'Abankoresha banyugaraniye mu nzu barigira’ – Menya amagorwa y’abakozi bo mu nzu b’Abanyafrika muri Libani

Abenshi mu bakozi bo mu nzu b'abimukira muri Libani ntibagira iyo baja
Insiguro y'isanamu, Abenshi mu bakozi bo mu nzu b'abimukira muri Libani ntibagira iyo baja
    • Umwanditsi, Manal Khalil & Ethar Shalaby
    • Igikorwa, BBC News Arabic

Igihe ikibombe ca Israel cagwa ku nzu y’umukoresha wiwe mu bumanuko bwa Libani, Andaku (si ryo zina ryiwe ry’ukuri) yisanze ari wenyene, yugaraniwe mu nzu mu bwoba butagira izina.

Uno mukobwa w’umunya-Kenya w’imyaka 24 yari amaze amezi umunani muri Libani akora nk’umukozi wo mu nzu/umuyaya, ariko avuga ko ukwezi kwa nyuma kwabaye ukw’amahano inyuma y’uko igisirikare ca Israel congereje ibitero ku vyo kivuga ko ari ibibanza bikoreshwa na Hezbollah mu gihugu cose.

Yabwiye igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’icarabu ati: “Ibibombe vyari vyinshi cane. Abakoresha banje baciye banyugaranira mu nzu baca barigira kugira bakize igufa”.

Uruyogoyogo rw’ibibombe rwarahahamuye Andaku. Ntazi n’imisi yamaze muri iyo nzu ari wenyene imbere y’uko abakoresha biwe bagaruka.

“Bamaze kugaruka, baciye banyirukana. Ntibigeze bampemba kandi ntaho nari mfise nari kuja”, niko avuga, akongerako ko yagize amahirwe asanga yari afise amahera yo gufata bisi (bus) ku mugwa mukuru, Beirut.

Andaku si we wenyene yahuye n’amahano nk’aya.

Mu ndwi zibiri ziheze, abategetsi ba ONU bavuze ko ibigo hafi 900 vyateguwe na Libani kugira bitange ubuhungiro vyari vyuzuye bitumwe no kwunyuka kw’intambara hagati ya Israel na Hezbollah, bakavuga ko bari batewe impungenge n’ibihumbi vy’abayaya bakora muri ico gihugu.

Nk’uko bivugwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rikurikirana abimukira OIM (Organisation Internationale pour les Migrations/International Organization for Migration), Libani ifise abimukira bababa 170.000, abenshi bakaba ari abagore/abakobwa bava muri Kenya, Ethiopia, Sudan, Sri Lanka, Bangladesh na Philippines.

"Twama turonka amakuru menshi y’abakozi bo mu nzu batabwa n’abakoresha babo ba Libani, bamwe bakabata mw’ibarabara, abandi bakabatana n’inzu bakihungira”, ni ko Mathieu Luciano, umukuru wa OIM muri Libani, yabwiye abanyamakuru i Geneva.

OIM ivuga ko abakozi b'abimukira bababa 170.000 ari bo bari muri Libani
Insiguro y'isanamu, OIM ivuga ko abakozi b'abimukira bababa 170.000 ari bo bari muri Libani
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abenshi baja muri Libani kugira ngo bashobore gufasha imiryango yabo yasigaye i muhira.

Abamuka muri Afrika bahembwa amadorari y’Abanyamerika yababa 250 ku kwezi, mu gihe bagenzi babo bakomoka muri Aziya bobo bahembwa gushika ku madorari 450.

Iyo bagezeyo, bakoreshwa mu buryo buzwi nka Kafala, aho baronka akazi baciye mu mashirahamwe y’aho baba, ariko nta burenganzira bagira bwo gukingirwa nk’abakozi b’abimukira, kandi abakoresha babo bafise ububasha bwo kunyegeza ibitabo vyabo vy’inzira (passports) eka mbere n’umushahara wabo.

“Kubona ubu buryo bwa Kafala butabakingira imbere y’amategeko, hagaca hiyongerako ko ata burenganzira bagira bwo gutembera, bamwe muri bo bisanga bariko bakoreshwa nk’abaja. Ibi bituma aba bakozi b’abimukira bisanga bariko barahohoterwa, bagatabwa mbere bakahandurira n’ingwara zo mu mutwe”, bivugwa na Joe Lowry, umuvugizi wa OIM.

