Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Football: Vinicius Jr wa R.Madrid araronderwa muri Arabia Sawudite - ni mu yavugwa kuri uyu wa kabiri
Umusatirizi wa Real Madrid umunya-Brezili Vinicius Jr w'imyaka 24 ariko araronderwa n'imirwi ya Saudi Pro League ihiganwa rya Arabia Sawudite . (ESPN)
Habaye ibiganiro hagati muri Manchester United vyo kuraba ingene bogura abasatirizi, harimwo Umwongereza Dominic Calvert-Lewin w'imyaka 27 asanzwe akinira Everton. (Sky Sports)
Southampton yemeye igiciro c'imiriyoni 12.8 z'amapawundi atangwa na Hoffenheim ku mukinyi w'inyuma wayo, Umudagi Armel Bella-Kotchap w'imyaka 22, bikaba bitegekanijwe ko akorerwa ibipimo Vyo kwa muganga kuri uno wa kabiri. (Sky Sports)
Napoli yemeye ko ishobora gutanga imiriyoni 25 z'ama-euro hariko n'izindi miriyoni 5 z'uturusho ku musatirizi wa Chelsea Umubirigi Romelu Lukaku w'imyaka 31. (Gianluca di Marzio - mu Gitaliyano)
Newcastle iriko irarondera uwundi mukinyi w'inyuma nubwo, ku ncuro igira gatatu, yasubiye gushikira Crystal Palace kugira ngo irabe ko yokwemera kuyiha Umwongereza Marc Guehi w'imyaka 24. (Athletic)
Crystal Palace iriko kandi irakurikiranira hagufi ingene ibintu bigenda ku mukinyi wo hagati wa Chelsea Umwongereza Carney Chukwuemeka w'imyaka 20, igashobora kumurondera ari nka hamwe yoramuka abaye uwo kugurisha. (South London Press)
Porto yanse amahera atangwa na Bournemouth ku musatirizi wa Brezili Evanilson w'imyaka 24. (Fabrizio Romano)
Newcastle iriteguye kurondera umukinyi wo ku ruhande wa Chelsea umwongereza Noni Madueke w'imyaka 22 mu gihe uno murwi umenyerezwa na Eddie Howe woramuka ugurishije umukinyi wayo wo hagati, umunya-Paraguay Miguel Almiron w'imyaka 30 kuri Charlotte FC. (ipaper)
Liverpool yanse igiciro kigize gatatu gitangwa na Red Bull Salzburg ku mukinyi wayo wo hagati, Umwongereza Bobby Clark w'imyaka 19. Uno murwi wo muri Autriche/Austria wari watanze imiriyoni 8 z'amapawundi ku wa Mungu hanyuma biranka, ariko iki giciro gishasha imushakako citezwe gushika hafi imiriyoni 10 z'amapawundi asanzwe amusabwako. (Times )
Umukinyi w'inyuma wa Pays de Galles/Wales Chris Mepham w'imyaka 26 yiteze kuva muri Bournemouth muri rino ci aguzwe canke atijijwe, imirwi ya Ipswich, Torino, Anderlecht yose ikaba imushaka. (Fabrizio Romano)
Leicester City yageze ku masezerano na Bayer Leverkusen y'uko uyo murwi wo mu Bwongereza utizwa umusatirizi wa République Tchèque Adam Hlozek ariko ukazotegerezwa kuzomugura. Hagti aho, aba Foxes (Leicester City) bategerezwa kubanza kugiriranira amasezerano n'uno mukinyi w'imyaka 22. (Sky Germany)
Manchester United yasubiye kuvyura ibiganiro na Everton mu mugambi wayo wo kurondera umukinyi w'inyuma, Umwongereza Jarrad Branthwaite w'imyaka 22 ku miriyoni 60 z'amapawundi. (Football Insider)
Manchester City iriteguye gutiza umukinyi wayo wo hagati, Umwongereza Kalvin Phillips w'imyaka 28, imirwi Ipswich, Everton na Fulham yose ikaba imwipfuza. (Manchester Evening News)
Nottingham Forest iri hafi yo kuronka umusatirizi wa Paraguay Ramon Sosa w'imyaka 24 asanzwe akinira umurwi Talleres wo muri Argentina. Ni mu masezerano afise agaciro k'imiriyoni 11 z'amapawundi. (Telegraph)
Aston Villa, Fulham na Crystal Palace yose iri mu rugamba rwo kurwanira umukinyi w'inyuma wa Chelsea Trevoh Chalobah w'imyaka 25. (Football Insider)
Umusatirizi wa Tottenham Dane Scarlett w'imyaka 20 ari mu biganiro kugira ngo ashobore kwinjira mu murwi wo mu cicaro ca kabiri Oxford United ku ntizo. Uno Mwongereza amaze gukinira aba-Spurs inkino cumi. (Telegraph)