‘Putin yitavye inama ya BRICS dutegerezwa kumuhagarika’- Afrika y’Epfo

Putin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ikinyamakuru gikomeye muri Afrika y’Epfo The Sunday Times candika ko abategetsi ba Afrika y’Epfo bariko baragerageza kwumvisha Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) ko yoheba iciyumviro ca Perezida Vladimir Putin co kwitabira inama ihuza ibihugu bihurikiye mu murwi BRICS itegekanijwe kubera muri Afrika y’Epfo mu ci.

Imvo ni umutahe wo kumuhagarika uherutse gusohorwa na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI/ICC y’i La Haye ku vyaha yagirizwa ko yakoze muri Ukraine.

Ishirwa mu ngingo ry’ingingo za CPI ni itegeko ku bihugu vyateye igikumu ku masezerano y’i Roma, Afrika y’Epfo ikaba irimwo.

Abategetsi batavuzwe amazina babwiye iki kinyamakuru ko Pretoria (umugwa mukuru wa Afrika y’Epfo) iri mu biganiro na Moscou, isaba ko Putin yitabira iyi nama ya BRICS (Brazil/Brezili, Russia/Uburusiya, India/Ubuhinfi, China/Ubushinwa na South Africa/Afrika y’Epfo) aciye ku buhinga bwa videwo.

Atari uko naho, abategetsi ba Afrika y’Epfo bazotegerezwa guhagarika uyu mukuru w’igihugu c’Uburusiya bisunze ingingo ya CPI.

Umuvugizi wa reta ya Afrika y’Epfo yabwiye iki kinyamakuru ati: "Arinze aza hano, tuzotegerezwa kumuhagarika”.

The Sunday Times candika ko mu ndwi iheze Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y’Epfo yashinze komite idasanzwe ya reta, irongowe n’icegera c’umukuru w’igihugu, kugira ngo yige icokorwa kuri uno mutahe wo guhagarika Putin.

Nk’uko bivugwa n’uwahaye inkuru iki kinyamakuru, iyi komite ntishobora kubona “inzira iyo ari yo yose ishobora kwemerera Putin kuza mu gihugu”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ati: "Inzira yonyene ishoboka Putin afise yo kwitabira iyi nama ni uko aca ku buhinga bwa Teams canke bwa Zoom ari i Moscou”.

Mu ndwi iheze, ibiro vya Perezida Ramaposa vyasohoye itangazo rivuga ko igihugu ciwe ata migambi gifise yo kwiyonkora ku masezerano y’i Roma ashinga Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha – bitandukanye n’ivyo umukuru w’igihugu we nyene yari yavuze.

Mu mpera za Ntwarante (3), umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov yavuze ko gushika ico gihe ata ngingo yari bwafatwe ijanye n’uko umukuru w’igihugu c’Uburusiya yokwitabira iyi nama izobera i Durban.

Mu 2016, abategetsi ba Afrika y’Epfo barahuye n’ikibazo nk’iki igihe uwari umukuru w’igihugu ca Sudan Omar al-Bashir, na we nyene yari yasohorewe na CPI umutahe wo kumuhagarika, yategerezwa kwitaba inama y’Ubumwe bwa Afrika i Pretoria.

Niho Sentare nkuru ya Afrika y’Epfo yafata ingingo ko kwiyonkora ku masezerano ya CPI guteye kubiri n’ibwirizwashingiro, igihugu kikaba cabandanije kigengwa n’aya masezerano y’i Roma.