Ubuki bwoba ari bwiza ku magara kuruta isukari?

Ubuki

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGES

Ko busosa kurusha isukari kandi bukaba ingaburo y'akamaro incuro zibiri kuruta isukari, ubuki bushobora gusubirira isukari isanzwe? Jo Lewin, umuhinga yemewe mu ngaburo, ariga ivyiza n'ibibi vy'ico kiribwa gikundwa cane.

Murondera ivyosubirira isukari, ivyo mushira mu mitsima itarimwo isukari canke mukeneye gusa kumenya urugero umuntu yofata ku munsi ku munsi, inyishu zose murazisangamwo...

Ubuki bukorwa gute?

Ubuki n'amatembabuzi asosa akorwa n'inzuki mu buki bw'amashurwe, bukaba bufise uruhara ntangere mu kubaho no kugaburira ibiguri vy'inzuki.

Uruyuki rumwe rukora inusu y'akayiko k'ubuki mu buzima bwarwo. Uravye amatoni n'amatoni y'ubuki bwimburwa kw'isi, vyumvikana ko inzuki zikora ako kazi ari nyinshi cane!

Inzuki zegekwa (Amis Millefera) zidaha mu mashurwe zikoresheje umunwa wazo. Ubuki buva mu ruvange rw'amate yazo n'ubwo buki bw'amashurwe, ubwo buki [bw'inzuki] bugaca bushirwa ku mbavu z'igitiba. Ubunovu n'uburyohe bw'ubuki buva ku mashurwe ziba zagiye kudahamwo.

Nk'uko bigaragara mu bitabo vya kera, ubuki kuva kera burakoreshwa mu ngaburo no mu buvuzi. Mu gihe c'ibinjana , ubuki bwarakoreshejwe mu gushikanira ''Imana'' no gutunganya imibiri y'abapfuye, mu kuvura no mu kwigira neza ku rukoba.

Ubuki

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGES

Ubu, ubuki busigaye ari igisosa kimenyerewe cane gikoreshwa muri vyinshi mu kibanza c'isukari yera iva mu bikaju nko mu mitsima, amasupu n'ibindi binyobwa bishushe. Kubera ubuki busosa kurusha isukari, n'ugukoresha buke kandi kubera ari amatembabuzi, ni ugushiramwo buke mu vyo utegura.

Ku bisanzwe, uko ubuki buba buzize cane, ni ko buba buryoshe kurusha. Ubuki burashobora kuguma (bukaba nk'ibuye) iyo buri mu bushuhe busanzwe, ariko ushobora kubushongesha uteretse ico burimwo mu mazi ashushe.

Ibigize ingaburo y'ubuki

Ubuki bugizwe n'ubwoko bw'isukari ya fructose (40%), na glucose (30%), amazi n'ivyunyunyu nka fer, calcium, potassium na magnesium.

Kubera ubunovu bwabwo muri fructose, ubuki burasosa kurusha isukari isanzwe. Ni ingaburo ifise intanganguvu nyinshi. Buratuma urugero rw'isukari rwiyongera mu mubiri.

Ikiyiko co kunywesha isupu (20gr) c'ubuki kirimwo:

  • kilocalories 58
  • grammes 15.3 z'ntanganguvu (glucides)
  • gramme 1 y'indemamubiri (proteines)
  • gramme 0 y'ibinure (graisse)
ubuki

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGES

Ubuki bwoba ari bwiza ku magara kuruta isukari?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ingaruka nziza z'ubuki ku magara ziva ku buryo buba buteguwe no ku bwiza bw'amashurwe inzuki ziba zadashemwo. Ubuki bw'amaganda n'ubuki butashuhijwe, butakanyishijwe, butayunguruwe mu buryo ubwo aribwo bwose, kandi ubwo ni bwo ku bisanzwe bugumana ingaburo z'akamaro nyinshi ku magara zishobora gutakara mu nzira zitandukanye zo kubuhingura.

Kuva kera ubuki burakoreshwa nko mu kuvura ibisebuzi. Vyibazwa ko bufasha kunyaruka gukira inguma ntonto kandi zitimbitse cane, udukomere two mu mushishito hamwe n'ubushe. Kubera ubuki bugizwe ahanini na fructose na glucose, ubwoko bubiri bw'isukari bukwega amazi cane, burakwega amazi yo mu ruguma hanyuma rugaca rwumuka, ivyo bigaca bigabanya ugusebura.

Ubuki, na cane cane ubuzize, ni isoko ry'ivyunyunyu nk'ivyitwa flavonoïdes. Ivyo na vyo bifise ubushobozi bwo kurwanya imigera itera ingwara, kururumba no guhura. Kubera bufise urugero runini rwa flavonoïdes, bamwe bafata ko aho gukoresha isukari wokoresha ubuki nk'isoko rya ''antioxydants'' (zifasha gukingira uturemangingo kwononwa n'uduce tw'uturemangingo tw'inzererezi).

ubuki

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGES

Ubuki ntibwihuta kwongera urugero rw'isukari mu maraso nk'uko isukari isanzwe ibigira. Kubera ubuki busosa kurusha isukari, mushobora gufata buke, ariko butanga inguvu nyinshi kurusha isukari ku ngero imwe (nk'akayiko ko kuvanga icayi), ari na co gituma mukeneye kuraba neza igipimo mukoresha.

Ku bantu bafise diabete canke bagerageza kugabanya urugero rw'isukari yabo mu maraso, nta kunguko kanini kahari ko gufata ubuki aho wahora ufata isukari, kuko vyompi amaherezo biragira ingaruka ku rugero rw'isukari mu maraso. Kandi n'ukwibutsa ko nk'ibindi vy'amatembabuzi bisosa, ubuki buri mu mugwi w'amasukari ifatwa ryayo rikwiye kugabanywa.

Muhisemwo gufata ubuki, rondera ubutahinguwe burimwo ingaburo nyinshi kurusha isukari yera, kandi mubukoreshe mutarenza urugero.

Jo Lewin umuhinga yemwe mu bijanye n'ingaburo