Francophonie - Tunisia: hadutse icuka kibi, Macron nawe yifatira mu gahanga Russia

Iri shirahamwe ryagirizwa ko ataco “rifasha” mu matora y’ubusuma, ukwihagira ubutegetsi n’ama coups d’Etat arangwa mu bihugu birigize.

Ahavuye isanamu, @OIFrancophonie/ Twitter

Insiguro y'isanamu, Iri shirahamwe ryagirizwa ko ataco “rifasha” mu matora y’ubusuma, ukwihagira ubutegetsi n’ama coups d’Etat arangwa mu bihugu birigize.

Aho bari mw’ikoraniro ryabahuje mw’izinga rya Djerba muri Tunisia ejo ku wa Mungu, abategetsi b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe rikoresha ururimi rw’igifaransa, Francophonie, bavuganye umutekano muke ubandanya wiyongera n’ishavu rirangwa muri iryo shirahamwe ku mugabane wa Afrika.

Ariko icuka kibi cagiye kurenga urugero muri iyo nama ya OIF yonyene ubwayo igihe umushikiranganji wa mbere wa Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo, Jean-Michel Sama Lukonde, yankiye kwifotoza ahagararanye n'abandi kuko harimwo na Paul Kagame, umukuru w’igihugu c’Urwanda.

Congo yagiriza Urwanda gushigikira umuhari w’inyeshamba M23 wigaruriye uduce tutari duke mu ntara ya Kivu ya Ruguru iri mu buseruko bw’ico gihugu, bituma ibihumbi vy’abanyagihugu bata izabo, bitera n’icuka kibi mu karere.

U Rwanda ruvuga ko rudafasha umuhari wa M23.

Louise Mushikiwabo, umukuru w’iryo shirahamwe rihurikiyemwo ibihugu 88 yavuze ati: “Ibintu vyose vyerekeye iyi ntambara vyaganiriweko”.

Yizeye kandi ko “iri ari ishirahamwe rishobora gufata mu mugongo rikanahimiriza ibiganiro hagati y’impande zishamiranye”.

Iri shirahamwe ryagirizwa ko ataco “rifasha” mu matora y’ubusuma, ukwihagira ubutegetsi n’ama coups d’Etat arangwa mu bihugu birigize.

Mushikiwabo yabwiye AFP imbere y’inama ati: "Ikibazo tubona mu rwaruka rwo muri Afrika ikoresha ururimi rw’igifaransa ni uguhinyura abanyaporitike”, no gucika intege mu buzima bwa misi yose.

Iri shirahamwe ryashinzwe mu 1970 rifise intumbero yo guteza imbere ururimi rw’igifaransa, gukomeza imigenderanire mu gufashanya mu vy'ubutunzi hamwe no gufasha gutorera umuti amatati mpuzamakungu.

Ishavu bafitiye uburengero

Abategetsi benshi ba Afrika berekanye ko batishimiye ingene uburengero bwihuse gufata ingingo ku ntambara yo muri Ukraine, ariko ko atariko bimeze ku ndyane ziri mu bihugu vyabo.

Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa ku wa gatandatu yavuze ko iri shirahamwe rikwiye kunagura igikorwa caryo mu vy'imigenderanire, Paris (umugwa mukuru w’Ubufaransa) nayo ikavuga ko igiye kurondera ingene hoba ugukurakuranwa mu kurongora iri shirahamwe kuva mu 2024.

Perezida Macky Sall wa Senegal be n’umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau bari mu bari bitavye iyo nama y’imisi ibiri.

Trudeau yabwiye abanyamakuru ko Canada "itewe umutima uhagaze n'ingene ibintu bimeze muri iki gihe" muri Tunisia, akizera ko amatora yo mu kw’icumi na kabiri kuza y’inama nshingamateka iboneka ko ifise intege nke azogeza igihugu kuri "demokarasi nzima".

Propagande yo kurwanya Ubufaransa "ikokezwa n'Uburusiya"

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku rundi ruhande, Macron yifatiye mu gahanga Uburusiya, abwagiriza ko bukokeza urwanko ku Bufaransa no kugira agatima “k’ubunyeshamba” mu kurondera gushinga imizi mu bihugu vya Afrika, mu gihe Ubufaransa bwagiye butakaza inguvu za gisirikare n’ikibanza bufise muri ino myaka ya vuba.

Mw’ijambo yashikirije inyuma y’iri koraniro, Macron yasabwe kugira ico avuze ku bamunegura bavuga ko Ubufaransa buriko bukoresha ubucuti bwa poritike n’ubutunzi bufitaniye n’ibihugu bwahoze butwara gikoloni ku nyungu zabwo.

Macron yabwiye imboneshakure TV5 Monde ati: “Abandi barakokeza ibi vyiyumviro, ni umugambi wa poritike.

“Si ndi ikijuju. Abenshi mu bakokeza, rimwe na rimwe bavugira mu biganiro vyanyu, bararihwa n’Uburusiya. Turabazi”.

Yongerako ati: “Ibihugu vyinshi bishaka gushinga imizi muri Afrika bibikora kugira bihahaze Ubufaransa, bihahaze ururimi rwabwo, bikabiba ikekwe, ariko hejuru ya vyose bikurikirana inyungu kanaka”.

Ubufaransa, igihugu cahoze gitwara gikoloni ibihugu vyinshi vya Afrika y’Uburengero n’iyo hagati, bufise ubucuti bwa gisirikare bumaze igihe kirekire muri Afrika ikoresha igifaransa.

Bwari busanzwe kandi bufise ingabo zimaze imyaka cumi mu gikorwa co kurwanya iterabwoba.

Ababunegura bavuga ko bwananiwe muri ibi bikorwa vyabwo vya gisirikare, bakabwagiriza ahubwo kubandanya buteza indyane mu karere.

Buhanganye n’Uburusiya mu kurondera gushinga imizi muri Afrika muri ino myaka ya vuba, aho umurwi w’abacangero wigenga Wagner warungitswe mu bihugu bitari bike, harimwo Centrafrique na Mali.

Vyabaye ngombwa ko Paris iva muri Mali inyuma y’aho igisirikare c’iki gihugu gifatiye ubutegetsi mw’itembagazwa ry’ubutegetsi ryo mu 2020, mu gihe imigenderanire itari yifashe neza.

Inyuma y’aho, aba bategetsi ba gisirikare baciye batumako Wagner kugira ngo ibafashe mu ntambara yo kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam imaze imyaka cumi, baca bahagarika imigenderanire n’Ubufaransa.

Uburusiya buvuga ko Wagner idaserukira igihugu kandi ko butayihemba. Ariko Ubumwe bwa Bulaya bwafatiye ibihano Wagner, buvuga ko ari ikompanyi ikorera mu kinyegero kw’izina rya reta y’Uburusiya.

Mu mwaka uheze, icegeranyo c’ishirahamwe ONU cavuze ko abigisha ba gisirikare b’Abarusiya hamwe n’abasirikare ba Centrafrique bateye abasivire bakoresheje inguvu zirenze urugero, bica mu rudavagi, biragurira amashure baranasahura.

Kremlin yavuze ko cari ikinyoma ko abigisha b'Abarusiya bagize uruhara mu bwicanyi canke ubusuma muri ico gihugu gituwemwo n’imiriyoni 4.7 z’abantu, kikaba gitunze ubutare bw’inzahabu na diamand.