Ferreira: Menya uyu maneko w’umurusiya yashatse gucengetera muri sentare mpuzamakungu, CPI/ICC

Na Gordon Corera,

Umunyamakuru ashikiriza amakuru y'umutekano, BBC News

Abategetsi b’Ubuholande bavuga ko maneko w’umurusiya yari yiyoberanije ku rugero rwo hejuru yagerageje gucengetera muri Sentare Mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye/ The Hague.

Uyu mugabo yakoresha izina rya Viktor Muller Ferreira yigize umunya-Brezili ariko yankirwa kwinjira igihe yari ashitse kugira ngo atangure akazi mu Buholande.

Abategetsi bavuga ko izina ryiwe nyaryo ari Sergey Vladimirovich Cherkasov, kandi ko ari maneko wa GRU – urwego rw’igendereza rya gisirikare rw’Uburusiya.

Uyu mugabo avugwa ko yamaze imyaka itari mike agerageza kwubaka umwidondoro w’’ukwiyoberanya, imbere y’uko asaba ikibanza muri CPI i La Haye/The Hague kugira akore imyimenyerezo (stage/internship).

Igisata c’Ubuholande kijejwe igendereza , AIVD, kivuga ko iyo aramuka ashoboye kuronka ico kibanza hanyuma agacengetera muri iyi sentare, yari kwonona ibitari bike.

Mw’itangazo casohoye, ik igisata cavuze kiti: “Ivyo uyu mukozi w’igendereza yari kwonona vyari kuba vyinshi”.

Viktor Muller Ferreira yari azwi nk’umunya-Brezili yitaho kumenya ibijanye n’imigenderanire mpuzamakungu. Ariko mu vyo ukuri, nk’uko AIVD ibivuga, yari maneko adasanzwe w’Uburusiya azwi “nk’uwutemewe n’amategeko”.

Urwego rujejwe igendereza rurakoresha aya majambo kugira rubatandukanye na ba maneko “b’ukuri” bagenda biyita ko ari abakozi bo mu biro vy’ubuserukizi.

Ibihugu vyinshi birakoresha ba maneko bigira abantu basanzwe ariko Uburusiya bufise uburambe mu gukoresha ba maneko mu buryo butemewe n’amategeko babanje gufata ubwenegihugu bw’ibindi bihugu.

Aba ba maneko b’ubu bwoko bakunze kwigira abanyamerika, abongereza, abanya-Canada canke – nk’uyu Ferreira – abanya-Brezili kugira ngo biborohere kuzunguruka mu turere tutokworohera Abarusiya bigatuma badashobora kuhakorera.

AIVD yasohoye igitabo gitangaje kizwi ko canditswe na Cherkasov mu myaka ya 2010, ari naho avuga uwidondoro wiwe w’ukwiyoberanya.

Iki gitabo gitangura kiti: “Nitwa Viktor Muller Ferreira”.

Itorwa ry’iki gitabo ryerekana urugero kanaka ry’urwangara rw’uyu maneko. Ku mpapuro zine za mbere asigura umuryango wiwe.

Umurongo umwe uvuga uku: “Dawe yabonetse ko yari umuntu mwiza kandi w’intungane, ariko nagiye gutangara menye ko ari we yishe mama na senge kandi ari we abazwa ingorane n’agasuzuguro naciyemwo mu buzima bwanje”.

Mu nyuma yerekana ingene vyabaye ngombwa ko agenda miuri Irlande ku maziko ya se wiwe.

Bishobora gufata imyaka iri hagati y’itanu na cumi kugira ngo maneko atemewe n’amategeko yigishwe ashoboye kwiyoberanya.

Kubera ari ibintu bitoroshe, abantu nk’aba bazwi ko ari bake cane – kumbure bashobora kuba badashika 30 muri GRU, nk’uko ibihugu vy’uburengero bivyibaza.

