Uganda yarishe DR Congo igice ca mbere c’indishi y’akababaro

Uganda ivugwa ko yafatanije n'imirwi y'inyeshamba mu kunyaga inzahabu mu ntara ya Ituri

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Uganda ivugwa ko yafatanije n'imirwi y'inyeshamba mu kunyaga ubutare mu ntara ya Ituri

Ubushikiranganji bw’ubutungane bwa Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo (DRC) buvuga ko Uganda yahaye ico gihugu igice ca mbere kingana n’imiriyoni 65 z’amadorari y’abanyamerika nk’ihadabu itegerezwa kuriha ku ntambara yateje muri ico gihugu.

Sentare mpuzamakungu yaciriye Uganda ihadabu y’imiriyoni 325 z’amadorari y’abanyamerika izotegerezwa guha DR Congo nk’indishi y’akababaro kubera intambara yateje mu buseruko bw’ico gihugu haraciye imyaka yababa 25.

Iyo sentare yagiriza Uganda ko yakoreye muri ico gihugu co mu karere k’ibiyaga binini ivyaha bitari bike vy’ihonyanga ry’agateka ka zina muntu, harimwo ubwicanyi.

Ni urubanza rwari rumaze igihe kitari gito, rukaba rwari rwugurujwe mu 1999 muri Sentare nkuru ya ONU.

Mu kwa mbere uno mwaka, iyi Sentare mpuzamakungu yategetse ko Uganda izotegerezwa kuriha iyi hadabu mu bice bitanu, kimwe kimwe kingana n’imiriyoni 65 z’amadorari.

Kubona Uganda ihaye reta ya Congo izi miriyoni 65 z’amadorari y’abanyamerika ni ikimenyetso ko imigenderanire hagati y’ibi bihugu bibiri yateye imbere cane.

Ni ikintu kandi kidahuse kiraba aho igihugu kanaka cemera ko cahonyanze amategeko mpuzamakungu.

Mu 2005, sentare mpuzamakungu yavuze ko igitero ca Uganda mu buseruko bwa Congo catumye abasivire bicwa abandi bagakorerwa iyicarubozo, mu gihe ibigwati navyo vyahatikiriye.

Iri kumwe n’Urwanda, Kampala yashigikiye inyeshamba zashaka gutembagaza ubutegetsi bwa Perezida Laurent-Désiré Kabila.

Ibindi bihugu bitatu, Zimbabwe, Angola na Namibie, vyahavuye vyinjira muri iyo ntambara mu ntumbero yo gutabara ubutegetsi bwa Perezida Kabila.

Bizwi ko iyo ntambara yahitanye abantu barenga imiriyoni zibiri, bamwe bishwe n’abasirikare canke n’inyeshamba, canke biturutse ku nzara n’indwara.