Aba ni bamwe mu bategetsi bakuru bakuru muri Afrika bamaze kurengutswa imbere ya sentare mpuzamakungu

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Abdalla Seif Dzungu
- Igikorwa, BBC Swahili
- Yakoze inkuru ari, Nairobi Kenya
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'i La Haye/The Hague, CPI/ICC, yasabwe gukora amatohoza ku bwicanyi bw'abantu benshi buvugwa ko bwabaye mu gihe c'imyiyerekano yo kwiyamiriza amatora aheruka muri Tanzania mu kwezi guheze.
Abashingwamanza baburanira abavugwa ko bakozweko n'ubu bwicanyi bakaba bashigikiwe n'ishirahamwe ry'abashingwamanza kw'isi yose hamwe n'ishirahamwe ry'abashingwamanza ba Madrid bararungikiye CPI urwandiko rurimwo ibi birego vy'ubwicanyi hamwe n'inyuruzwa, itotezwa n'ibindi bikorwa vyo gutera ubwoba abanyaporitike batavuga rumwe n'ubutegetsi.
Perezida Samia Suluhu Hassan wa Tanzania yatsinze amatora yo ku wa 29 Gitugutu (10) ku majwi hafi 98%, amatora yabaye abanyaporitike bakuru bakuru batavuga rumwe na we bataramuwe.
Iyi myiyerekano – ikaba ari yo iheruka muri iyi nkuruma y'urwaruka rwa Afrika ruzwi nka Gen Z rurakajwe n'ubushomeri, ubuzima buzimvye hamwe n'ukutagira umwidegemvyo mu bijanye na poritike – yaje ikurikira iya vuba yabaye muri Maroc hamwe no muri Madagascar, aho reta y'iki gihugu vyarangiye itembagajwe n'igisirikare inyuma y'amayinga atari make y'intureka.
Urwandiko rwo kwitwara muri CPI rwarungitswe n'ishirahamwe Intelwatch ryo muri Afrika y'Epfo ku wa 13 Munyonyo (11), rusaba CPI gufata nka nkama amabi akorerwa kiremwa muntu hanyuma igasohora imitahe yo guhagarika Perezida Samia hamwe n'abategetsi b'inzego z'umutekano ba Tanzania.
Uru ni urutonde rw'abategetsi bakomakomeye bamaze kurengutswa na CPI.
Uhuru Kenyatta (Kenya)

Ahavuye isanamu, AFP
Uhuru Kenyatta yahoze ari umukuru w'igihugu ca Kenya yugururijwe urubanza ku wa 8 Ntwarante (3) 2011 ku vyaha bitanu bijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu.
Kenyatta yari ashigikiye Perezida Mwai Kibaki wa Kenya, yagirijwe gutegura, gushigikira, no gupanga ubugizi bwa nabi bwakorewe abavugwa ko bashigikiye Orange Democratic Movement, umugambwe utavuga rumwe n'uw'uyo mukuru w'igihugu, mu ntureka zabaye muri Kenya inyuma y'amatora ya 2007, kuva kw'igenekerezo rya 27 Kigarama (12) 2007 gushika ku wa 29 Ruhuhuma (2) 2008.
Kenyatta yagirijwe ko yari afise "umurwi wa Mungiki" kandi akawuha amabwirizwa yo kwica, kunyuruza, gufata ku nguvu n'ayandi mabi ashingiye ku gitsina, iyicarubozo n'ibindi bikorwa vy'ubunyamaswa ku banyagihugu mu gace ka Kibera ku mugwa mukuru Nairobi, no mu bisagara vya Kisumu, Naivasha na Nakuru.
Kenyatta yarengukishijwe imbere ya CPI ku wa 8 Ndamukiza (4) 2011 ivyo yagirizwa bikaba vyizwe kuva ku wa 21 Nyakanga (9) 2011 gushika ku wa 5 Gitugutu (10) 2011.
Ibirego vyose vyagiye kwemezwa ku wa 23 Nzero (1) 2012. Hagati aho, imbere y'uko urubanza rutangura, umushikirizamanza yatangaje ku wa 3 Kigarama (12) 2014 ko yari yamukuyeko ivyaha vyose. Sentare yagiye guhagarika uru rubanza ku wa 13 Ntwarante (3) 2015.
Omar al‑Bashir (Sudan)

