Nyuma yo gupfungwa ku kirego yiyemereye co kwica abagore 42, igipolisi kivuga yatorotse.

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Ian Wafula
- Igikorwa, BBC News
Uwukekwa kuba umwicanyi ruhebwa muri Kenya yatorotse agasho, ubu akaba ariko araronderwa cane nk'uko bivugwa n'igiporisi.
Mu kwezi kw'indwi igipolisi cavuze ko Collins Jumaisi Khalusha yiyemereye ko yishe abagore 42, harimwo n'umugore wiwe kuva mu 2022.
Umushingwamanza wa Khalusha arahakana ivyo yagirizwa, akavuga ko uwo aburanira yaborejwe igufa kugira avyemere.
Yari amaze igihe apfungiwe ku gituro c'igiporisi kuva ahagaritswe mu kwezi kw'indwi, ariko ku musi wa kabiri abategetsi bavuze ko Khalusha n'abandi 12 batorotse babanje gukata intsinga zigize igisenge c'agasho hanyuma baca basimba uruzitiro.
Inkuru zivuga ko igiporisi casanze abanyororo batorotse isaha cumi n'imwe zo mu gitondo, igihe bari bagiye kubaha icayi mu gitondo.
Abandi banyororo 12 batorokanye na Khalusha ni abanya Eritreya bari bapfunzwe bazira kwinjira muri Kenya badakurikije amategeko, nk'uko bivugwa n'igiporisi.
Khalusha w'imyaka 33 yafashwe inyuma y'aho hatorewe ibihimba vy'imibiri y'abantu icenda vyatemaguwe mu gisagara ca Nairobi.
Abo bishwe bari bafise imyaka iri hagati ya 18 na 30 kandi bose bishwe mu buryo bumwe, nk'uko bivugwa n'igiporisi.
Ubwo bwicanyi bwarababaje abantu benshi. Benshi bibaza ingene abantu 42 bashobora kwicwa mu kiringo c'imyaka ibiri igiporisi kitabiciye n'ikanda, n'ingene cananiwe gutora aho ivyo biziga vyari vyaratawe mu gace kari ku metero 100 uvuye ku gituro c'igiporisi.
Urwego rucungera uko igiporisi gikora rwaratanguye amatohoza mu ntumbero yo kumenya nimba igiporisi gifise uruhara muri ubwo bwicanyi, bivuye "ku nkuru zakwiragiye zivuga ko igiporisi gifise uruhara mu guhagarika abantu hadakurikijwe amategeko no kubanyuruza."
Ntikirashikiriza icegeranyo.
Muri kahise igipolisi ca Kenya caragirijwe guhonyanga agateka ka zina muntu - ubu kikaba kiriko kiragirwako amatohoza ku mpfu n'abantu banyurujwe bivuye ku myiyerekano y'abagwanya reta.
Igihe Khalusha yafatwa, uwurongoye ikigo kijejwe kugira amatohoza ku bwicanyi (DCI), Mohamed Amin yavuze ati: "Biragaragara ko ari umuntu yasasitse inganda adasonera ubuzima bw'umuntu, atisonera kandi atagira ubuntu."
Mu kwezi kwa Mukakaro (7), umushingwamanza wa Khalusha, John Maina Ndegwa yabwiye BBC ati: "Avuga ko yabanje kunigwa kugira avyemere. Umuntu yovuga ko yari afise ubwoba n'agahinda."
Khalusha yarengutse muri sentare i Nairobi ku munsi wa gatanu, aho umucamanza yategetse ko abandanya apfunzwe iyindi minsi 30 kugira igiporisi kirangize kugira amatohoza yaco nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.
Itorwa ry'ivyo bihimba vy'abantu ryabaye mu gihe igihugu cari kikibabajwe n'iciswe 'ubwicanyi bwa Shakahola', ahatowe ibiziga birenga 400 mu binogo iruhande y'ibahari ya Indiyano.
Umukuru w'idini Paul Mackenzie avugwa ko yahatira abayoboke biwe kwisonzesha kugira "bagende kuraba Yezu".
Yarahakanye kugira uruhara mu mpfu z'abo bantu.










