Imyuzure muri DR Congo: babandanya bimba mu vyondo barondera ababo

Abakenyezi bari mu marira kubera ababo baguye mu myuzure yateye ibigwati vya Bushushu na Nyamukubi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abakenyezi bari mu marira kubera ababo baguye mu myuzure yateye ibigwati vya Bushushu na Nyamukubi
    • Umwanditsi, Will Ross
    • Igikorwa, BBC World Service

Ibiziga vyababa 400 ni vyo bimaze gutorwa inyuma y’aho imyuzure n’ibihomoka bitereye ibigwati bibiri vyo mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo mu ndwi iheze.

Abategetsi bari bavuze ko hapfuye abantu 200 inyuma y’isegenya yaguye ku wa kane.

Mu bigwati bitari bike hafi y’ikiyaga Kivu, abantu babandanya bimba mu vyondo bakoresheje iminwe barondera ababo batakaye.

Abagiraneza bo muri Croix Rouge ya Congo nta mifuko bafise yo gutekera ibiziga.

Mu bigwati vya Bushushu na Nyamukubi vyo mu ntara ya Kivu y’Epfo, biba ngombwa ko barundanya ibiziga bitekeye mu burengeti.

Aba banyagihugu bo mu kigwati ca Nyamukubi babandanya barondera ababo baguye muri ino segenya yo ku wa 06 Rusama (5), 2023

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Aba banyagihugu bo mu kigwati ca Nyamukubi babandanya barondera ababo baguye muri ino segenya yo ku wa 06 Rusama (5), 2023

Haraciye imisi itatu iyi myuzure iteye, kandi abapfuye babandanya biyongera, buramatari w'intara ya Kivu y'epfo akaba yabwiye BBC ko gushika ubu bamaze gutora ibiziga 401.

N’umubabaro mwinshi, umugore umwe w’i Nyamukubi avuga ko umugabo wiwe yari yarokotse akaba ari mu bitaro ariko ko abana biwe bose bapfuye.

"Umengo ni umuhero w’isi", niko Gentille Ndagijimana w’imyaka 27 yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP, na we nyene akaba yabuze abavyeyi biwe na benewabo babiri.

Amazu yubatse mu mbaho asakajwe amabati yaratwawe.

Mu kigwati ca Bushushu amwe mu mazu agihagaze ari mu vyondo.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU António Guterres avuga ko iyi myuzure yerekana umuvuduko munini w’ihindaguriko ry’ikirere.