Yongerako ati: “Hejuru y’ibi, turazi ko hari abimukira bugaranirwa mu mazu n’abanya-Libani iyo bahunze, kugira ngo basigare bacunze amatungo yabo”.

Ntibagira iyo baja

Mina (na we nyene si ryo zina ryiwe ry’ukuri) yamuka muri Uganda akaba amaze umwaka n’amezi ane akora nk’umuyaya muri Libani.

Yabwiye BBC ko umuryango yakorera wamutoteje, gushika aho biba ngombwa ko afata ingingo yo gusubira mw’ishirahamwe ryamurondereye akazi.

Yari yizeye ko bamufasha kugira asubire mu gihugu ciwe, ariko yaguye mu gahundwe igihe yabwirwa ko ategegerezwa kubanza gukorera uwundi muryango mu kiringo c’imyaka ibiri kugira ngo ashobore kwemererwa gutaha.

Uno mugore w’imyaka 26 agira ati: “Igihe nasubira mw’ishirahamwe, narababwiye ko nari nakoze bikwiye kugira ngo negeranye amahera yo kuriha itike y’indege ngasubira mu gihugu canje. Baciye banyaka amahera yanje baca bantegeka gukorera uwundi muryango imyaka ibiri kugira ngo nshobore gutaha”.

Vyahavuye birangira Mina ahahamutse kubera ibibombe vy’urutavanako. Vyaranse ko akora akazi nk’uko yategerezwa, maze biba ngombwa ko agenda.

Ati: “[Uno muryango] warankubita, mu nyuma uca uranyirukana…ico gihe ibibombe vyari vyinshi cane. Maze kuhava, sinabona iyo ntera nja”.

Uwundi mukozi wo mu nzu na we nyene ava muri Kenya, Fanaka w’imyaka 24, avuga ko ishirahamwe ryiwe ryamukoresha uko rishaka, uko amezi abiri aheze bamurungika gukora ahandi, akama amenetse umutwe.

Ibitero vyo mu kirere vya Israel birageramiye igisagara ca Tyre n'imicungararo yaho mu bumanuko bwa Libani

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ibitero vyo mu kirere vya Israel birageramiye igisagara ca Tyre n'imicungararo yaho mu bumanuko bwa Libani

Aba bagore bavuga ko bahuye n’amahano igihe bisanga mw’ibarabara, kuko vyinshi mu bigo vyakira abahunga vyanka kubakira, bikababwira ko ari ivy’abanya-Libani bahunga, ko atari ivy’abanyamahanga.

Aba bagore batatu bose bahavuye bagira amahirwe barashika ku kigo ca Caritas ya Libani.

Mu bundi butumwa bw’amajwi BBC yarungikiwe, abakozi b’abimukira bamuka muri Sierra Leone (Afrika y’Uburengero) bavuga ko abenshi muri bo bayerera mu mabarabara ya Beirut kandi ko ata n’imfungurwa bagira.

Abandi babwiye ibinyamakuru vyo muri ico gihugu ko bankiwe kwinjira ibigo vya reta vyakira abahunga vyubatswe mu mashure kubera atari abanya-Libani.

BBC yaregeye abategetsi ibabaza iki kibazo, ariko barahakana ko ata vangura iryo ari ryo ryose rihari.

Amasoko yo mu bushikiranganji bw’indero yabwiye BBC ati: "Nta bigo kanaka bihari vyubakiwe abakozi bo mu nzu b’abanyamahanga, ariko kandi, nta muntu yigeze yankirwa kwinjira".

Bivugwa ko bamwe muri aba bimukira bakwepa ibigo vyakira abahunga bizwi, kubera ata vya ngombwa bikwiye baba bafise, bakabona ko bashobora kugira ibibazo.

Hessen Sayah Korban, umukuru w’igisata kijejwe ubutabazi muri Caritas Libani, avuga ko ishirahamwe ryiwe rihaye indaro abakozi b’abimukira bababa 70, bagizwe ahanini n’abagore bafise abana.

Uno mupfasoni avuga ko bakeneye ubundi buryo bw’amafaranga kugira ngo bashobore gufasha abakozi bo mu nzu bashika 250 batawe n’abakoresha babo canke batagira aho baba, bakaba baratswe n’ivyagombwa vyabo.

Avuga ko benshi muri aba bayaya bafise ibibazo vyo mu mutwe kubera bahahamutse.

Kuva mu ntango z’uku kw’icumi, OIM imaze kwiturwa n’abarenga 700 basaba ubufasha bwo gushobora gusubira mu bihugu vyabo.