'Umugabo wanje yamaze imyaka ampa ibiyayuramutwe kugira amfate ku nguvu'

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Jane Deith na Emma Forde
- Igikorwa, BBC File on 4 Investigates
Igihe Kate n'umugabo wiwe bari bicaranye ku kagoroba kugira baganire, ntiyari yiteguriye kwumva ivyo umugabo wiwe yari agiye kumubwira.
"Namaze imyaka myinshi ndagufata ku nguvu. Naguha imiti yo kugusinziriza kandi ndagufata amafoto".
Kate (si ryo zina ryiwe ry'ukuri) yarabuze ico asubizayo. Yaricaye ajumarariwe. Ntiyashobora gutahura ivyo umugabo wiwe yariko aramubwira.
"Yambwiye gusa nk'uko umengo, urazi : 'Ejo ku mugoroba tuzorya spaghetti bolognaise, ntivyoba vyiza utoye umukate?'"
Uragaba: Iyi nkuru irimwo ahavugwa ivyo gusambanya ku nguvu
Mu myaka itari mike, mu mpisho, umugabo wiwe yarifatiye mu minwe umubiri wiwe kandi amukoresha uko ashatse. Yarakoresha ubugome, akamunywesha n'imiti.
Kate yaramaze imyaka itari mike yikangura, incuro zitari nke, asanga umugabo wiwe ari mu mibonano mpuzabitsina na we atazi ingene vyagenze, ikintu atashobora kwemera kuko yaba asinziriye. Ivyo ni ugufata ku nguvu.
Mu nyuma, uwo mugabo yarashobora kwicuza, akamwemeza ko yaba asinziriye kandi atamenya ivyo yaba ariko arakora. Yamubwira ko yari arwaye kandi ko hategerezwa kuba hari ikintu kitagenda neza muri we.
Kate yaramufashije mu kumuronderera abaganga.
Ariko ico gihe nta ciyumviro yari afise c'uko mw'ijoro yashira mu cayi ciwe imiti yo kumusinziriza, kugira ngo ashobore kumufata ku nguvu mu gihe yaba asinziriye.
Amaze kwemera ko yabikora n'ibigirankana, yamubwiye ko ari nka hamwe yoramuka yituye igipolisi ubuzima bwiwe (umugabo) buzoba burangiye. Ni co gituma Kate yavyihojeje.
Uyu yari se w'abana biwe. Ntiyashaka kwumva ukungene umuntu yasangiye ubuzima na we yari gushobora kurondera ingene yomubabaza ku rugero nk'urwo.
Hagati aho, inyuma y'amezi makeya, umubabaro w'ivyo yamubwiye ko yamukoreye watanguye kugira ingaruka mbi ku mubiri wiwe.
Kate avuga ko yarwaye cane, aronda bikomeye mbere atangura no kugira ubwoba.
Haciye hafi umwaka umugabo wiwe amwaturiye aya mabi, mu maganya adasanzwe, vyabaye ngombwa ko Kate abibwira mwenewabo.
Mwenewabo yaciye atumako nyina wabo, uyu nawe akaba yaciye ahamagara igipolisi. Uno mugabo yaciye ahagarikwa hanyuma arabazwa.
Ariko inyuma y'imisi ine, Kate yituye igipolisi asaba ko uru rubanza rutobandanya.
Ati: "Ntavyo nari niteguriye. Narumva umubabaro. Ntihari kuri jewe gusa, ariko ku bana. Numva ko se wabo atari gusubira kuba umuntu nk'uko yamye".
Ariko nubwo vyagenze uko, Kate ntiyari agishaka gusubira kumubona muhira, vyabaye ngombwa ko uno mugabo wiwe yimuka.
Mu nyuma, umugore yatanguye kwiyumvira neza ku vyamubayeko. Haciye amezi atandatu, Kate yasubiye kwitura igipolisi, haca hatangura amatohoza yakozwe n'umupolisi yitwa Mike Smith.
Kate avuga ko uno mupolisi yamufashije gutahura ko yarokotse icaha gikomeye: "Yaramfashije kugarura ububasha bwanje. Sinari nzi ko nari nabutakaje. Yaransiguriye ko ari ugufata ku nguvu."
Amakuru ajanye n'amagara y'umugabo wiwe yabaye icemezo gikomeye. Amaze kwaturira Kate, yaciye arondera ku giti ciwe umuhinga mu ndwara zo mu mutwe.
