Uganda yemeje ko ikiza gishya cya Ebola cyageze mu gihugu

Minisitiri w'ubuzima wa Uganda Jane Aceng mu kiganiro n'abanyamakuru

Ahavuye isanamu, Twitter/Uganda Ministry of health

Insiguro y'isanamu, Minisitiri w'ubuzima wa Uganda Jane Aceng mu kiganiro n'abanyamakuru ubwo yatangazaga ko umuntu wanduye Ebola yapfuye

Umugabo w'imyaka 24 wanduye Ebola yapfuye rwagati muri Uganda, mu kiza gishya cyemejwe n'abategetsi bo mu rwego rw'ubuvuzi.

Minisitiri w'ubuzima wa Uganda Jane Aceng yabwiye abanyamakuru ko uwo muntu yari yagaragaje ibimenyetso bya Ebola mbere yuko iyi ndwara imwica.

Yari atuye mu cyaro cya Ngabano mu karere ka Mubende, kari ku ntera ya kilometero hafi 147 uvuye mu murwa mukuru Kampala.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: BBC ntibazwa ibiva ku zindi mbuga.

Impera ya X ubutumwa

Mu itangazo, ishami ry'umuryango w'abibumbye ryita ku buzima (OMS/WHO) ryavuze ko iyo Ebola ari iyo mu bwoko urebye budakunze kuboneka bwa Ebola ya Sudan, bwemejwe n'ikigo cya Uganda cy'ubushakashatsi kuri za virusi.

OMS ivuga ko abantu umunani bacyekwaho kugira ibimenyetso bya Ebola barimo kwitabwaho kwa muganga, kandi ko irimo kohereza abakozi bayo muri ako gace yagaragayemo.

Uganda yaherukaga gutangaza ubwandu bw'ubwo bwoko bwa Ebola mu mwaka wa 2012.

Dr Matshidiso Moeti, ukuriye akarere k'Afurika muri OMS, yagize ati:

"Ku bw'ubuzobere [bwa Uganda], habaye igikorwa cyo mu buryo bwihuse mu gutahura virusi kandi dushobora gushingira icyizere cyacu kuri ubu bumenyi kugira ngo duhagarike ikwirakwira ry'ubwandu".