Ahavuye isanamu, Reuters
Yitwariwe ku wa 4 Ntwarante (3) 2009 ku vyaha bitanu vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu n'ivyaha bibiri vyo mu ntambara bifitaniye isano n'intambara ya Darfur muri Sudan.
Ku wa 12 Mukakaro (7) 2010 yaragirijwe ivyaha bitatu vy'ubwicanyi bw'agahomerabunwa.
Mu ntureka za Darfur (cane cane kuva muri Ndamukiza 2003 gushika ku wa 14 Mukakaro 2008), al-Bashir, ico gihe yari umukuru w'igihugu ca Sudani, yagirizwa gukoresha inzego za reta (igisirikare, igipolisi, inzego z'umutekano n'imirwi y'aba-Janjaweed) mu gutera abanyagihugu bo mu moko ya Fur, Masalit, na Zaghawa bafatwa ko bagumutse.
Al-Bashir yagirizwa ko yakokeje ugufata ku nguvu abagore n'abakobwa, ubwicanyi, guturatuza no kwomora abanyagihugu, gusinzikaza ubuzima bw'abasivire hamwe no gusahura ibigwati vyinshi n'amakambi menshi y'abateshejwe izabo.
Sentare yasohoye imitahe ibiri yo guhagarika al-Bashir ariko gushika ubu ntarafatwa kandi aba muri Sudani ataco yinona.
Kuva uno mutahe usohowe, al-Bashir yarakoze ingendo mu bihugu bitari bike kandi ntiyigeze ahagarikwa. Mu bihugu yagendeye harimwo Tchad, Djibouti, Kenya, Malawi, na Afrika y'Epfo, ibihugu biri mu Masezerano ya Roma ari na yo yashinze iyi sentare, bisigura ko vyategerezwa kumuhagarka.
Jean-Pierre Bemba

Ahavuye isanamu, AFP
Bemba yitwariwe ku wa 23 Rusama (5) 2008 ku vyaha bibiri vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu n'ivyaha bine vyo mu ntambara bifitaniye isano n'intambara yo muri Centrafrique.
Ku wa 10 Ruheshi (6) 2008, umutahe wo kumuhagarika warahinduwe, ivyaha yagirizwa vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu bija kuri bitatu, ivyaha vyo mu ntambara na vyo biba bitanu.
Bemba yagirizwa kugomorera inyeshamba z'umuhari Mouvement pour la Libération du Congo (MLC) wo muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo muri Centrafrique igihe umukuru w'iki gihugu Ange-Félix Patassé yasaba Bemba ko yomufasha kurwanya inyeshamba zari zirongowe na François Bozizé.
Bemba yagirizwa ivyaha vyo gufata ku nguvu, ubwicanyi n'ugusahura mu bisagara vya Bangui, Bossangoa, Bossembélé, Damara, na Mongoumba kuva ku wa 25 Gitugutu 2002 gushika ku wa 15 Ntwarante 2003. Yahagaritswe n'abategetsi b'Ububirigi ku wa 24 Rusama 2008 aca ashikirizwa sentare ya CPI muri Mukakaro 2008.
Urubanza rwa Bemba rwatanguye ku wa 22 Munyonyo (11) 2010. Ku wa 21 Ntwarante 2016, Sentare ya Gatatu yamukubise intahe mu gahanga ivyaha vyose bitanu biramwagira. Yamuciriye umunyororo w'imyaka 18 ku wa 21 Ruheshi 2016.
Ku wa 28 Nyakanga 2016, Bemba yarituye sentare y'iyungururizo ya CPI akahana umunyororo w'imyaka 18 yari yaciriwe, yiyamiriza ingene rwaciwe, kandi avuga ko ata caha yakoze.
Iki cemezo cahavuye gifutwa ku wa 8 Ruheshi 2018 n'umucamanza Christine Van den Wyngaert. Yavuze ko adashobora kwagirizwa ivyaha vy'abantu biwe, kandi ko sentare y'intango "yirengagije intahe ikomeye ivuga ko Bemba ata bushobozi bunini yari afise bwo gukurikirana no guhana ubukozi bw'ikibi bwabera muri Centrafrique".
Bosco Ntaganda

