Abanya-Nigeria mu kigandaro c'umugore bivugwa ko yaciwe umutwe n'umuririmvyi w'indirimbo z'Imana

Salome Adaidu yari afse imyaka 24

Ahavuye isanamu, Salome Adaidu / Facebook

Ku mbuga hwaniro, Abanya-Nigeria barababajwe n'urupfu rw'umugore bivugwa ko yaciwe umutwe n'umugabo avugwa ko yari umukunzi wiwe mu ntara ya Nasarawa.

Ku wa Mungu, igipolisi cahagaritse Timileyin Ajayi, umuririmvyi w'indirimbo zihayagiza Imana, afise uwo mutwe wa nyene kugandagurwa, Salome Adaidu w'imyaka 24, hafi y'isengero.

Bivugwa ko yari atekeye uno mutwe mu mufuko, ivyatumye abandi bantu bamugirako amakenga baca baramufata baramukamvya, imbere y'uko abapolisi bashika bagaca bamutwara.

Bivugwa ko ibindi bihimba vy'umubiri w'uno muhisi vyari vyahimbaguwe vyabonetse mu nyuma muhira iwe (kwa Ajayi).

Ajayi ntaco yavuze kuri ibi yagirizwa.

Umuvugizi w'igipolisi ca Nasarawa, Ramhan Nansel, yasubiwemwo n'ikinyamakuru the Punch gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi avuga ati: "Uwikekwako icaha yafashwe afise umutwe w'umuntu wari ukiri mushasha, tumaze kuhashika tukaba twamutabaye tumukura mu minwe y'abanyagihugu."

Igipolisi kivuga ko amatohoza ku vyabaye ariko abandanya.

Umuryango wa Adaidu usaba reta ya Nigeria gukora amatohoza yimbitse no gushengeza uwamugandaguye.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umugenzi w'umuhisi, Abby Simon, yabwiye igisata ca BBC gikoresha ururimi rw'igi-Pidgin ko ari umubabaro kuri nyina wa Adaidu hari haciye amezi indwi yonyene umugabo wiwe apfuye. Avuga ko nyina wiwe yaravye kubera umubabaro yagize wo gutakaza umukobwa wiwe.

Avuga kandi ko uno muhisi ata migenderanire yari afitaniye n'uno yikekwa kumugandagura.

Ati: "Nta n'umwe akwiye gupfa muri ubu buryo. Nubwo yoba yari umukunzi wiwe, ntiyari akwiye gupfa muri ubu buryo."

Umuvukanyi w'uno muhisi, Patience Adaidu, yabwiye imboneshakure yo muri ico gihugu News Central ko yababajwe n'ingene abapolisi bariko baravyifatamwo, aca atera akamo Abanya-Nigeria ko bofasha.

Ati: "Abapolisi nta nkuru n'imwe baduhaye kuri mwenewacu […] ntibishuye ibibazo vyacu […] dusaba ubutungane, turakeneye ko Abanya-Nigeria badufasha."

Inyuma y'ivyabaye, Abanya-Nigeria bariko bandika ubutumwa bwo guhoza umuryango wabuze.

"RIP [Iruhukire mu mahoro] Salome Adaidu. Uwakwishe nta mahoro azokwigera aronka n'inyuma y'urupfu."

Amara Josephine yanditse ku rubuga rwa X ati: "Irya shusho iteye ubwoba y'uno mukobwa yambabaje ku mutima. Ndasabiye umuryango wiwe."