Ibizwi kuri iyi kompanyi Comac y'Ubushinwa ihingura indege ije guhangana na Boeing na Airbus

    • Umwanditsi, Suranjana Tewari
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu vy'ubutunzu muri Aziya
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Turi mw'ihayanishwa rizwi nka Singapore Airshow riba rimwe mu myaka ibiri, ahariko herekanwa indege zikozwe ku buhinga bugezweho.

Imwe muri izi irabwa cane ni indege y'ikompanyi Comac, ikompanyi y'Ubushiwa ihingura indege, ikaba imaze gutera intambwe zidasanzwe kuva indege yayo C919 yunguruza abantu igize urugendo rwayo muri Singapour/Singapore , ari na rwo rwa mbere ikoze hanze y'Ubushinwa, haraciye imyaka ibiri.

Iyi ndege yakozwe kugira ngo ihangane na Airbus A320neo hamwe na Boeing 737 MAX kandi iriko ibandanya ifata ikibanza ku masoko mpuzamakungu hanze y'Ubushinwa.

Mu majambo yayo "Comac iriko irondera kwizizira isoko ry'indege muri Aziya y'ubumanuko bushira ubuseruko".

Ku bw'iyi kompanyi, iri hayanishwa ni akaryo keza ko kwiha ikibanza nk'umukeba wa Airbus (ikompanyi y'i Bulaya) na Boeing (ikompanyi yo muri Amerika) mu karere ka Aziya-Pasifike, isoko rya mbere rinini kw'isi ry'indege.

Willie Walsh, umuyobozi mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ryunguruza abantu n'ibintu mu kirere (IATA) yabwiye BBC ati: "Niyumvira ko mu gihe kiri imbere, Comac izoba ari umukeba kw'isi yose... gusa bizobafata igihe.

"Nibaza ko nko mu myaka 10, canke 15 kuva uno musi, tuzoba tuvuga Boeing, Airbus na Comac... Ariko ata gukekeranya, bazoba bafise ikibanza kidasanzwe muri kazoza".

Abahinga bavuga ko vy'ukuri hari hakenewe iyindi kompanyi ihingura indege mu karere ka Aziya-Pasifike.

Amakompanyi y'indege yo muri ako karere ariko ahura n'ingorane zikomeye kubera Boeing na Airbus ziteba kuyarungikira indege nshasha, ibi bikiyongera ku bukene bw'amamoteri n'ibindi bikoresho.

Impungenge zitewe n'amakori be n'intambara y'ubucuruzi zaje zisongera isibe kuri ano makompanyi ahingura indege, ibi bigatuma haba ibibazo kw'isoko muri ako karere.

Ibiharuro vya IATA vyerekana ko amakompanyi y'indege kw'isi arindira igihe kirekire kurusha uko vyahora kugira bashikirizwe indege nshasha, ibi bigatuma aguma akoresha indege zishaje usanga zitwara uburyo bwinshi kubera izishaje zikoresha igitoro cinshi kurusha nshasha.

Walsh avuga ko amatungo y'amakompanyi y'indege yo mu karere ka Aziya-Pasifike ashobora kwiyongera cane mu 2026, mu gihe yoronka indege.

Ati: "Ni ibintu bibabaje cane ku makompanyi y'indege. Kuva umusi asabiyeko indege, aramara imyaka hafi indwi arindiriye".

Ni co gituma Comac ije gutanga akoyoko ku makompanyi y'indege atari make ya Aziya na Pasifike.

Iyi sosiyete ivuga ko imaze kugurisha indege zirenga 200 za C909 na C919, hafi ica kane cazo zikaba zikoreshwa n'amakompanyi y'indege yo muri Laos, Indonesia na Vietnam. Ikompanyi GallopAir ya Brunei yaragize komande ('commande') nini y'indege, eka na Cambodge na yo nyene iriko itegura kugura hafi 20.

