Ukraine: Uburusiya bwabogoje intwazangabo irongoye intambara

Na Will Vernon i Moscou na Laura Gozzi i Londres

BBC News

Perezida Vladimir Putin yabogoje intwazangabo nkuru y’Uburusiya irongoye urugamba muri Ukraine, inyuma y’amezi atatu agenywe muri ayo mabanga.

Umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare Jenerali (Gen) Valery Gerasimov ni we agiye kurongora ico Putin yita “igikorwa kidasanzwe ca gisirikare”.

Gen Gerasimov asubiriye Sergei Surovikin yari amaze imisi ahagarariye ibitero vy’ubugome ku bibanza vy’amasoko ntanganguvu ya Ukraine.

Izi mpinduka zije mu gihe Abarusiya bavuga ko bariko baratera intambwe mu buseruko bwa Ukraine inyuma y’uko batakaje bikomeye ku rubuga rw’intambara mu mezi aheze.

Uburusiya bwatanguje intambara muri Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2), umwaka uheze wa 2022.

Kuva agenywe mu 2012, Gen Gerasimov ni we yamaze igihe kirekire muri iki kibanza c’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare vy’Uburusiya inyuma y’ubutegetsi bw’Abasoviyeti.

Gen Surovikin – icegera ciwe ubu – yataziriwe "Jenerali Armageddon" kubera ubuhinga bwiwe bw’intambara burangwa n’ubugome mu ntambara z’imbere y’aha, harimwo ibikorwa vya gisirikare vy’Uburusiya muri Syria, hamwe cane cane n’ingene yacucagiye bikomeye ibibombe ku gisagara ca Aleppo akakigira umunyota.

Akanya gato inyuma yo kugenwa ngo arongore intambara mu kw’icumi, Uburusiya bwaciye butangura isekeza ryo gusambura ibibanza vy’ibigo ntanganguvu vya Ukraine.

Ivyo vyatumye amamiriyoni y’abanyagihugu baguma mu kizime ata n’amazi bafise imisi itari mike muri kino gihe kigoye c’ubukonje bwinshi.

Yahagarariye kandi ingabo z’Uburusiya igihe ziva mu gisagara ca Kherson mu bumanuko bwa Ukraine – intsinzi yari ikomeye kuri iki gihugu.

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko ingingo yo gusubiriza Gen Surovikin ifise intumbero yo "guhuza ibisata bitandukanye vya gisirikare no gukomeza uburongozi bw’ingabo z’Uburusiya”.

Ariko hari ababona ko iyi ngingo ari ikimenyetso c’uko ashobora kuba yariko agira inguvu nyinshi.

Umuhinga yihweza ibintu n’ibindi mu vya gisirikare Rob Lee yanditse ku rubuga rwa Twitter ati: “Nk’umugaba w’ingabo zose muri Ukraine, Surovikin yariko agira inguvu zidasanzwe, mbere yasa n’uko yariko ararengera [umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya Sergei] Shoigu na Gerasimov iyo hageze kuvugana na Putin".

Bamwe mu Barusiya baratse bandika amakuru ya gisirikare ku mbuga hwaniro, bashigikiye intambara ariko akenshi bakunze kunegura ingene irongowe, baranegura cane uburongozi bwa gisirikare bw’Uburusiya, harimwo n’umukuru mushasha w’iki gikorwa kidasanzwe, Gen Gerasimov.

Itangazo rya nijoro ku wa gatatu risohotse mu gihe intambara zibandanya mu gisagara ca Soledar.

Ifatwa rya Soledar rishobora gufasha ingabo z’Uburusiya mu gusatira igisagara gikomeye ca Bakhmut kiri ku birometero cumi amaja mu bumanuko bushira uburengero, kuko cobaha akaryo ko gushinga ikirindiro ciza mu gutera iki gisagara.

Soledar gifise kandi n’ibimanga vyimbwemwo umunyu, ibi bigashobora gukoreshwa mu kwegeranirizamwo ingabo n’ibikoresho, kandi bakaba bikinze ibitero vya misire za Ukraine.

Umurwi Wagner w’abacangero b’Abarusiya uvuga ko ari wo uriko urasatira kino gisagara.

Ku wa kabiri mw’ijoro, umukuru wawo, Yevgeny Prigozhin, yatangaje ko ingabo ziwe zigaruriye igisagara cose ca Soledar.

Ariko ejo ku wa gatatu, umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya yasohoye itangazo risa n’irivuguruza ivyo avuga – canke ko ingabo z’umurwi wiwe wa Wagner ari zo zonyene ziri muri iyo ntambara.

Ibi vyatumye Prigozhin asubiramwo ivyo yari yavuze ku mugoroba w’ejo ku wa gatatu. Mw’itangazo rigufi yacishije kuri Telegram, yaravuze yirata ko abacangero biwe bishe ingabo zegamiye Ukraine zababa 500.

Yanditse ati: “Igisagara cose cuzuye ibiziga vy’abasirikare ba Ukraine”.

Ukraine iherutse kuvuga amajambo nk’ayo nyene ku vyerekeye ibiziga vy’Abarusiya.

Nta ruhande ataho rwegamiye ruremeza aya makuru.

Ikigo ca Amerika Maxar Technologies cashize ahabona amasanamu yerekana Soledar kuva mu kwezi kw’umunani no mu ntango za Nzero (1), yerekana urugero rw’ingene yasambutse muri zino ntambara za kino gihe.

Ubu budasa busa n’ubwibonekeza ku bivugwa n’abategetsi b’Uburusiya ku vyerekeye Soledar burerekana ko hari ukutumvukana mu burongozi bwa gisirikare mu gihugu, cane cane hagati y’umurwi Wagner n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Ku ruhande rwiwe, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine arahakana ko Soledar yafashwe.

Mw’ijambo ryiwe rya nijoro ku wa gatatu, Zelensky yagize ati: "Reta y’iterabwoba n’abayamamaza bariko bagerageza kwerekana" ko hari intambwe bashitseko muri Soledar, "ariko intambara irabandanya".

Yongerako ati: "Turiko turakora ibishoboka vyose, ata musi n’umwe uvuyemwo, mu gukomeza ubushobozi bwa Ukraine bwo kwivuna umwansi. Ubushobozi bwacu buriko buriyongera”.