Yasavye imbabazi kubera video yiwe yahamagarira abato muri Afrika y'Epfo kuja 'mu buzi mu Burusiya'

Ahavuye isanamu, Gallo Images/Getty Images
- Umwanditsi, Khanyisile Ngcobo
- Igikorwa, BBC News in Johannesburg
Umunyafirika y'Epfo w'icamamare ku mbuga hwaniro, afise ivyo ahuriyeko n'ikigo gitanga akazi kitabonwa kumwe mu Burusiya, yasavye imbabazi ku ruhara afise mu kwamamaza ico kigo gitanga akazi, abibwira urwaruka rwa Afrika y'Epfo, mu gihugu abakiri bato benshi bipfuza cane kuronka akazi.
Cyan Boujee, izina ryiwe ry'ukuri ni Honor Zuma, yaje gusuzumwa inyuma y'aho imwe mu ma video yashize ku mbuga hwaniro yamamaza akazi ku bagore bari hagati y'imyaka 18 na 22, imariye gukwiragira.
Ivyo vyatumye Leta itanga imburi ku bijanye n'uwo mugambi, igabisha abantu ku kaga gashobora guterwa n'icuruzwa ry'abantu n'"akazi katagengwa n'amategeko azwi mu mahanga".
Uwo mugore w'imyaka 24 yabwiye abamukurikira 902.000 kuri Instagram ati: "Nkimara kubona ibivugwa ku nkuru zanje no ku ma video yanje... naramenye ko ivyo atari ikintu gihuye n'ivyo nemera."
Uwo azwi cane kw'izina rya Cyan, yakuye amasanamu y'ivyo yari yamamaje ku nkuta ziwe ziri ku mbuga hwaniro. Iyo video yabwira abakiri bato ko bazohabonera amahirwe yo kugira intango nziza mu rugendo rwabo rw'ubuzima bw'akazi.
Mu video yafatiwe muri Tatarstan mu Burusiya, akayishira mu mpera z'indwi iheze kuri TikTok, aho afise abamukurikira imiliyoni 1,7, Cyan yari yavuze ko ari "imyaka ibiri y' intango ku bashaka kunonosora ubuhinga mu mwuga - naho nyene atatomora iyo myuga avuga iyo ariyo.
Yari yarasiguye ko abo bazoja kurondera ako kazi bashika bagahabwa kandi bakigishwa ukuntu bagakora n'uko bavuga ikirusiya.
Hariho ibivugwa vy'uko bamwe mu bagiye gukorera muri Tatarstan barungitswe gukora mw'ihinguriro ry'ibirwanisho, bagakora indege zitajamwo umudereva zikoreshwa mu ntambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine.
Mu gusaba imbabazi kuri Instagram, Cyan yemeye ko "ugucuruza abantu ari ikintu ( icaha) gikomeye cane", kandi ko ivyo abantu bishuye (kuri iyo video) vyamubereye "isomo rikomeye" haba kuri we ndetse n'abandi bose bakurikirwa n'abantu benshi ku mbuga hwaniro.
Ati: "Nari nzi ko iki ari ikintu ntegerezwa gukuraho (gufuta) ubwo nyene, ntarinze kwitaho amahera".
"Ndasaba imbabazi kandi nizera ko ivyo atari ikintu kizosubira gushika."
Hariho ukutumvikana kwinshi ku mbuga ngurukanabumenyi kubera ayo masanamu ya video, hashizweho irwandiko rushigikiwe n'abantu barushizeko igikumu, rusaba abafise ububasha bwo kwumvwa na benshi (influencers) ku mbuga hwaniro, rubasaba ko bakazikoresha mu kumenyesha ababakurikira "amabi n'ibimenyetso vy'ubucuruzi bw'abantu."
Abategetsi baratanguje itohoza kuri ico kigo ciyita ko gitanga akazi. Icegera c'umushikiranganji w'ubutungane Andries Nel yavuze ko "ivyo bita amahirwe" akenshi "bifitaniye isano n'ingorane zikomeye zo gukoresha nabi abakozi n'ugucuruza abantu".
Yavuze kuri uyu wa gatatu ati: "Ntimuze mwigere mwizigira gusa amatangazo yo ku mbuga ngurukanabumenyi canke amatangazo yo ku mbuga hwaniro abasanga aho muri mutayirondereye, mwame mugenzura munasuzume ukuri kw'ayo mahirwe mubarigwa mubicishije mu nzira zizwi.
Hamwe mu bibanza bikuru bishaka abo bakozi muri uwo mugambi wamamazwa na Cyan n'abandi bantu bafise ababakurikira benshi ku mbuga, ni akarere kadasanzwe k'ubutunzi muri Tatarstan, aho bivugwa ko hari amahinguriro y'ibirwanisho.
Icegeranyo c'ishirahamwe rirwanya ubugizi bwa nabi hagati y'ibihugu vy'isi yose casohowe muri Rusama, carasuzumye ukuntu abantu bahamagarwa kuja gukora akazi muri uwo mugambi "start".
Raporo yabo ivuga ko " abahendwa ngo bagiye guhabwa akazi batababwiza ukuri ku bijanye n'ako kazi ako ari ko, uko kameze, uko bazobaho n'amahirwe yo kuhungukira ubumenyi", yongerako ko intumbero ari ugushigikira "umugambi wo gucura drones."
Benshi bakora "mu nganda z'indege zitajamwo umudereva, mu gihe abandi bakora nk'abakozi bo gufasha abandi bakozi - mw'isuku no gutanga ibifungurwa".
Muri imwe mu ma video yiwe ubu yamaze gufuta, Cyan yavuze ko "abakobwa bafatwa neza hano - abava muri Afrika, muri Aziya, Amerika y'Epfo."













