'Nsambanya ku nguvu', umugabo yavyiyemereye mu rubanza rw'abasambanije umugore wiwe ku nguvu

Gisèle Pelicot n'abashingwamanza biwe muri sentare rubamba i Avignon ku wa kabiri

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Gisèle Pelicot n'abashingwamanza biwe muri sentare rubamba i Avignon ku wa kabiri
    • Umwanditsi, Laura Gozzi
    • Igikorwa, BBC News

Muragabe: Iyi nkuru kuva ku ntango iravugwamwo ibintu bibabaje

Dominique Pelicot, umugabo w'imyaka 71 yagirizwa ko yamaze imyaka 10 aha ibiyovyabwenge umugore wiwe kugira amusambanye ku nguvu, yemeye ivyaha vyose aregwa mu ntahe ya mbere yavuzemwo kuva urubanza rutangura ku wa 2 Nyakanga (9).

Avuga ku bagabo 50 bari kumwe muri urwo rubanza aho nabo bagirizwa gusambanya ku nguvu uwo yahora ari umugore wiwe Gisèle, Pelicot yavuze ati: ''Jewe nsambanya ku nguvu nk'abandi bari ngaha [imbere ya sentare]''.

''Bose bari babizi, ntibashobora kuvuga igihushane,'' niko yavuze. 15 bonyene muri abo 50 ni bo bemera icaha co gusambanya ku nguvu, abandi benshi bavuga gusa ko bagiye mu bikorwa mpuzabitsina.

Ku wahoze ari umugore wiwe, Pelicot yavuze ati: ''Ntiyari akwiye [gukorerwa] ivyo bintu.''

''Nari mpimbawe na we,'' niko yabwiye sentare.

Gisèle, yahawe akanya gato ko kuvuga inyuma y'aho, yavuze ati: ''Biragoye cane kuri jewe kwumviriza ivyo bintu. Mu kiringo c'imyaka 50 nabanye n'umugabo ntari kwigera nibaza ko yoshobora gukora ibintu nk'ivyo. Naramwizera ijana kw'ijana.''

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

N'ubwo ata bikoresho vyo gufotora vyemewe muri sentare, urwo rubanza rurarekuriwe gukurikirwa n'uwubishaka wese bisabwe na Gisèle Pilicot, yatanze uruhusha ku burengenzira bwiwe bw'uko umwidondodoro wiwe utamenyekana. Abamwunganira mu mategeko bavuze ko gucira urwo rubanza ku mugaragaro bizohindukiriza ibimaramare ku bagirizwa icaha.

Uwo mugabo Pelicot, w'abana n'abuzukuru, yatanguye abwira sentare ingene mu bwana bwiwe yahuye n'ibintu bimuhahamura avuga ko yahohotewe n'umuforoma w'umugabo igihe yari afise imyaka icenda.

Abajijwe ivy'urugo rwiwe na Gisèle, Pelicot yavuze ko yigeze gushaka kwiyahura umunsi yamenya ko hari uwundi mugabo bagendana.

Muri iyo ntahe yashinze mu gitondo co ku wa kabiri, Pelicot yasubiriyemwo kenshi sentare ko atigeze ''yanka'' umugore wiwe kandi ko vy'ukuri yari ''yaramusariye...naramukunda cane kandi n'ubu ndacamukunda.''

''Naramukunze neza imyaka 40 hanyuma nabi imyaka 10,'' niko yongeyeko, asa n'uwushaka kuvuga iyo myaka 10 yamaze amuha ibiyovyabwenge amusambanya ku nguvu.

Pelicot mu nyuma yabajijwe na Stéphane Babonneau, umwe mu bashingwamanza ba Gisèle, igituma atigeze aronka agatima ko guhagarika kumusambanya ku nguvu, n'igihe yatangura kwerekana ko afise ibibazo vy'amagara.

Mu ntahe zari zimaze kuba muri urwo rubanza, Gisèle yavuze ko yari afise ubwoba ko ariko ararwara Alzheimer’s canke ikivyimba co mu mutwe kuko yaguma atakaza ibiro hamwe no kugenda aribagira. Izo, mu vy'ukuri zari ingaruka z'ibiyovyabwenge umugabo wiwe yamuha.

''Naragerageje guhagarika. Ariko ingeso yari yaramaze gukomera cane, naguma ndabishaka, '' niko yavuze.

''Naguma ngerageza kumwizeza, narahemukiye ukunyizera yari amfitiye. Nategerezwa kuba nahagaritse kare, mu vy'ukuri nta n'ivyo nategerezwa kuba naratanguye.''

