba ari vyo ishengero rikeneye.
"Iyo utava kw'izima kandi ntiwumvirize abantu, aho haba hari ikibazo.
"Uwo musenyeri mushasha arakeneye gutorera umuti ikibazo c'amahoro kuri uyu mugabane. Abagore n'abana bamerewe nabi, kandi arakeneye gukorera amahoro n'ugusubiza hamwe."
Ivyo bituma Musenyeri Onyango atumvikana na musenyeri mukuru w'igihugu ciwe, ari mu bagize uburongozi bwa Gafcon.
Igihe nabaza musenyeri mukuru w'Urwanda nimba ibi bidashobora kwerekana ugucanamwo burundu kw'aba Anglikane hirya no hino kw'isi, yanyandikiye ko «nta kintu kitasubirwamwo n'Imana, ariko bisaba kwihana».
"Gafcon yama isaba abarongozi b'amashengero bazimiye kwihana bagasubira mu nyigisho za Bibiliya. Ariko gushika babikoze, ntidushobora kugendana na bo mu buhakanyi bwabo."













