Ingabo za Ukraine ku rwasiro: ‘Ibirwanisho biriko biraduherana’

- Umwanditsi, Jonathan Beale
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC ari i Bakhmut
Umwaka uraheze Volodymyr n’abantu biwe bashobora kurasa rokete 40 mu mwanya umwe bakoresheje inkoho ya muzinga yo mu bwoko bwa BM-21 Grad. Ubu bashobora kurasa bike cane ica rimwe ku birindiro vy’Abarusiya.
Asigura ati: "Nta masasu akwiye dufise y’inkoho zacu”.
Abarwanyi biwe, Ibatayo ya 17 y’ibimodoka ntamenwa, babandanya basabwa gutabara ingabo za Ukraine zirwana zita kunkengera ya Bakhmut, igisagara co mu buseruko bwa Ukraine kimaze amezi atari make mu ntambara y’urutavanako aho Uburusiya buriko burondera kucigarurira.
Ingabo z’Uburusiya zitera zegereza intumbero yazo yo gufata iki gisagara, ariko ku kiguzi c’umurengera.
Mu gihe twari turindiriye twinyegeje mu biti kugira ntibatubone, Volodymyr yarahamagawe asabwa gutera igisasu ca muzinga ku kirindiro c’ingabo z’Uburusiya zikoresha vya muzinga cari ku birometero 15.

Abarwanyi biwe baciye bakuma amababi y’ibiti yari anyegeje imodoka yabo. Baciye batera bagenda baca mu gahinga aho tutasubiye kubabona.
Twabonye baduza imiringoti ya muzinga barabisha ku kirindiro c’umwansi, mu gihe ya ndege itagira umudereva (drone) yazunguruka hejuru irêgera neza aho umwansi ari.
Babwiwe ko igisasu ca mbere cahushije, ko caguye ku metero hafi 50, bica biba ngombwa ko batumbereza neza, hanyuma barungika ibindi bibiri, ubwo nyene baca basubira mu biti kwinyegeza. Ubu hoho babwiwe ko bagemye ho nyaho.
Hagati aho, Volodymyr arababajwe n’uko ata kintu kinini bashoboye gukora birenze aho. “Tuba twashoboye gutabara bagenzacu bariko barapfira hariya”.
Avuga ko Ukraine yamaze gukoresha uburyo bwayo bwose ifise mu bubiko bwayo, ko ubu ihanze amaso ku masasu atangwa n’ibindi bihugu. Volodymyr avuga ko amasasu ariko ava muri République tchèque, Roumanie na Pakistan. Aridoga ko rokete ziva muri Pakistan ata “kigenda”.

Ukraine ibandanya isaba inkoho n’amasasu mu gihe intambara ibandanya. Ubu ikiri imbere ni ukwitegurira igitero rutura co kwirukana umwansi. Ariko kandi, Ukraine itegerezwa gukoresha uburyo bwayo ifise kugira ngo ishobore gukingira ibirindiro vyayo.
N’aho iherutse kuronka ibirwanisho vya none, harimwo n’ibimodoka ntamenwa vy’intambara, Ukraine iracagendera cane ku bikoresho vya kera, vyo ku gihe c’ubutegetsi bw’Abasoviyeti.
Inkoho zo mu bwoko bwa Buk zakozwe n’Uburusiya, zikaba zishobora kurasa indege, amadrone n’ibisasu vya misire, kiri mu birwanisho bikomeye Ukraine igenderako. Ni gake dushobora kubona ubu bwoko bw’ibirwanisho ku rwasiro – kandi biguma binyegejwe mw’ishamba.
Iki kirwanisho rutura kirafasha mu kuzibira Uburusiya ko bwigarurira ikirere.
Josef, umukomanda w’ibi birwanisho vya Buk, yambwiye ko "ari co kintu ca mbere kironderwa n’Uburusiya". Ibi bisigura ko ari ugukora ibishoboka vyose mu kugikingira.
Amakuru y’ibanga ya Amerika aherutse gushirwa ahabona ku mbuga ngurukanabumenyi mu ntango z’uku kwezi yerekana amakuru y’igendereza yegeranijwe kuri ino ntambara.
Nabajije Josef nimba aya makuru ari ay’ukuri mu vyo yerekana ko hari ubukene bw’ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Buk. Ashimangira ati: "Oya, ivyo si vyo”. Ariko aremeza ko Buk igoye kubungabunga kandi ko Ukraine ikeneye n’izindi nyinshi.
Ati: "Ntidufise izikwiye. Hari ivyuma vyononekara kandi nta vyo kubisubiriza dufise kuko inganda zibihingura zitari muri Ukraine”.
Josef ntiyiyamiriza gusa ibiri muri ano makuru y’ibanga y’igendereza rya Amerika. Abona ko ata banga na rimwe yashize ahabona.
Abaza ati: "Kubera iki twoshavurira Abanyamerika? Kubera bashize ahabona amakuru Abarusiya bari bamaranye imyaka 20? Birateye isoni!”. Yemeza ko Uburusiya bwamye buzi inguvu z’igisirikare ca Ukraine.
Ariko gushika ubu, Uburusiya ntiburamenya igihe n’aho igitero ca Ukraine co kwivuna umwansi citezwe kizotangurira. Kizoba gikomeye kuko kizoba kirondera ukubohoza ubutaka Ukraine yatakaje. Aho kizotangurira hose, Uburusiya ni ngombwa ko buzotegerezwa gutunganya gushasha ibirindiro vyabwo.
Ariko na Ukraine na yo nyene itegerezwa kuronderera uburyo n’ibirwanisho ingabo nshasha zizoja muri iki gitero. Impande zompi ntizorohewe gushikana uburyo ku rwasiro.

Mu kandi karere hafi ya Bakhmut, ingabo za Ukraine zo muri Brigade ya 80 zirasa ibisasu vya muzinga amajana n’amajana buri musi, mu kugerageza kuzibira ingabo z’Uburusiya zisatira.
Ziriko zirakoresha bimwe mu birwanisho vyatanzwe n’ibihugu vy’uburengero. Serhiy n’ingabo ziwe bakoresha igikoho ca muzinga c’Ubwongereza co mu bwoko bwa L119. Ariko Serhiy avuga ko na bo nyene bakoresha amasasu make make. Avuga ko barekura ibisasu vyababa 30 ku musi.
Ati: "Ubu dufise abasirikare bakwiye, ariko turakeneye amasasu. Amasasu ni ikintu nkenerwa cane”.
Nabajije Serhiy nimba uyu mwaka ari wo ntibukuka kuri Ukraine. Yishura ati: "Mu gihe twokora iki gitero uno mwaka hanyuma tukabohoza ubutaka bwacu, aho tuzotsinda. Ariko bitagenze uko, nta buryo tuzoba dusigaranye bwo kubandanya intambara mu yindi myaka itanu gushika kw’icumi”.
Volodymyr arongoye ibatayo ikoresha vya muzinga wewe ashika kure. Ati: "Igihugu kirarushe, co kimwe n’ubutunzi”.
Afise ubwoba kandi ko mu gihe Ukraine itogira ico ishitseko ku rugamba muri uno mwaka, imfashanyo y'uburengero ishobora kugabanuka.
Ati: "Turafise kandi ubwoba ko incuti zacu zo mu burengero ziriko ziraruhishwa no kudufasha”.