Ahavuye isanamu, ICC
Bosco Ntaganda yitwariwe ku wa 22 Myandagaro 2006 ku vyaha bitatu vyo mu ntambara mu ntureka zo muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC).
Yari mu ntwazangabo zo hejuru mu nyeshamba za Front Patriotique pour la Liberation du Congo (FPLC), ishami rya gisirikare ry'umuhari Union des Patriotes Congolais (UPC) wakorera mu buraruko bushira ubuseruko bwa Congo, wahanganye n'ingabo za reta mu ntara ya Ituri.
Ku wa 18 Ntwarante 2013, mu gihe c'intambara ya M23, Ntaganda yahungiye mu Rwanda aca aja mu buserukizi bwa Amerika i Kigali, aca asaba Amerika kumufasha kwishikana kuri sentare ya CPI.
Ku wa 22 Ntwarante yashikirijwe CPI na yo imujana i La Haye. Yatanguye kuburanishwa imbere y'iyi sentare ku wa 26 Ntwarante 2013.
Ibirego kuri we vyihwejwe kuva ku wa 10 gushika ku wa 14 Ruhuhuma (2) 2014 hanyuma ku wa 9 Ruheshi 2014 vyemezwa na sentare y'intango vyose uko vyakabaye.
Yatanguye kuburanishwa ku wa 2 Nyakanga 2015. Ntaganda yahavuye yagirwa n'ivyaba vyose vy'ihonganga ry'agateka ka muntu n'ivyaha vyo mu ntambara ku wa 8 Mukakaro 2019.
William Ruto

Ahavuye isanamu, AFP
William Ruto ni umukuru w'igihugu ca Kenya wa kino gihe. Yitwariwe ku wa 8 ntwarante 2011 ku vyaha bine vy'ihonyanga ry'agateka ka zina muntu mu ntureka zo mu 2007 muri Kenya.
Yagirijwe kurongora umurwi wamaze igihe gito mu gihe c'intureka z'inyuma y'amatora yo muri Kigarama no muri Nzero 2008, wari ugizwe n'abo mu bwoko bw'aba Kalenjin washinzwe kugira ngo ukore amabi kw'izina ry'umugambwe Orange Democratic Movement (ODM), w'umunyaporitike Raila Odinga yari yitoje mu kibanza c'umukuru w'igihugu.
Ku wa 1 Myandagaro 2011, ivyaba yagirizwa vyaragabanijwe bisigara ari bitatu.
Ruto yagirizwa kugira uruhara mu bwicanyi, ukwomora, n'ugukandamiza abanyagihugu mu bisagara vya Kapsabet, Nandi Hills, Turbo na Eldoret.
Ibi birego vyose vyaremejwe. Yatanguye kuburanishwa ku wa 10 Nyakanga 2013 ariko sentare yahavuye ifuta ivyo yagirizwa vyose ku wa 5 Ndamukiza 2016, ica ihagarika uru rubanza kubera ata vyemezo vyabonetse.
Laurent Gbagbo

