Intambara ya Ukraine: Ibizwi ku bitero vya drone za Shaheds kuri Kyiv, Dnipro na Kropyvnytskyi

Umuriro kuri depo y'igitoro

Ahavuye isanamu, Andrii Raykovych / Ubuyobozi bw'intara ya Kirovohrad

Insiguro y'isanamu, Umuriro kuri depo y'igitoro yatewe igisasu

Muri iri joro ryo ku wa 03 Rusama (5), intara zitari nke za Ukraine, harimwo na Kyiv, zahuye n’igitero gikomeye c’Uburusiya. Umukuru w’ingabo avuga ko indege za Irani zitagira abadereva (drones) zakoreshejwe muri ivyo bitero.

Umukuru w’igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere, Liyetena-Jenerali Mikola Olechtchouk, yanditse ku rubuga rwa telegram ati: "Umwansi yakoresheje amadrone y’intambara ashika 26 yo mu bwoko bwa "Shahed-136/131". Ingabo zirwanira mu kirere zasambuye 21”.

Amadrone amaja yavuye mu buraruko – mu ntara ya Bryansk y’Uburusiya, hamwe kandi no mu bumanuko – ku mweha w’ubuseruko bw’ikiyaga ca Azov.

Mw’ijoro buca ari ku wa 03 Rusama, inzamba zo kugabisha zasamiranye i Kyiv no mu ntara zitari nke za Ukraine.

Mu gihe ubuhinga bwo gukingira ikirere bwaciye butangura gukora mu ntara zitari nke, amabombe yumvikanye muri Zaporizhzhia na Dnipro.

Abategetsi ba gisirikare mu gisagara ca Kyiv, batangaza ko amadrone yarungitswe mu micungararo ya Kyiv yabonywe agasamburwa yose. Hagati aho, igitigiri cayo nticamenyeshejwe kandi nta makuru menshi kuri iki gitero yatanzwe.

Intara ya Dnipropetrovsk nayo nyene yatewe, aho amadrone indwi ya Irani yakorowe, ariko imwe ikaba yashoboye gushika ku ntego, nk’uko bivugwa na buramatari Serhiy Lysak.

Ati: "Inyubakwa ya reta yononekaye i Dnipro. Hadutse umuriro, ariko bamaze kuwuzimya”. Avuga ko ata munyagihugu mu bahaba yahakomerekeye.

Aya madrone ya Irani yateye kandi n’ububiko bw’igitoro ahitwa Kropyvnytskyi, nk’uko bivugwa na buramatari w’intara ya Kirovohrad, Andriy Raikovych.

Avuga ko ubwo bubiko bwatewe n’amadrone atatu y’ubwiyahuzi, ariko ko ata muntu yahasize ubuzima.

Mu ntara ya Zaporizhzhia, nk’uko bivugwa n’abategetsi baho, inyubakwa y’uwikorera utwiwe yasenyutse mu gitero c’Abarusiya ca roketi, izindi 40 nazo zirononekara.

Anatoliy Kurtev, umunyamabanga w’inama mpanuzwajambo y’igisagara ca Zaporizhzhia, avuga ati: "Amazu y’abantu bitekaniye bikorera utwabo yatewe n’ibisasu vya misire vyarashwe n’umwansi. Ico gitero cahitanye inzu imwe yasenyutse yose, zibiri zirononekara cane, hamwe n’izindi zababa 40 zononekaye amadirisha n’ibisenge”.

Gushika ubu, Uburusiya ntaco buravuga kuri aya makuru y’urukurikirane rw’ibi bitero bishasha kuri Ukraine.

Bubaye ubugira gatatu Kyiv itewe mu misi itandatu.