Subhas Menon, umuyobozi mukuru w'ishirahamwe ry'indege ry'akarere ka Aziya-Pasifike (AAPA), agira ati: "Turakeneye kuronka henshi dusumira. Ikibazo kiri muri iki gisata ni uko amasoko yiganziwe n'abantu bake, mbere rimwe na rimwe abantu babiri".

"Twari tumaze igihe kirekire turindiriye aka karyo. Comac irahawe ikaze. Dukeneye abandi dushorera cane cane mu karere ka Aziya-Pasifike".

Iyi kompanyi ihagaze neza kubera ishigikiwe cane na reta, kandi ibiciro biri hasi bishobora gutuma indege zayo zirukirwa n'amakompanyi y'indege ku masoko ariko aratera imbere.

"Muri kazoza, turahaye ikaze aba bose bashasha. Turipfuza kubona abandi binjira mw'ihiganwa. Comac yararonse uruhusha rwo gukora kandi turiteze ko mu myaka ya 2030 hazogera igihe ikaba amasumiro meza kuri twebwe no ku yandi makompanyi y'indege", ni ko Mike Szucs, umuyobozi mukuru w'ikompanyi y'indege, Cebu Pacific, yo muri Filipine (Philippines), yabwiye BBC.

Uretse ko Comac iriko iragura ibikorwa vyayo mu karere ka Aziya-Pasifike, iriko kandi irondera uruhusha rwo gukorera i Bulaya, aho abagenzuzi bariko bakora ingendo z'igerageza ku ndege yayo C919. Ibi bizoyiha akaryo ko kugurisha indege ku makompanyi y'i Bulaya.

Gusa, urugendo ruracari rurerure.

Abagenzuzi bavuga ko igikorwa co kuyiha uruhusha rwo gukorera i Bulaya gishobora kubandanya gushika mu 2028 canke mbere mu 2031. Hagati aho, guhuza ibice vy'Abashinwa n'ivy'Uburengero, uburyo bwo kugenzura indege hamwe n'ama-software, biboneka ko birimwo ingorane mu vy'ubuhinga ku masoko mpuzamakungu.

Ibikorwa vyo kubungabunga no gusana ni iyindi ngorane, co kimwe no mu bijanye no kwigisha abadereva – ibisata amakompanyi nka Boeing na Airbus amaze imyaka amajana yaritunganijemwo.

Hanyuma kandi mu karere ka Aziya-Pasifike, Comac ifiseyo abandi bakeba hampande ya Boeing na Airbus.

Ikompanyi Embraer yo muri Brezili yarashinze ruraguma muri ako karere, aho amakompanyi Scoot yo muri Singapour, Virgin yo muri Australia hamwe na All Nippon Airlines (ANA) yo mu Buyapani, ariko aragura indege za Embraer.

Hagati aho, Boeing na Airbus ziracafise ikibanza kidasanzwe mw'ihayanishwa Singapore Airshow no mu karere kose. Zompi ziriko zereka amakompanyi y'indege yo muri ako karere ko ivyo gutevya mu gutanga indege vyari bimaze imyaka bizingamika ibikorwa vyayo biriko biratorerwa umuti.

Mike Szucs wo muri kompanyi Cebu Pacific yo muri Philippines ati: "Turanezerewe no kuba turiko tubona ikimenyetso c'uko ingorane zigiye kurangira".

Hariho kandi ikibazo c'ibitigiri Comac ishobora gutanga. Iherutse kuvuga ko ifise isoko ry'indege zunguruza abantu za C919 zirenga 1.000 zasabwe n'amakopanyi y'indege yo mu Bushinwa, ariko gushika ubu imaze gutanga iziri ku rushi.

Hanyuma guhinyuza ibi bitigiri biragoye kuko Comac ari kompanyi y'Ubushinwa yegamiye reta, itandukanye n'amakompanyi ashirwa ku mugaragaro ku masoko y'imitahe nka Boeing canke Airbus.

Rero, kiretse ari nka hamwe Comac yoshobora gutorera umuti zimwe muri izi ngorane, canke zose, ahandi hoho Boeing na Airbus ziraciganziye ikirere ca Aziya Pacifique.