Ahavuye isanamu, UN
Laurent Gbagbo yitwariwe ku wa 23 Munyonyo 2011 ku vyaha bine vy'ihonyagwa ry'agateka ka zina muntu mu ntureka zo muri Côte d'Ivoire.
Gbagbo yagirijwe ko igihe yari umukuru w'igihugu ca Côte d'Ivoire yateguye, ari kumwe n'abo bakorana, ibitero ku banyagihugu muri izo ntureka zadutse inyuma y'amatora yatanguye ku wa 28 Munyonyo 2010.
Inzego zijejwe umutekano, igisirikare, imirwi yitwara gisirikare hamwe n'abacangero biwe bagirijwe kwica, gufata ku nguvu, gutoteza no gufata bunyamaswa abanyagihugu bafatwa ko bari inyuma ya Alassane Ouattara atavuga rumwe na Gbagbo muri ayo matora y'umukuru w'igihugu ya 2010.
Nk'uko vyari ku mutahe wo guhagarika Gbagbo, ibi vyaha vyakorewe hagati no mu micungararo y'umugwa mukuru Abidjan, harimwo ivyabereye hafi y'ihoteri ya Golf, mu mu karere k'uburengero bw'igihugu kuva ku wa 16 Kigarama (12) 2010 gushika ku wa 12 Ndamukiza (4) 2011.
Gbagbo yafashwe n'ingabo zari zishigikiye Ouattara zimusanze mu kirimba ku wa 11 Ndamukiza 2011. Ku wa 29 Munyonyo 2011, Gbagbo yimuriwe muri sentare.
Ku wa 5 Kigarama 2011 yararengutse imbere ya sentare ku ncuro ya mbere, ibirego kuri we vyigwa kuva ku wa 19 gushika ku wa 28 Ruhuhuma 2013 imbere ya sentare y'intango, bikaba vyaje kwemezwa ko ari ivy'ukuri ku wa 12 Ruheshi 2014.
Gbagbo yaje kurekurwa ku wa 15 Nzero 2019.
Muammar Gaddafi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Muammar Gaddafi yitwariwe ku wa 27 Ruheshi 2011 ku vyaha bibiri vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu muri Libya. Nk'indongozi akaba n'umugaba w'ingabo za Libya, yagirijwe gutegura, ari kumwe n'umurwi wiwe w'abahanuzi, umugambi ukomeye wo guhasha abanyagihugu bari bagumutse mu mayinga ya mbere y'intureka zo muri ico gihugu.
Bivugwa ko yateguye imigambi yo guhangana n'impinduka nk'izari zabaye muri Tunisia na Misiri mu 2011, aho inzego zijejwe umutekano za Libya zategetswe gukoresha uburyo bwose bushoboka kugira ngo zituze imyiyerekano y'abanyagihugu yo kwiyamiriza reta yiwe.
Kuva ku wa 15 gushika ku wa 28 Ruhuhuma 2011, imirwi y'abarwanyi yari yateguwe na reta, igipolisi c'igihugu, igisirikare ca Libya, hamwe n'ingabo zari zihagarariye impinduka, hamwe n'iyindi mirwi y'umutekano, bose bahabwa amabwirizwa na Gaddafi, bagirijwe kwica amajana n'amajana y'abasivire no gukora "ibikorwa vy'ubunyamaswa vyahonyanze agateka ka zina muntu" mu bisagara vya Baydaj, Benghazi, Derna, Misrata, Tobruk, na Tripoli.
Gaddafi yiciwe mu gisagara ca Sirte muri Libya ku wa 20 Gitugutu 2011, sentare ikaba yaciye ihagarika uru rubanza ku wa 22 Munyonyo 2011.
Germain Katanga

