'Kazoza k'ibicurarangisho kavukire gahagaze ku rwaruka' - Herve Kwizera avuza ikembe
Inanga, ikembe, umuduri, idonongo, umwironge hampande y’amazina n’ibicuba n’ibindi, biri mu vyaranga ishure rihambaye ryo kwigiramwo umuco n’akaranga, eka n’umuziki kavukire, aha hakaba hari mu muryango no mu kibano.
Uyu musi, kugira urwaruka rumenye gucurarangisha ivyo bicurarangisho, ruraheza rukisunga abaruboneye izuba, kuko nta shure yo kuziko rikihari.
Umwe mu bafasha urwo rwaruka ni Torobeka Joseph w'imyaka 75. Amaze kuramura abatari bake, harimwo na Herve Kwizera avuza ikembe, yiga kuri kaminuza y'Uburundi.








