Ebola muri Uganda yateye impungenge akarere

Uwikingiye mu maso

Ahavuye isanamu, AFP

Ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko vyasohoye ubutumwa bwo kugabisha inyuma y’aho hatangarijwe ko muri Uganda hadutse ikiza ca Ebola.

Ku wa mbere abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri Uganda bemeje ko hari umugabo w’imyaka 24 yishwe na Ebola inyuma yo kwaduka hari haheze imyaka itavuzwe muri ico gihugu.

Kuri uyu wa kane naho, abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri Uganda bemeje ko hari abandi bantu indwi batowe Ebola kuva bitangajwe ko ico kiza casubiye kwaduka mu gihugu.

Igihugu kibanyi za Tanzania camenyesheje ko camaze gushira ku bibanza bikukuru bikuru vy’ubwinjiriro harimwo ibibuga vy’indege n’ivyambu vyo ku mipaka abantu bajejwe gucungera ibijanye n’iyo ndwara.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganiji bw’amagara y’abantu yasavye abakuru b’ama komine, na cane cane mu turere two ku mbibe, kuguma barikanuye no gukomeza ibikorwa vyo gucungera.

Yamenyesheje ko imigwi yo gucungera yakabuwe kugira ije irasuzuma abantu b’ivyago vyinshi vyo kwandura, harimwo ingenzi n’abakozi bo kwa muganga.

Yanasavye abanyagihugu kwiyubara cane iyo bagize ingendo muri Uganda na Republika ya Demokrasi Congo.

Muri Somalia, ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwavuze ko buriko burakorana n’ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu hamwe n’amakompanyi y’indege n’ayandi kugirango ico kiza ntikibinjirane.

Bwavuze ko buriko burakorana n’ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu (OMS/WHO) kugira bugire imyiteguro ikenewe hafatwe n’ingingo zikenewe, harimwo gusuzuma abinjira mu gihugu.

Jane Aceng

Ahavuye isanamu, TWITTER/UGANDA MINISTRY OF HEALTH

Insiguro y'isanamu, Ku wa mbere niho umushikiranganji ajejwe amagara muri Uganda, Jane Aceng, yamenyesha ko Ebola yasubiye kwaduka muri ico gihugu

Abo bantu bashasha bishwe na Ebola ni abo muri district ya Mubende mu maja hagati muri Uganda aho vyemejwe ko umugabo w’imyaka 24 yapfuye mu ntango z’iyi ndwi inyuma yo kugaragaza ibimenyetso vya Ebola. Umwe ni uwo muri district bihana urubibe n Mubende.

Abategetsi bariko baratohoza kandi kugira bamenye niba urupfu rw’abandi bantu indwi rwoba rwatewe na Ebola, muri abo harimwo umwana w’umukobwa w’umwaka umwe.

Iri ribaye irya gatatu muri Uganda hadutse ikiza ca Ebola y’ubwoko bwa Sudan.

Abantu 40 bafise aho bahuriye n’umuryango wamenyesheje bamwe muri abo bafashwe ubu baratowe, 11 bakaba bashizwe ukwa bonyene.

Abahinga bavuga ko Ebola y’ubwoko bwa Sudan ubundi izwi kuba uidafise urugero rununi rwo kwandukira, rwo kurwara no gupfa ugereranije na Ebola y’ubwoko bwa Zaire.

Abategetsi ba Uganda baguma bizeza abanyagihugu n’amakungu ko bafise ubushobozi bwo kuzibira ico kiza kitararandagata.

Ebola ni iki?

  • Ebola ni virus ibanza gutera umuntu kururumba umuriro vuba
  • Gucika intege bikomeye, kuribwa ingingo no kubabara mu muhogo
  • Hakurikira kudahwa, gucibwamwo no kuva amaraso imbere n'inyuma
  • Abantu bayanduzwa n'amatembabuzi ayo ari yo yose y'umuntu yayanduye
  • Abayirwaye kenshi bicwa n'umwumira, n'ingingo z'imbere mu mubiri zikononekara ari nyinshi