Germain Katanga yitwariwe ku wa 2 Mukakaro (7) 2007 ku vyaha bitatu vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu hamwe n'ivyaha bitandatu vyo mu ntambara muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo
Yagirijwe ko nko ku wa 24 Ruhuhuma 2003, yategetse ingabo ziwe gutera ikigwati ca Bogoro mu gikorwa ca gisirikare cari categuwe n'umuhari wiwe Front des Nationalistes et Intégrationnistes (FNI), umuhari w'abarwanyi wari ugizwe ahanini n'abo mu bwoko bw'Abalendu.
Katanga yafashwe n'ubutegetsi bwa Congo ku wa 1 Ntwarante (3) 2005 yagirizwa kugira uruhara mu gitero cishe ingabo za ONU icenda zarungitswe muri ico gihugu kubungabunga amahoro. CPI imaze gusohora umutahe wo guhagarikwa, Katanga yimuriwe muri iyo sentare ku wa 17 Gitugutu (10) 2007.
Urubanza rwiwe rwatanguye ku wa 24 Ruhuhuma 2009. Yaje gusomerwa ku wa 7 Ntwarante 2014, Katanga akaba yagiriwe n'ivyaha bine vyo mu ntambara hamwe na kimwe c'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu.
Ku wa 23 Rusama 2014, Katanga yaciriwe umunyororo w'imyaka 12. Umushikirizamanza hamwe n'abamuburanira barunguruje biyamiriza uru rubanza, uruhande rumwe ruvuga ko ari gito, urundi ruvuga ko kirenze urugero. Vyaje kurangira abacamanza b'iyungururizo bagabanije iki gihano ku wa 13 Munyonyo 2015, kuva ku myaka 12 gushika kuri itatu n'amezi umunani.
Ku wa 19 Kigarama 2019, CPI yahavuye yimurira Katanga muri Congo kugira ngo aje kurangirizayo umunyororo wiwe. Yagiye kuwurangiza ku wa 18 Nzero (1) 2016.
Joseph Kony

Ahavuye isanamu, Getty Images
Joseph Kony yitwariwe ku wa 8 Mukakaro (7) 2005 ku vyaha 12 vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu hamwe n'ivyaha 21 vyo mu ntambara muri Uganda.
Ni we arongoye umuhari w'inyeshamba za Lord's Resistance Army (LRA) urwanya reta ya Uganda kuva mu 1987.
Nk'uko biri ku mutahe wo kumuhagarika, kuva ku wa 1 Mukakaro (7) 2002 "LRA yatanguje ubukozi bw'ikibi bugizwe b'igikorwa vy'ubugome bikorerwa basivire, harimwo ubwicanyi, kunyuruza, kugira abagore n'abakobwa abacakara kugira basambanye ku gahato, guca ibihimba vy'umubiri, guturira amazu hamwe n'ugusahura mu makambi y'abateshejwe izabo". Hejuru y'ibi, "abantu banyuruzwa bavugwa ko ari abasivire, harimwo abana".
Gushika ubu Kony aracaronderwa ariko nta n'umwe azi aho aherereye, nubwo bivugwa ko yoba ari muri Centrafrique canke mu gihugu kibanyi kimwe.
Thomas Lubanga

Ahavuye isanamu, AFP
Thomas Lubanga Dyilo yitwariwe ku wa 10 Ruhuhuma 2006 ku vyaha bitatu vyo mu ntambara muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Azwi ko yatanguje Union des Patriotes Congolais (UPC), umuhari w'inyeshamba wakorera mu buraruko bushira ubuseruko bwa Congo, akaba ari na we yashizeho kandi arongoye ishami rya gisirikare rya UPC, Force Patriotique pour la Libération du Congo (FPLC).
Lubanga yagirizwa kwinjiza abana muri FPLC no "kubakoresha mu ntambara". Yafashwe ku wa 19 Ntwarante 2005 n'ubutegetsi bwa Congo amaze kwagirizwa ko yagomoreye abarwanyi biwe ku ngabo za ONU.
Urubanza rwatanguye ku wa 26 Nzero (1) 2009 ruza kurangira ku wa 14 Ntwarante 2012. Ku wa 10 Mukakaro 2012 yaciriwe umunyororo w'imyaka 14.
Ku wa 1 Kigarama (12) 2014, sentare y'iyungururizo yaremeje ivyaha vyamwagiriye hamwe n'igihano yaciriwe.
Sentare yahavuye yimurira Lubanga Dyilo muri DR Congo ku wa 19 Kigarama 2015 kugira ngo aje kurangirirazo umunyororo wiwe.










