'Reta y'Uburundi ibandanya gutera ubwoba, gukubagura no gupfungira abantu ubusa' - Amnesty International

Perezida Ndayishimiye atambuka kuri 'tapis rouge' akikijwe n'abasirikare

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE

Insiguro y'isanamu, Perezida Evariste Ndayishimiye agishika ku butegetsi, bamwe mu bapfungwa nk'abamenyeshamakuru bararekuwe, ariko nyuma abandi batabwa muri yompi

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu kw'isi, Amnesty International ryagiriza prezida Evariste Ndayishimiye ko inyuma y'imyaka ine amaze ku butegetsi yagumye aburabuza abaharanira agateka ka zina muntu n'abamenyeshamakuru.

Mu cegeranyo iryo shirahamwe ryasohoye ryise 'Uburundi: Imvungo itandukanye n'ingiro; ituratuzwa ry'amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike rirabandanya ku ntwaro ya Evariste Ndayishimiye', cerekana mw'ido n'ido ingene abari mu mashirahamwe ata ho yegamiye mu Burundi baburabujwe muri iyi myaka ine iheze.

Iryo shirahamwe rigira riti:"Mu myaka ine Prezida Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi, abaharanira agateka ka zina muntu, abamenyeshamakuru n'abatavuga rumwe na we muri politike babandanya guterwa ubwoba, gukubagurwa, guhagarikwa no gupfungwa hadakurikijwe amategeko no gucibwa imanza z'akarenganyo."

Kiranerekana n'ingene ibintu vyosubira mu buryo imbere, mu gihe n'inyuma y'amatora y'abashingamateka yimirije kuba mu 2025.

Uwurongoye akarere k'ubuseruko n'ubumanuko bwa Afrika muri Amnesty International, Tigere Chagutah agira ati:"Ituratuzwa ry'amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike ribandanya ryaburijemwo icizere c'impinduka zigaragara za reta kuri ayo mashirahamwe mu kuyugururira urubuga rwo kuganiriramwo ibibazo nkoramutima bijanye n'agateka ka zina muntu mu Burundi."

Amnesty International ivuga ko, inyuma y'aho ashikiye ku butegetsi, prezida Ndayishimiye yerekanye ibimenyetso vyo gutezurira amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike n'ibimenyeshamakuru; abaharanira agateka ka zina muntu 2 n'abamenyeshamakuru 4 bari bapfunzwe bazira akazi kabo bose bararekurwa mu mwaka wa mbere ashitse ku butegetsi.

Icegeranyo c'iryo shirahamwe kivuga ko uko kurekurwa kwahuriranye n'utwigoro two gusubiza hamwe n'amakungu cane cane Ubumwe bwa Buraya (EU) n'ibihugu bigize iryo shirahamwe.

Bamwe mu bihweza ibintu n'ibindi bari bizeye ko uko kurekurwa cari ikimenyetso co gusubira kwiyemeza kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Muri Ruhuhuma ( ukwa 2) 2022, EU na reta y'uburundi baramenyesheje ko abategetsi b'ico gihugu biyemeje guteza imbere agateka ka zina muntu, co kimwe n'intwaro ibereye no kwubahiriza amategeko, ariko ico cegeranyo gisigura ko icizere cose c'uko ibintu bigiye guhinduka camaze umwanya urume rumara.

BBC Gahuzamiryango yararondeye kumenya ico abategetsi b'Uburundi bavuga kuri iki cegeranyo, iranabandikira kuri WhatsApp ariko nta nyishu batanze.

Abategetsi b'Uburundi bakunze kwiyamiriza ivyegeranyo vy'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu bibatunga urutoke ko bagahonyanga, bavuga ko ata shingiro bifise.

Amnesty International ivuga ko yavuganye n'abantu 30, irihweza inyandiko zo mu bucamanza, amakuru yavuzwe n'ibimenyeshamakuru, amajambo y'abategetsi n'amatangazo.

Iryo shirahamwe rivuga ko ryandikiye reta y'Uburundi kugira igire ico ibivuzeko ariko gushika ubu ngo nta nyishu riraronka.

Agatotezo karabandanya

N'aho abaharanira agateka ka zina muntu n'abamenyeshamakuru bari bahagaritswe prezida Ndayishimiye atarashika ku butegetsi barekuwe, abandi barasubiye guhagarikwa hadakurikijwe amategeko.

Aha ico cegeranyo kigaruka ku mushingwamanza Germain Nkina yahagaritswe muri Gitugutu (ukwa 10) 2020, uwahoze ari umushingamateka Fabien Banciryanino n'umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yari yahagaritswe muri Myandagaro (8) 2022. Bose ubu bakaba bararekuwe.

Tigere Chagutah avuga ko "ivyaha bijanye no 'kugumuka' no 'guhungabanya umutekano w'imbere mu gihugu' ari vyo bibandanya kwegekwako abaharanira agateka ka zina muntu n'abamenyeshamakuru.

"Ukuntu ivyo vyaha bikoreshwa mu gucecekesha abatavuga rumwe na reta, n'igitutsi ku gateka ka zina muntu, cane cane ku burenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro, bwo kugira ishirahamwe no kugira ikoraniro mu mutekano."