Abaharanira uburenganzira bo muri Kenya 'banyurujwe muri Uganda' bakomeje kuburirwa irengero

Ahavuye isanamu, Bobi Wine/X
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga, i Nairobi na Swaibu Ibrahim, BBC Africa, i Kampala
Abaharanira uburenganzira babiri bo muri Kenya barabuzwe irengero muri Uganda inyuma y'aho bivugiwe ko banyurujwe n'abantu bitwaje ibirwanisho mu gihe bari bitavye igikorwa kijanye n'ukwiyamamariza ubukuru bw'igihuhu kwa Bobi Wine.
Bobi yaneguye bikomeye inyuruzwa rya Bob Njagi na Nicholas Oyoo avuga ko uko ari babiri batwawe bakuwe kuri stasiyo y'igitoro nk'ababandi ba karuhariwe bakajanwa ahantu hataramenyekana gushika ubu.
Umuvugizi w'igiporisi muri Uganda Kituma Rusoke yabariye BBC ko abo babiri batari mw'ibohero ryabo. Umuvugizi w'igiporisi muri Kenya nawe yavuze ko atari azi ico kibazo.
Bobi Wine, izina ryiwe nyakuri Robert Kyagulanyi, azokwitoza mu matora n'umukuru w'igihugu yitezwe mu mwaka uza, akazohiganwa na Presida Yoweri Museveni w'imyaka 80 ari ku butegetsi kuva mu 1986.
Bobi Wine avuga ko abo abo ba nya Kenya babiri Leta ya Uganda yabahoye ko bakorana nawe.
Ku rubuga rwa X yanditse ati: ''Turiyamirije ugukomeza kudakoresha amategeko biranga iyi ntwaro ataco yibanga kandi dusavye ko abo bavukanyi barekurwa ata gisabwe. Iyi ntwaro mbi yoba yabanyuruje kubera gusa bakorana nanje kandi kubera bashikiye ico duharanira co kurondera intwaro nshasha''.
Mw' ibaruwa bahuriyeko barungikiye ubuserukizi bwa Uganda, ishirahamwe ry'abanyamategeko ryo muri Kenya, amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu Amnesty International Kenya na Vocal Africa, bavuze ko ivyo biherutse kuba ari "ikindi kibazo giteye ubwoba mu bijanye n'inyuruzwa ry'abantu n'ubwicanyi ndengerabutungane biriko biraba" muri ako karere.
Ayo mashirahamwe yasavye ubutegetsi bwa Uganda gutangaza aho izo mpirimbanyi z'abanyakenya ziri, no kumenya ibijanye n'umutekano wabo.
Rusoke yagize ati: "Abo bantu ntibari mu minwe y'igiporisi. Ronderera ahandi hose mu bigo vy'umutekano,wosanga".
Igihe BBC yabaza umuvugizi w'ingabo za Uganda Felix Kulayigye, yavuze ko adashobora kuvuga kuri ico kibazo kuko kivugwamwo abantu batambaye imyambaro y'igisirikare.
Yaciye kandi asaba Bobi Wine gutanga ivyemezo vyerekana ko banyurujwe n'ukuvuga n'urwego rw'umutekano rubirimwo.
Inzego z'umutekano zo muri Uganda ziragirizwa kenshi ko arizo zitegura gufunga abanyapolitike batavuga rumwe n'ubutegetdi n'ababashigikiye zikoresheje abantu batambaye imyambaro ibaranga. Bamwe mu bafashwe mu nyuma babonetse muri sentare bagirizwa ivyaha.
Umwe mu baharanira uburenganzira yabonye ivyo vyabaye ku musi wa gatatu inyuma y'umuhingamo, yavuze ko abagabo bane bitwaje ibirwanisho binjije abo bagenziwe babiri mu modoka ku nguvu, imodoka ica iravuduka baragenda.
Uwo yabibonye, atifuje kumenyekana kubera imvo z'umutekano, yabwiye ikinyamakuru Citizen TV co muri Kenya ati: "Bari bane. Hari n'umukenyezi yari yicaye imbere; bafata Bob na Oyoo, ari we munyamabanga mukuru w'umuhari Free Kenya Movement."
Yavuze ko bompi batashobora gutorwa kuri telefone kandi aho bari hatazwi.

Ahavuye isanamu, NUP
Amasanamu yashizwe kuri internet yerekana Njagi ariko aragira uruhara mu bikorwa vya Bobi Wine, kandi akaboneka imbere iruhande y'umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi.
Bivugwa ko izo mpirimbanyi zari zagiye muri Uganda ku wa mbere ziri kumwe n'abanya Uganda bamwe bamwe imbere y'uko bahuzwa n'ico gikorwa co kwiyamamaza.
Njagi na we nyene yari yarafashwe aranyuruzwa muri Kenya mu mwaka uheze n'abantu bihishije bahiga abanegura leta yo muri ico gihugu.
Yamaze ukwezi kurenga atawuzi irengero ryiwe imbere y'uko asubira kuboneka, inyuma y'aho sentare itegetse abapolisi kumuzana mu mwaka uheze. Mu nyuma yaravuze amabi yabonye aho yari yanyegejwe - aho yamaze imisi myinshi ari ukwiwe kandi imisi ataco arya.
Ivyo vy'abaherutse kuburwa irengero bigaragaza ibindi nk'ivyo vyabaye muri kahise ka vuba ku banyapolitike n'abaharanira uburenganzira mu karere kose ka Afirika y'Ubuseruko.
Mu ntango z'uyu mwaka, umunya Kenya atavuga rumwe n'ubutegetsi Boniface Mwangi na mugenziwe w'umunya Uganda Agather Atuhaire barafungiwe muri Tanzaniya, bamara imisi atawe bavugana, imbere y'uko basigwa ku mipaka y'ibihugu vyabo.
Mu nyuma bavuze ko bafashwe nabi cane, harimwo no gusinzikarizwa ubuzima bishingiye ku gitsina n'abategetsi ba Tanzaniya, ivyo abapolisi bavuga ko ari "ibinyoma".
Mu mwaka uheze, uwundi muntu atavuga rumwe n' ubutegetsi muri Uganda, Kizza Besigye, yarazimiye mu buryo butamenyekanye i Nairobi, haciye imisi ine aca agaragara mu rubanza muri sentare ya gisirikare muri Uganda, aho yarezwe ivyaha vy'ubuhemu.
Kuva ico gihe, ivyo vyariyamirijwe cane bituma haba n'amakenga ko intwaro zo muri Afirika y'Ubuseruko zishobora kuba ziriko zirakorana kugira ngo zigwanirize hamwe abatavuga rumwe nazi.













