Umunya-Nigeria yemerewe ikigongwe amaze imyaka 10 arindiriye kunyongwa kubera kwiba inkoko

Ifoto itari nziza cane yerekana umutwe wa Segun Olowookere. Afise umushatsi muke akaba yambaye agapira gatukura n'ikoti yirabura

Ahavuye isanamu, Remi Tunde

    • Umwanditsi, Mansur Abubakar
    • Igikorwa, BBC News, Kano

Umugabo w'umunya-Nigeria yari amaze imyaka 10 ari ku rutonde rw'abanyongwa kubera yivye inkoko n'amagi yemerewe ikigongwe n'umukuru w'intara ya Osun iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Nigeria.

Segun Olowookere yari afise imyaka 17 mu 2010 igihe yafatwa hamwe n'uwo bari kumwe, Morakinyo Sunday.

Vyavuzwe ko bateye urugo rw'umuporisi n'uwundi muntu bafise inkoho ishaje y'igiti n'inkota ariko nta kindi batwaye atari inkoko.

Mu 2014, umucamanza Jide Falola wo muri sentare nkuru ya Osun yaciriye abo babiri igihano co kwicwa banyonzwe amaze kwemeza ko bagirwa n'icaha co gutera urugo rw'uwo muporisi bakiba ivyiwe.

Ico gihe abantu barasemereye kuko bumva ko ico gihano cari gihanitse cane.

Abo babiri baciye bimurirwa mw'ibohero rya Kirikiri ricunzwe cane ryo mu ntara ya Lagos aho bashizwe mu ruhande rw'ababa barindiriye kunyongwa (kwicwa).

Mw'itangazo, umukuru w'intara Ademola Adeleke yatanze amabwiriza ko Olowookere ategerezwa kugirirwa ikigongwe kugira ngo hubahirizwe ubuzima kuko ari katihabwa.

''Nahaye amabwiriza komiseri w'ubutungane ngo atanguze inzira yo guha ikigongwe uwo musore.

''Osun ni intara y'ubutungane kandi itagira nkunzi. Dutegerezwa gukorera ibibereye uwo ari we wese no gukingira ubuzima kuko ari katihabwa,'' niko umukuru w'intara yanditse kuri X (yahoze ari Twitter).

Ivyerekeye Morakinyo Sunday, yari yakatiwe hamwe na Olowookere, ntibizwi kuko izina ryiwe ritavuzwe muri iryo tangazo.

Abavyeyi ba Olowookere n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n'abandi banya-Nigeria bari bamaze imyaka bagwana ngo arekurwe.

Abavyeyi biwe mu minsi bari mu kiganiro aho bari batakamvye basaba ko umwana wabo w'ikinege (ruku,bi) yogirirwa ikigongwe.

Vyitezwe ko azorekurwa mu ntango za 2025.

Nta muntu aranyongwa muri Nigeria kuva mu 2012 ariko ubu hari abantu barenga 3.400 ku rutonde rw'abarindiriye kunyongwa.