Umugwi wa ONU uvuga ko agateka ka muntu mu Burundi kagihonyangwa

Doudou Diene

Ahavuye isanamu, FABRICE COFFRINI

Insiguro y'isanamu, Doudou Diene yavuze ko "inyuma y'igisa n'uko ibintu vyasubiye mu buryo, amabi akomeye yo guhonyanga agateka ka zina muntu abandanya mu gihugu"

Umugwi wigenga wa ONU wo gutohoza ku mabi ahonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi uvuga ko n'ubwo umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yiyemeje guteza imbera ako gateza ngo n'ubu nta ngingo zifadika zirafatwa muri iyo nzira.

Doudou Diene arongoye uwo mugwi umaze imyaka itanu yabivugiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku munsi uwo mugwi wari uramutse ushira ahabona icegeranyo cawo kigira gatanu.

Mw'ijambo ry'intangamarara, Doudou Diene yavuze ko "inyuma y'igisa n'uko ibintu vyasubiye mu buryo, amabi akomeye yo guhonyanga agateka ka zina muntu abandanya mu gihugu".

Reta y'Uburundi yagumye ihakana ivyegeranyo uwo mugwi wagiye urasohora ivuga ko ari ibinyoma kandi bifise intumbero ya poritike.

Urubuga rwa demokrasi rurugaye

Uwo mugwi uvuga ko kuva Prezida Ndayishimiye ashitse ku butegetsi haraheze amezi 15 "uretse ko amabi akomeye cane yabandanije akorwa, ku mpande zimwe zimwe, ibintu vyarunyutse".

Uwo mugwi utanga akarorero k'abantu bo mugambwe utavuga rumwe na reta, CNL, abahoze mu gisirikare ca kera bagwiriyemwo abatusti na bamwe mu bahungutse bafashwe n'abajejwe umutekano bagirizwa gukorana n'abitwaje ibigwanisho kuva aho hagabiwe ibitero mu kwezi kw'umunani mu 2020.

Umugwi uvuga ko bamwe "bishwe ata rubanza baciriwe, abandi baburirwa irengero, abandi nabo barapfungwa ata mategeko akurikijwe".

Uwo mugwi uvuga ko n'ubwo icuka ca poritike casa n'icabaye ciza inyuma y'amatora yo mu 2020, ukutihanganira abatavuga rumwe n'ubutegetsi n'ubu bigikomeye cane.

N'aho hatangwa akarorero ku banywanyi b'umugambwe CNL babandanya gukorerwa amabi atandukanye harimwo kuburwa irengero, gufatwa bidaciye mu mategeko no kuborezwa igufa na cane cane kuva mu kwezi kwa gatandatatu mu 2021.

Prezida Evariste Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Ndayishimiye agishikira ubutegetsi yavuze ko agiye guhagurukira ivy'agateka ka muntu ku buryo ata shirahamwe rizosubira kubimwibutsa

Abagirizwa ayo mabi basa n'abasanzwe bavugwa mu bindi vyegeranyo. N'abo mu rwego rw'iperereza, abapolisi, hamwe n'imbonerakure, urwaruka rw'umugwambwe uri ku butegetsi.

Umugwi uvuga ko abakora ayo mabi batigera babibazwa imbere y'ubutungane hanyuma ngo babihanirwe.

Abagize uwo mugwi ntibigeze bashika mu Burundi gukora amatohoza yabo.

Yishura kuri ico kibazo, Françoise Hampson, icegera c'umukuru w'uwo mugwi yavuze ko badashobora kuja mu gihugu reta yaco itabahaye uruhusha.

Ariko yemeza ko ubuhinga bwa none bwatumye bashobora kuvugana n'abakozweko n'amahano atandukanye bari mu Burundi.

Ivyo gushima

Umugwi ugaruka ku bamenyeshamakuru bane b'ikinyamakuru Iwacu bafunguwe mu kwezi kwa 12 mu 2020 ku kigongwe c'umukuru w'igihugu, gusa ngo ntivyigeze bivugwa ko bari bafashwe bazira gukora umwuga wabo.

Hari n'abaharanira agateka ka zina muntu barekuwe harimwo Germain Rukuki.

Gusa uwo mugwi uvuga ko ivyo ari ibimenyetso gusa.

Muri rusangi uvuga ko ubucamanza bugikoreshwa n'ubutegetsi nk'igikoresho co gucinyiza abatavuga rumwe nabwo, hakongerako ibiturire vyabumugaje na reta ubwayo iherutse kwiyemerera.

None mu myaka itanu uwo mugwi wafashije iki?

Muri iyo myaka itanu umaze ukora, ivyeregaranyo vyawo vyagumye vyiyamirizwa na reta y'Uburundi.

Françoise Hampson avuga ko akazi k'umugwi ujejwe gukora amatohoza atari ako guhindura ibintu.

Avuga ati: "Umugwi ujejwe gutohoza no gushira ahabona mu buryo buzira akanenge bushoboka ingene ibintu biba vyifashe", akongerako ko hari izindi nzego zijejwe gukoresha ivyegeranyo umugwi wasohoye kugirango ibintu bihinduke.

Umugwi ugiye kugumaho?

Doudou Diene nawe amwunganira avuga ati "Twari dusigaye turi urwego rwigenga rumwe rwonyene rwakurikirana ibibera mu Burundi" kuko izindi nzego zose zabikora reta y'Uburundi yashoboye kuzicecekesha.

Avuga ko ikintu gihambaye kwari ugushobora guha ijambo "abakorewe amabi kuko akenshi iyo abo batavuze" bica bimera nk'uko ayo mabi atakozwe.

Reta y'Uburundi yasavye kuva kera ko uwo mugwi wovaho.

Wari umaze imyaka itanu uguma wongerwa ikiringo.

Ingingo ya kazoza kawo izofatwa mu nama y'urwego rwa ONU rujejejwe agateka ka zina muntu iriko iraba muri uku kwezi kw'icenda.

Nihanaho hazoshiririzwa icese ico cegeranyo gishasha.

Françoise Hampson avuga ko abagize uwo mugwi atari bo bisabira ko umugwi wabo ubandanya canke urangirizwa ikiringo. Bikorwa n'ibihugu bigize urwo rwego.

Gusa avuga ko ''amakungu akeneye urwego rwo kuguma rushinze ijisho ibibera mu Burundi".