Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tchad: Humvikanye amasasu ku kirimba c'umukuru w'igihugu, reta irahumuriza
- Umwanditsi, Christy Cooney
- Igikorwa, BBC News
Abategetsi ba Tchad bavuga ko igisirikare c'iki gihugu catesheje igitero c'abikekwa ko ari abarwanyi ba Boko Haram ku mugwa mukuru N'Djamena no ku kirimba c'umukuru w'igihugu, nk'uko bitangazwa n'imboneshakure yo muri ico gihugu Tchad24.
Ku mugoroba w'ejo ku wa gatatu, habonetse imodoka za gisirikare zitera zija ku kirimba c'umukuru w'igihugu, mu gihe hariko hasirana ibikoho bikomakomeye kandi vy'urutavanako mu micungararo y'ikirimba c'umukuru w'iki gihugu co muri Afrika yo hagati.
Reta ishimangira ko ibintu bimeze neza ku mugwa mukuru N'Djamena.
Muri videwo isa n'iyafatiwe hagati mu kirimba, umushikiranganji w'ico gihugu ajejwe imigenderanire Abderaman Koulamallah yavuze ko hari "akantu gatoya kabaye" ariko ko "vyose bimeze neza".
Amakuru atangwa n'abegereye reta y'iki gihugu avuga ko habaye ukurasana hagati y'abajejwe umutekano "n'abantu bakora iterabwoba".
Itororokanirizo ry'amakuru AFP risubiramwo Koulamallah avuga ko 18 muri abo bateye hamwe n'umwe mu bajejwe umutekano ari bo bishwe.
Kuva ironse intahe y'ukwikukira inyuma yo kwikurako abakoroni b'Abafaransa mu 1960, Tchad, igihugu kidashika kw'ibahari kiri mu buraruko bwa Afrika yo hagati, cagiye gihura n'ibibazo vy'umutekano muke n'intambara, iziheruka zikaba ari izahuje ingabo za reta n'umuhari wa kisilamu wa Boko Haram.
Irongowe na Perezida Mahamat Déby yashizweho n'igisirikare mu 2021 inyuma y'aho se wiwe, Idriss Déby, yiciwe mu ntambara zahuza ingabo za reta n'inyeshamba, inyuma y'imyaka 30 yari amaze ku butegetsi.
Inyuma y'ibi vyaraye bibaye ku mugoroba w'ejo ku wa gatatu, ibimodoka vya gisirikare bitamenwa n'amasasu asanzwe vyarabonetse muri ako karere, amabarabara yose nayo yinjira ku kirimba arugarwa, nk'uko AFP ibivuga.
Muri iyo videwo yacishijwe ku rubuga rwa Facebook, Koulamallah aboneka yambaye inkoho ntoya (pistolet) akikijwe n'ingabo za reta.
Ati: "Nta kintu giteye ubwoba cabaye.
"Turi ngaha kandi tuzokwemera amaraso yacu aseseke mu gukingira igihugu cacu. Nimutekane.
"Iki gikorwa cose co kugerageza guhungabanya umutekano cateshejwe."
Mu nyuma aboneka ariko afata amasanamu aduza n'igipfunsi ari kumwe n'abasirikare.
Koulamallah asubirwamwo na AFP avuga ko iki gitero cakozwe n'umurwi w'abakomando 24, yongerako ko batandatu mu bateye bari bakomeretse.
Avuga kandi ko batatu mu ngabo za reta na bo nyene bakomeretse.
Amavidewo atarahinyuzwa ariko arazunguruka ku mbuga hwaniro yerekana ibiziga abantu bavuga ko ari ivy'abarwanyi ba kisilamu bishwe muri ico gitero.
Abanyagihugu bo ku mugwa mukuru hafi bose bagumye biyugaraniye mu mazu mu gihe amasasu yariko arasirana mu micungararo y'ikirimba c'umukuru w'igihugu, benshi bakaba bibaza ko bari abariko bagerageza gutembagaza ubutegetsi.
Ibi vyabaye inyuma y'amasaha makeyi gusa umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Wang Yi, agendeye iki gihugu, akaba yarabonanye na Déby n'abandi bategetsi bo hejuru.
Hagati aho, ababa ku mugwa mukuru bagize ico bavuga kuri ibi vyaraye bibaye. Umwe muri bo atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, yabwiye BBC ko kwari ukwiyahura ku murwi uwo ari wo wose worondera kwigarurira ikirimba c'umukuru w'igihugu ku maguru.
Ati: "Nk'uwuba i N'Djamena, nta bwoba mfise kuko igisirikare kirakomeye. Mu mavidewo twabonye, abateye barishwe, bakeya muri bona bo barafatwa. Ni vyo ko dushobora kugira ubwoba gato kubera tutaramenya ingene bangana mu gihugu kandi tutazi ingene bazokora".
Uwundi na we yegeka iki gitero ku Bufaransa bwahoze burongoye Tchad mu gihe c'ubukoloni. Abona ko amajambo aherutse kuvugwa na Perezida Emmanuel Macron yo kunegura abategetsi ba Afrika bahagaritse amasezerano n'Ubufaransa ari yo yabaye imbarutso.
Abandanya avuga ati: "Macron yavuze ko abategetsi ba Afrika bibagiye gushimira Ubufaransa ku bufasha bwabwo mu kurwanya iterabwoba. Mu kwishura, Tchad yasohoye itangazo, mbere na Perezida Deby akaba yarishuye ejo, ivyatumye haduka icuka kibi nyaco hagati y'aba baperezida".
Mu mpera z'ukwezi guheze, Tchad yarakoze amatora y'abashingamateka, amatora reta ihayagiza ko ari intambwe ya mbere yo kuva mu butegetsi bwa gisirikare ikaja mu butegetsi bwa gisivire.
Hagati aho, abatavuga rumwe na reta basavye abanywanyi babo kutayitabira kubera bari bafise amakenga ko yari kubamwo ubusuma.
Tchad yahoze ifise ikigo c'ingabo z'Ubufaransa, bwakoresha mu gufasha igisirikare c'ico gihugu ca Afrika mu vy'ubuhinga n'igendereza, be no mu bikorwa vyaco vyo kurwanya iterabwoba mu karere.
Muri Munyonyo (11) umwaka uheze wa 2024, Tchad yarahagaritse amasezerano yo gufashanya mu vyo kwivuna abansi yari ifitaniye n'Ubufaransa, ivyo Koulamallah avuga ko vyari kuyiha akaryo ko "guhagararira vy'ukuri ubwigenge bwayo".
Tchad kandi iri mu karere ka Afrika kahavuye kamenyekana nk'"umurongo w'ama-coups d'Etat" inyuma y'urukurikirane rw'itembagazwa ry'ubutegetsi ryagiye ryibonekeza kuva mu 2020, harimwo muri Mali, Niger na Sudani.