Pelicot yagirizwa kandi guha ibiyovyabwenge umukobwa wiwe, Caroline, inyuma y'aho amafoto uwo mukobwa asa n'uwuri gusa, afatiwe muri laptop yiwe. Yari amaze kubihakana kandi no ku wa kabiri yavuze ko atigeze akora ku bana biwe. ''Ndashobora kuraba umuryango wanje mu maso nkababwira ko ata kindi cabaye,'' niko yavuze.

Pelicot yavuze kandi ko ''yafashe iyo ngeso mbi'' igihe, mu 2010, yahura n'umuforoma w'umugabo kuri internet akamubwira ko aha ibiyovyabwenge umugore wiwe, akamusigurira ingene abimuha akanamuha amafoto y'abagore bahawe ibiyovyabwenge. ''Ni uko vyose vyatanguye,'' niko Pelicot yavuze. ''Ibintu vyose vyatanguye ico gihe,''

Mu gace kamwe k'iyo ntahe yo ku wa kabiri, Pelicot yanabajijwe ku ma video ibihumbi yafashe abagabo bariko barasambanya ku nguvu umugore wiwe yataye ubwenge. Izo zatowe n'abariko barakora amatohoza zica ziba kirumara mu kurondera abo bagabo 50 ubu bagirizwa gusambanya ku nguvu.

Pelicot yemeye ko ku ruhande rumwe yafashe izo video mu ''kwiryohera,'' ariko kandi ''nk'icemeza, kuko mu bihe vya none, ni izo [video] zafashije kugira dutore abantu bagiye muri ibi bintu''.

Muri ico gitondo cose, Pelicot yagaragaye nk'uwufise ishaka ryo guhakana kimwe mu bintu nyamukuru abagirizwa bashaka kwireguza, naco kikaba gishingiye ko batari ''bazi'' ko bariko barasambanya Gisèle ku nguvu - mu yandi majambo ko bibaza ko bariko barakora imibonano mpuzabitsina bumvikanyeko na we.

Pelicot yahuriye n'abo bagabo mu cumba co kuyagiramwo ku mbuga hwaniro citwa '' Without her knowledge'' ni ukuvuga ''Atabizi'' ku rubuga Coco ubu rwugawe rwajako amasanamu y'ibishegabo.

''Nta n'umwe nahatiye kubikora, nibo baje kundaba,'' niko yavuze ku wa kabiri. ''Barambajije niba bashobora kuza, hanyuma ndemera. Nta n'umwe nigeze nshirako amapingu kandi nta n'umwe nahaye ibiyovyabwenge.''

Bamwe bavuze ko ''bahendahenzwe'' na Pelicot mu kwibaza ko bari mu mukino aho gusa Gisèle yigira uwusinziriye kuko yari umuntu w'amasoni, kandi benshi bahakanye ko batigeze bamenya ko bariko barafatwa amasanamu.

Pelicot yavuze ko umuntu wenyene ''yahendahenze'' yari umugore wiwe, kandi avuga ko abo bagabo bategerezwa kuba baramenye ko bariko barafatwa amasanamu: ''Hari amaguru kamera ihagararako hari kamera iri kuri yo, uwo ari we wese yarayibona ubwo nyene acinjira mu cumba.''

Pelicot yavuze ko yashaka kwerekana ko umugore wiwe ''yari uwukorerwa icaha atari uwufatanya icaha. Kugaragaza ko vyose vyaba atabizi. Ndazi ko benshi [mu bagirizwa] ivyo babihakana.''

Béatrice Zavarro, umugore yunganira Pelicot, yabwiye imboneshakure France TV ko atazi ico abantu bazokwibaza ku mukiriya wiwe, ariko ko ariko ''arashikiriza ukuri kwiwe''.

Yavuze ko Pelicot ariko ''arafatwa nabi cane [n'imigwi ifise inguvu kumurusha]'' kandi ko n'aho atazi ico umugore wiwe azovuga ku busabe bwiwe bw'ikigongwe, ''kwemera akabi vyatanguye kandi bizobandanya,''

Yavuze ati: ''Tuzoshika ku mpera y'uru rubanza kandi tuzokenya vyose kuri Dominique Pelicot.''

Pelicot, yatowe indwara y'amafyigo no kuba afise utubuye mu mafyigo, ntiyari yagaragaye muri sentare mu kiringo c'indwi yose kubera indwara. Kuri uyu wa kabiri yari gushinga intahe umunsi wose, n'ubwo yaja aremererwa gucishamwo kenshi aruhuka.