'Turashobora kumara indwi zibiri ata mazi turonka' mu bukene bw'amazi i Gitega

    • Umwanditsi, Amissi Karihungu
    • Igikorwa, Umunyamakuru, Gitega

Karera ya mbere, Rango, Shatanya, Nyamugari, Yoba… mu ma karitiye atari make y'igisagara ca Gitega, uhura n'abantu biremetse ibibido, ibindi bihetswe ku makinga bavuye kuvoma mu myonga no ku mabombo (robinet) ya rusengo.

''Jewe nk'aho mbaye, turamaze nk'ikiringo c'amezi abiri ata mazi turonka'', bivugwa na Francine Kezimana, umugore wo muri Karera ya mbere nasanze arindiriye kuvoma ku gito kiri ku nkengera y'iyo karitiye.

Si igikorwa coroshe...

''Uje muri uyu mwonga kuvoma, uraza nka samoya y'igitondo [07h] ugasanga uriko utaha saha indwi [13h]'', niko Francine abandanya avuga, ''naho nyene ugasanga ni induru ku gito''.

Avuga ko bishika n'aho baja kudaha amazi mu myonga n'imigazo mito mito ariko naho nyene bagatonda umurongo. Ati ''Ni ukuri abo ku rwego rwo hejuru ni batuvugire, barabe bapfume bongereza ibito''.

Abakozi bo mu mazu bavuga ko akazi kabagora cane

Claver Nzeyimana, umukozi wo mu nzu akaba n'umunyezamu muri karitiye Shatanya namusanze mu mwonga uri hepho y'ihoteri Accolade atonze ku gito kuvoma amazi. Kuva muri Shatanya aho akora gushika aho ntihari munsi y'ibirometero bibiri. Kandi mu gutaha hari akadugo.

Ati: ''Turashobora kumara indwi zibiri ata mazi turonka. Biradukorako cane kuko tuza gutonda mu mwonga tukamara umwanya munini kugira ngo dushikirwe, tukayaronka twarushe''.

Avuga ko baca basanga imuhira ibindi bikorwa vyononekaye. Gusukura utuzu twa surwumwe no kumesa biri mu bica bitera ingorane zikomeye.

'Abahatoreye akajisho'

Muri ubwo bukene bw'amazi no kuja kuyaronderera kure, hari abahaboneye akaryo ku guca amafaranga.

Muri abo harimwo Pfukamusabe Bekere. Atunzwe no kuvoma amazi akayatwara kw'ikinga kuyagurisha. Nawe nyene nasanze atonze ku gito co mu mwonga uri hepfo y'ihoteri Accolade.

Ati: ''Ibido imwe y'amalitiro 20 ndayivomera amafaranga 1000, ngaca ndayishora ku masanganzira Gitega - Ngozi - Muyinga. Umunsi wose rirenga mvoma''.

Avuga ko ku munsi ashobora kuvoma ibido 20, gutyo akaba yinjije amafaranga ibihumbi 20.000.

Kuva mu 2019 igisagara ca Gitega kibaye umurwa mukuru wa poritike w'Uburundi, kigasubirira Bujumbura, kiriko kiraguka ku murindi munini.

Ariko ibikorwa vyo kwongereza no gukwiragiza amazi mu makaritiye vyo vyo ntibikurikira kuri uwo murindi nyene, nk'uko vyemezwa na Avit Nibaruta wo mu kigo Regideso kijejwe amatara n'amazi.

REGIDESO yemeza ko itareze amaboko

Muri iki gihe c'ici ho birunyuka kuko amazi aca agabanuka mu masoko Regideso ivanamwo ayo izana mu gisagara.

Ariko ngo hari utwigoro turiko turakorwa. Avit Nibaruta avuga ko hari umugende w'amazi uriko urubakwa kuva ku musozi wa Gihinga kugira hongerezwe amazi mu gisagara ca Gitega.

Yamara ngo inyishu irama ku kibazo c'amazi muri ico gisagara izova ku mugambi munini wo kuzana amazi avuye ku ruzi rwa Ruvubu.

Ni umugambi uzoba ufashwe mu mugongo n'Ibanki y'Isi, ariko uracari ku rugero rw'ivyigwa bijanye n'irangurwa ryawo.

Mu kurindira, abanyagihugu mu gisagara ca Gitega bidoga ko no kuri ayo mazi make ahari hatagira urutonde rw'ingene amakaritiye akurakuranwa kuyaronswa.