Ikoraniro rya G20: Afrika yahawe ikibanza ntayegayezwa

Modi ahoberana n'umukuru w'Ubumwe bwa Afrika akongera akaba umukuru w'igihugu ca Comores Azali Assoumani

Ahavuye isanamu, MEA/X

Insiguro y'isanamu, Modi ahoberana n'umukuru w'Ubumwe bwa Afrika akongera akaba umukuru w'igihugu ca Comores Azali Assoumani

Afrika y’Epfo ntikiri igihugu kimwe rudende giserukira umugabane wose wa Afrika uharurwamwo abantu bababa imiriyaridi 1.4 bawutuyemwo.

Kubona Ubumwe bwa Afrika bwemerwa muri iri huriro nk’umunywanyi ntayegayezwa bisigura ko uno mugabane ugiye guserukirwa n’amajwi atandukanye cane.

Nigeria, igihugu ca mbere ku mugabane wa Afrika gitunze kurusha ibindi bihugu, yakirije yompi iyi ngingo, ikavuga ko “nk’umugabane, twiteze kuzoshitsa kure ivyipfuzo vyacu kw’isi dukoresheje iri huriro rya G20”.

Uno mugabane witeze ko kubona uronse ikibanza ntayegayezwa muri iri huriro bizotsimbataza ivyo usaba mu gihe hazoba hageze amahinduka ku bijanye n’integuro zerekeye amafaranga.

Kuva kw’Ibanki nkuru y’isi yose gushika ku kigega mpuzamakungu FMI, ibihugu vya Afrika kuva kera vyamye bibona ko birenganywa ku bijanye no kugurana no kuriha amadeni.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iri koraniro, umushikiranganji wa mbere Modi yahaye ikaze Ubumwe bwa Afrika kugira ngo ifate ikibanza muri G20 nk’umunywanyi ntayegayezwa.

Ubutumire bwa UA/AU bwari bwitezwe cane imbere y’uko iri koraniro ritangura.

Mu gihe biriko biribonekeza ko “intambara y’ukwikekana” iriko irasubira kwigarurira uno mugabane, izoba ari intsinzi ku Buhindi ku vyo burondera bwo kuba ijwi y’igice cose c’ubumanuko bw’isi yose.

Kubera iki ikibanza c’Ubumwe bwa Afrika muri G20 kizotanga iyindi ntumbero y’isi

Insiguro ya video, Ubumwe bwa Afrika bwinjiye muri G20 nk'umunywanyi ntayegayezwa

Igihe umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi Modi atumira Ubumwe bwa Afrika gufata ikibanza cabwo nk’umunywanyi mushasha ntayegayezwa, ntivyaje giturumbuka.

Imwe mu ntumbero y’ubu butumire ni ugushira hamwe Afrika kugira ngo ishobore kugira ijwi rimwe ku bijanye n’ibibazo vyerekeye isi.

Modi yamye avuga ko intego y’Ubuhindi mu gihe irongoye G20 ari uko igice c’Ubumanuko bw’isi kigira ijambo rifadika mu bijanye n’ibibazo vy’isi. Ubutumire bwahawe Ubumwe bwa Afrika ni ikintu gikomeye muri uno mugambi.

Umushikiranganji wa mbere yerekanye ko yishimiye kubona “ibihugu vyinshi vya Afrika bihawe ikibanza ku ncuro ya mbere” mu gihe Ubuhindi ari bwo burongoye G20.

Ikoraniro rititabwe n’ibihangange bibiri

Xi Jinping w'Ubushinwa na Vladimir Putin w'Uburusiya ntibitavye iri koraniro

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Xi Jinping w'Ubushinwa na Vladimir Putin w'Uburusiya ntibitavye iri koraniro
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abakuru b’ibihugu vy’Uburusiya n’Ubushinwa ntibitavye iri koraniro.

Vladimir Putin w’Uburusiya avuga ko afise akazi kenshi, ariko biboneka ko yanse ko yohava kumbure ahagarikwa na Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI/ICC) ku mutahe ino sentare yamusohoreye mu ntango z’uno mwaka, imwagiriza ivyaha vyo mu ntambara muri Ukraine. Yaheruka kandi gusiba ikoraniro rya BRICS riherutse kubera muri Afrika y’Epfo.

Mu mwaka uheze, imbere n’uko CPI/ICC isohora umutahe wo kumuhagarika, yarasivye ikoraniro rya G20 nyene ryabereye i Bali muri Indonesia. Ico gihe, abihweza ibintu n’ibindi bavuze ko kumbure yanse ko yari guhava yisanga yataramuwe mw’ihuriro nk’iri ry’isi yose kubera igitero ciwe kuri Ukraine.

Eka no mu gihugu iwe ibintu biramuteye impungenge. Ubutegetsi bwa Putin bwarahungabanijwe n’akaguma gaherutse ka wa muhari w’abacangero b’Abarusiya Wagner.

Putin yarungitse ahubwo umushikiranganji wiwe ajejwe imigenderanire, inzobere Sergei Lavrov. Ni co gituma vyitezwe ko Moscou idashobora na gato kwemera ko hasohoka itangazo rusangi rinegura ibiriko birakorwa n’Uburusiya muri Ukraine.

Iyi ntambara ishobora no guteza ukutumvikana muri iri koraniro rya G20, na rirya Uburusiya buvuga ko ibiriko bibera muri Ukraine ari “igikorwa kidasanzwe ca gisirikare” aho kuvyita igitero canke intambra.

Ntibushobora kwemera itangazo iryo ari ryo ryose ryoza rivuga ko Uburusiya butegerezwa kuva muri ico gihugu.

Ku ruhande rwiwe, kuva ashitse ku butegetsi, Perezida Xi Jinping yamye yitabira buri koraniro ryose rya G20, ariko iri ntiyaryitavye. Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko ababaye kubona atitavye, Ubuhindi nabwo bugashobora kubona ko ari ukubutera akagere.

Ubushinwa ni incuti ya mbere ikomeye y’Uburusiya kandi bwamye buhigitanya gutera igikumu ku kintu ico ari co cose ciyamiriza ibikorwa vya Moscou muri Ukraine.

Ibihano ruhasha ibihugu vy’Uburengero vyafatiye Uburusiya bisigura ko ubudandaji hagati y’ibi bihugu vyompi bwiyongereye ku rugero rwa 30% mu mwaka uheze.

G20 ni iki?

G20 – canke umurwi w’ibihugu 20 – ni ihuriro ry’ibihugu 20 vyama bihura buri mwaka kugira ngo bihanahane ivyiyumviro ku migambi y’ubutunzi kw’isi yose. Mu bisanzwe rihurikiyemwo ibihugu 19 bitunze kurusha ibindi kw’isi hakiyongerako intumwa y’Ubumwe bwa Bulaya.

Biri hamwe, bihagarariye ibice birenga 85% vy’ubutunzi bwose kw’isi, hamwe na bibiri vya gatatu (2/3) ry’abantu bose batuye isi. Buri mwaka ibihugu bimwe bimwe bitari muri iri huriro birahabwa ubutumire budasanzwe.

Uburongozi bw’iri huriro bugenda buhanahanwa uko umwaka utashe. Mu gihe Ubuhindi ari bwo burongoye iri huriro, vyitezwe ko hazoca hakurikira Brezili.