Ubumwe bwa Afrika bwamirira kure icemezo ca Israel co kwemera Somaliland nk'igihugu cigenga

Mahmoud Ali Youssouf arongoye Inama nyobozi y'Ubumwe bwa Afrika ariko aravuga, yambaye amarori n'ikositime isa n'umunyota, ishati igomba kwera n'ikaruvati ifise utudomagudomagu, imbere yiwe ku ruhande hari amabendera y'Ubumwe bwa Afrika.

Ahavuye isanamu, AU

Insiguro y'isanamu, Mahmoud Ali Youssouf arongoye Inama nyobozi y'Ubumwe bwa Afrika avuga ko kurondera gusambura Somalia mu kwemera Somaliland nk'igihugu cigenga bishobora gutera intege imihari irondera kwiyonkora

Ubumwe bwa Afrika (UA/AU) buriyamiriza igihugu ico ari co cose cokwemeza Somaliland nk'igihugu, inyuma y'uko Israel itangarije ko yemera iyi ntara ya Somalia nk'igihugu gicenga.

Ejo ku wa gatanu, umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yatangaje ko yateye igikumu ku co yise "itangazo rusangi kandi ryumvikanyweko" na we, umushikiranganji w'imigenderanire Gideon Sa'ar hamwe na Perezida Abdirahman Mohamed Abdullahi wa Somaliland, maze Israel iba ibaye igihugu ca mbere kw'isi cemeye Somaliland nk'igihugu cigenga.

Mw'itangazo ryaraye risohowe n'Inama nyobozi y'Ubumwe bwa Afrika mu kwishura reta ya Israel, Mahmoud Ali Youssouf arongoye iyi nama nyobozi avuga ko atewe impungenge n'iyi ngingo, akavuga ko Ubumwe bwa Afrika budashobora kudohoka na gato mu gushigikira ubumwe n'ubwigenge vya Somalia.

Avuga ko uno muryango wa Afrika ushingiye ku ngingo ngenderwako z'amategeko shingiro y'Ubumwe bwa Afrika, muri izi ngingo hakaba harimwo ukwubahiriza imbibe ibihugu vyarazwe igihe vyikukira, nk'uko biri mu cemezo c'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika mu 1964".

Iri tangazo rigira riti: "Umukuru w'Inama nyobozi yamirira kure igikorwa ico ari co cose canke umugambi uwo ari wo wose ufise intego yo kwemera Somaliland nk'igihugu cigenga, akibutsa ko Somaliland iguma ari intara ya Somalia.

"Ingendo iyo ari yo yose yo kugerageza gusambura ubumwe, ubwigenge n'ubusugire vya Somalia iteye kubiri n'ingingo shingiro ngenderwako z'Ubumwe bwa Afrika, kandi ishobora guteza akaga kabi cane ku mahoro n'ituze ku mugabane wose.

"Umukuru w'Inama nyobozi ashimangira ko Ubumwe bwa Afrika butadohoka mu gushigikira ubumwe, ubwigenge n'ubusugire vya Somalia, be no gushigikira utwigoro tw'abategetsi ba Somalia mu gutsimbataza amahoro, gutsimbataza inzego z'igihugu hamwe n'intwaro ihuriyemwo bose".

Icuka kibi hagati y'igihugu ca Somalia hamwe na Somaliland nk'intara yaco kimaze imyaka irenga 30, igihe reta ya Somalia yasenyuka mu 1991, biturutse kw'itembagazwa ry'intwaro ya gisirikare yari irongowe na Siad Barre.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iyi ntara yahoze itwarwa gikoloni n'Ubwongereza yaronse ubwigenge ku wa 26 Ruheshi (6) 1960, haciye imisi mike yifatira ingingo yo kwiyunga n'ikindi gice ca Somalia cari kirongowe n'Ubutaliyano kugira ngo bigire Repubulika ya Somalia. Ariko uko imyaka yagiye igenda, niko ibintu vyagenza biba nabi, hagati y'uburaruko na reta nkuru yari ku mugwa mukuru wa Somalia, Mogadishu.

Ibintu vyagiye kwunyuka mu 1988, gihe reta ya Mogadishu yacucagira ibibombe ku mugwa mukuru wa Somaliland, Hargeisa (canke Hargeysa), abahinga bakabona ko iki gikorwa kiri mu vyabaye intandaro y'insenyuka ry'ubutegetsi bwa Siad Barre mu 1991, ari na co gihe Somaliland yaca itangaza ko yiyonkoye.

Kuva ico gihe, Somaliland yagiye yitwara nk'igihugu cigenga mu kwubaka inzego zayo, itegura amatora yayo mbere ishinga n'ubutegetsi bwigenga.

Hagati aho, nubwo Hargeisa ifise amabendera atari make y'ibihugu bitandukanye bifitaniye ubucuti nayo, nta gihugu na kimwe cari bwigere gitangaza ko cemera Somaliland nk'igihugu cigenga, imbere y'aha.

Nubwo kandi yoyo yifata mbere idahengeshanya gusaba kwemerwa nk'igihugu cigenga, ibihugu vyinshi vyabandanije bivuga ko iki ari icemezo gikwiye gufatwa n'Ubumwe bwa Afrika, mu gihe uno muryango wowo ushira imbere ukwubahiriza ubusugire bw'ibihugu n'imbibe vyasigiwe n'ubukoloni.

Ubumwe bwa Afrika bufise ubwoba ko ari nka hamwe iyi ntara yoramuka yemewe nk'igihugu cigenga vyotera intege utundi turere turondera kwiyonkora.

Somaliland