Igendereza ry'Uburusiya rimaze imyaka myinshi rigerageza gucengetera muri CPI, Ferreira akaba azwi ko yatanguye kugerageza gusaba ikibanza mu mwaka uheze.

Kuva Uburusiya butanguje igitero kuri Ukraine, CPI yabaye ihangiro nyamukuru.

Ku wa 03 z’ukwa gatatu, umushikirizamanza mukuru wa CPI yatanguje amatohoza ku vyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vyo guhohotera kiremwamuntu muri Ukraine.

CPI isanzwe isanzwe yakira abantu bagera ku 200 bahakorera imyimenyerezo badahembwa, ibi bikaba akaryo ko “kumenya ingene CPI ikora, no gushira mu bikorwa ivyo baba barize bahagarikiwe n’ababifisemwo uburambe”.

Iyo aronka aya mahirwe, yari kuharonkera amakuru menshi.

Mw’itangazo yasohoye, AIVD ivuga iti: “Iyo uyu maneko ashobora kuronka amahirwe yo gutangura akazi muri CPI, yari gushobora kwegeranya amakuru y’igendereza mbere akarondera n’abamuha amakuru, kandi agashobora no kwinjira mu mashini nyabwonko za CPI”.

“Aha rero yari gushobora kuharonkera amakuru akomeye asanzwe aronderwa n’igendereza rya GRU”.

Kurondera akazi muri CPI nka maneko yiyoberanije harimwo imitego myinshi, ariko biboneka ko umwe mu bakuru biwe i Moscou babonye ko vyari ngombwa.

Aba ba maneko batazwi baragoye guhinyura – nta wuzi nimba yoba yagiye guhinyurwa na CPI – mu gihe abategetsi b’Ubuholande batavuze ingene bamutoye.

Imbuga hwaniro zihwejwe na BBC zizwi ko ari iza Ferreira zerekana ko afise urutonde runini cane rw’abagenzi – harimwo igitigiri c’abanyeshure mvamakungu bo kuri kaminuza zibiri asa n’uwizeko – Kaminuza ya Johns Hopkins muri Amerika hamwe na Trinity College, i Dublin muri Irlande.

Abo bagenzi biwe bose bahavuye bakora mu bisata bitandukanye hose, haba mu mabanki, mu mashirahamwe y’abahinga no mu bigo vya reta i Washington DC. Ariko ntibigeze baca n’ikanda ko yari maneko w’Uburusiya.

Umwe mu bigisha yamwigishije yabwiye BBC ati: “Yari afise imvugo imeze ukuntu. Ariko ntiyari iy’ikirusiya”.

Ferreira azwi ko yatanguye gusaba ikibanza muri CPI mu ntango z’ukw’icenda 2020 ariko ntiyashoka yishurwa kubera Covid.

Igihe kimwe yavuze ati: “Brezili ntiserukiwe muri CPI, rero aka gashobora kuba akaryo kuri jewe”.

 Umwidondoro umwe werekana ko Ferreira yimukiye i Washington DC muri Myandagaro (8) umwaka wa 2018 kandi inzandiko zerekana ko yahejeje ivyigwa vyiwe kuri Johns Hopkins mu 2020.

Inyandiko zo ku mbuga hwaniro zerekana uruvangatirane rw’ivyiyumviro harimwo n’ibinegura bukebuke Uburusiya, ibi bigafatwa ko yariko abandanya gaerageza kwiyoberanya gusumba.

Hariho n’aho mbere n’aho asa n’uwacishije kuri konte yiwe y’imbuga hwaniro inkuru y’urubuga rwa Bellingcat ivuga imyidondoro y’ububeshi ikoreshwa na GRU yafashwe, ikintu kidasanzwe ku muntu we nyene ubwiwe yagirizwa ko ari maneko yiyoberanije wa GRU.

Ubu rero inyuma y’aho ahinyukiye, kazoza kiwe nka maneko yiyoberanije kiagiye kurangira.