Mu kiyago ciwe na we, yamubwiye ko "yahaye ibiyayuramutwe umugore wiwe kugira ngo arangure imibonano mpuzabitsina na we asinziriye".
Kate avuga ko umugabo wiwe yabibwiye kandi bamwe mw'ishirahamwe Narcotics Anonymous rifasha abasinzikajwe n'ibiyayuramutwe, hamwe kandi na bamwe mu bagenzi biwe mw'ishengero bari basanzwe basengeramwo.
Amadosiye y'igipolisi kuri uru rubanza yarashikirijwe ibiro vy'umushikirizamanza ariko vyafashe ingingo yo kutitwara.
Kate ntiyatahuye igituma.
Agira ati: "Naribajije nti, none nimba ata vyemezo ufise mu rubanza rwanje, aho uwakoze ivyaha yavyiyemereye, uwundi muntu yobishobora ni nde?".
Ababaye cane, yahavuye asaba ko ingingo zafashwe n'ibiro vy'umushikirizamanza zisubirwamwo. Haciye amezi atandatu, ibi biro vyavuze ko uwari umugabo wiwe yari gushobora kurengutswa. Vyaremeye kandi ko "ingingo ya mbere yafashwe n'umushikirizamanza wacu yakiriye uru rubanza yarimwo utunenge".
Umuvugizi w'ibiro vy'umushikirizamanza yaremeye ko bafashe ingingo itari yo kuri uru rubanza, iyi ikaba ari yo kutarengutsa uno mugabo, akaba yaranasavye imbabazi nyene gukorerwa amabi ku mubabaro yoba yaragize.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uru rubanza rwarashikanywe muri sentare mu 2022, inyuma y'imyaka itanu uno yahoze ari umugabo wa Kate amwaturiye.
Igihe yariko arasambishwa, yavuze ko Kate yari asanzwe aryoherwa n'imibonano mpuzabitsina ari mw'itiro akikangura ari muri yo. Yaremeye ko yamuha ibiyayuramutwe, ariko akavuga ko kwari ukugira ngo ashobore kumwiganzira atarinze kumukangura. Yarahakanye ko atabigira kugira ngo agire imibonano mpuzabitsina na we ku nguvu, ariko abacamanza ntibavyemeye.
Umupolisi Smith avuga ko ibi ari ibintu vy'agahomerabunwa kandi ko bitumvikana ukungene uwakorewe aya mabi atagira izina yari kwemera kuyakorerwa ku gushaka kwiwe.
Mu rubanza rwamaze indwi yose, uno yahoze ari umugabo wa Kate yahavuye yagirwa n'ivyaha vyo gufata ku nguvu, no kumuha ibiyayuramutwe n'ibigirankana.
Igihe yakubitwa intahe mu gahanga, umucamanza yavuze ko ari "umuntu yikunda, ashira imbere gusa ivyo we abona ko bimuryohera", kandi ko atigeze yicuza na gato".
Yaciriwe umunyororo w'imyaka 11 kandi ko, mu buzima bwiwe bwose, kizira kikaziririzwa gusubira kwegera Kate.
Inyuma y'imyaka itatu, Kate aracagerageza kwubaka ubuzima bwiwe n'abana biwe. Kuva ico gihe yatowe indwara y'agahinda inyuma y'ihahamuka, ikizwi mu gifaransa nka trouble de stress post-traumatique (TSPT), be n'ibibazo vyo mu bwonko kubera ihahamuka yaciyemwo.
Kate abona ko ivyamubayeko bisa n'ivyashikiye Gisèle Pelicot, Umufaransakazi yahabwa ibiyayuramutwe n'umugabo wiwe, akamufata ku nguvu mbere agatumira n'abagabo baharurwa muri mirongo kugira bamusambanye ku nguvu.
Ati: "Ndibuka ico gihe ingene naguma nsenga nsaba ko yoshigikirwa kandi agasubizwa iteka yari akeneye".
Avuga ko yipfuza ko abandi bantu batahura ko ihohotera rikorwa cane kandi mu gacerere "kuruta uko wiyumvira".
Ati: "Ndacariko ndiga neza ivyanshikiye n'ingaruka vyangizeko".













