Intambara yo muri Ukraine: Zelensky yagize urugendo giturumbuka muri Canada

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w’igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky yashitse muri Canada mu rugendo rutatangajwe, mu ntumbero yo kurondera ubufasha ku gihugu ciwe gihanganye n’Uburusiya.
Ni rwo rugendo rwa mbere rwa Zelensky muri Canada kuva Uburusiya butanguje intambara mu gihugu muri Ruhuhuma (2) 2022.
Zelensky yari avuye i Washington aho yari amaze imisi mu mibonano na Perezida Joe Biden n’abandi banyaporitike ba Amerika.
Yari yagiye i Washington afise icizere co kuronka iyindi mfashanyo mu kurwanya ingabo z‘Uburusiya zigeramiye igihugu ciwe. Mu ntango z’ino ndwi, yateye akamo abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi bari bakoraniye mu nama ya ONU i New York kubandanya bafata mu mugongo Ukraine.
Hagati aho, ibintu ntivyifashe neza mu bijanye n’imigenderanire, inyuma y’aho Zelensky aneguriye Pologne, Slovakia na Hongrie ku ngingo yavyo yo kudasubira kugura intete ziva muri Ukraine.
Imfashanyo ihabwa Ukraine kandi mu ntambara yayo iriko irateza impari mu bihugu bimwe bimwe, mu gihe vyinshi biriko birahererwa n’uburyo.
Muri Amerika, Abarepubulikani bata icizere muri ino ntambara bagenda biyongera n’aho umukuru w’igihugu cabo yiyemeje ko ata gutererana Ukraine urugamba.
Biden ati: "Uburusiya bwibaza ko hazogera igihe amakungu akaruha hanyuma akarekerana Ukraine igakubagurwa ata nkurikizi”.
Inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika zimaze kwemeza imfashanyo y’imiriyaridi zirenga 110 z’amadorari y’Abanyamerika kuri Ukraine, ariko ibiharuro vyerekana ko Abanyamerika bashigikiye ko Amerika ibandanya itanga uburyo vyagabanutse.
Abarepubulikani benshi bavuga ko aya mafaranga akwiye gukoreshwa mu bibazo vyo mu gihugu cabo, ariko mu gihe Zelensky yari mu rugendo muri ico gihugu, Perezida Biden yaremeje iyindi mfashanyo ihabwa Kyiv ifise agaciro k’imiriyoni a325 z’amadorari y’Abanyamerika.
Ejo ku wa kane ari kumwe na Perezida Zelensky, Biden yabwiye abanyamakuru ko ibimodoka vy’intambara vyo mu bwoko bwa M1 Abrams bizotangura gushika muri Ukraine mu ndwi iza.
Ku ruhande rwiwe, Zelensky yavuze ko Amerika yemeye kuzofashisha igihugu ciwe uburyo bwo gucungera umutekano waco cane cane mu kuyiha uburyo bwo gukingira ikirere, mu gihe c’ubukonje bwinshi cimirije.
Pologne yoyo ku wa gatatu yatangaje ko ata bindi birwanisho izorungikira Ukraine, ko ahubwo ubu igiye kwita ku bijanye no kwikingira ikoresheje ibirwanisho vya none.
Ibintu bimeze gute ku rubuga?
Uburusiya bwobwo burabandanya bucucagira ibibombe irya n’ino. Nta musi wijana hatavuzwe akarere canke igisagara catewe amabombe.
No muri aka gatondo, umuntu umwe yapfuye, uwundi arakomereka mu gitero c’amabombe cakozwe n’igisirikare c’Uburusiya mu karere ka Dnieper k’intara ya Kherson.
Nk’uko bivugwa n’umukuru w’igisirikare muri iki gisagara, inyubakwa zituwemwo n’abantu muri Kherson nizo zatewe amabombe, zituma haduka imiriro mu nyubakwa imwe hamwe no muri garaje (garage), ibi bikemezwa n’umukuru w’igipolisi muri Kherson, Alexander Prokudin.
Uburusiya nabwo buvuga ko indege zibiri zitagira abadereva (drone) zakorowe hejuru y’ikiyaga Cirabura (Mer Noire/Black Sea).
Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi buvuga ko ubuhinga bw’Uburusiya bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwasambuye amadrone abiri “amaja ku nkengera yo mu bumanuko bushira ubuseruko bw’akarere ka Crimée/Crimea, hamwe no mu karere ka Tuapse ko mu ntara ya Krasnodar, mu Burusiya.
Umukuru w’aka karre avuga ko ata vyononekaye.










