Imvo n'imvano ku gitabo ca Jenerali Joseph Rugigana kw’igandagurwa rya Melchior Ndadaye

Insiguro y'amajwi, Imvo n'imvano ku gitabo ca Jenerali Joseph Rugigana kw’igandagurwa rya Melchior Ndadaye

Ikiganiro c’uno munsi igenekerezo rya 23 ukwezi kwi cumi na rimwe 2024 kigaruka ku gitabo ca Général de Brigade Joseph Rugigana giheruka gusohoka kivuga kw’igandagurwa rya Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere w’umuhutu yatwaye igihugu c’uburundi, akaba ari nawe mukuru w’igihugu wa mbere yatowe n’abanyagihugu biciye mu matora ya demokrasi ahurikiyemwo imigambwe myinshi.

Melchior Ndadaye yari yaserukiye umugambwe Sahwanya-Frodebu akaba yatsinze ayo amatora yambere ya demokarasi y’italiki imwe ukwezi kwa gatandatu mu mwaka wi 1993, ku majwi 64,79 kw’ijana aho yarushije uwo bari bahanganye cane Major Petero Buyoya babisikanije ku butegetsi yari yaserukira umugambwe w’abadasigana Uprona. Prezida Buyoya yaronse amajwi 34,7 kw’ijana nayo Pierre Claver Sendegeya yari yaserukiye umugambwe w’abatuhurana PRP yari yaje mu mwanya wa gatatu aho yaronse amajwi 1.44.

Ndadaye Melchior yarahiriye kurongora Uburundi italiki cumi ukwezi kw’indwi mu 1993 mu ngoro y’amakoraniro mu kigobe ahateranira inama nshingamateka, aba yinjiye mu mateka nk’umukuru w’igihugu agira kane arongoye igihugu, Melchior Ndadaye yaba abaye umukuru w’igihugu wa mbere w’umusivire atwaye Uburundi kandi atari mu mugambwe w’abadasigana Uprona kuva habayeho umuzo wa republika ya mbere ku wambere munyonyo 1966, kuko abakuru b’ibihugu bose 3 bamutanguriye bose bari abasirikare bari bashitse ku butegetsi babanje gutembagaza intwaro yari ihari.

Ariko ubutegetsi bwa Melchior Ndadaye bwamaze umwanya urume rumara kuko kuwa 21Gitugutu (10) 1993 inyuma y’amezi atatu gusa ari kubutegetsi yaciye agandagurwa afise imyaka 40 gusa, mw’igerageza ry’ihirikwa ry’ubutegetsi ryo mw’ijoro ryo kuwa 20 ushira uwa 21 gitugutu 1993; aho yagandaguwe ari kumwe n’abamufasha kurongora igihugu nka Pontien Karibwami yari arongoye Inama nshingamateka, Gilles Bimazubute yari icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, Juvenal Ndayikeza yari umushikiranganjanji wo gutunganya intwaro n’iterambere ry’amakomine.

Urupfu rwa prezida Melchior Ndadaye rukaba rwakurikirikiwe n’igandagurwa ry’abarundi isinzi hagati mu gihugu kubera kwihorana, hamwe n’indwano yamaze imyaka irenga 10 hagati y’amoko yahitanye abatri bake, n’abandi baharurwa mu bihumbi amajana bahungiye hagati mu gihugu no hanze yaco.

Iki kiganiro Imvo n’imvano cibanda ku gitabo giherutse gusohorwa na Général de Brigade Joseph Rugigana yise “Ma Vérité sur l’assaninat de Ndadaye » mu rurimi rw’igifaransa canke “Ukuri kwanje kw’iganadagaurwa rya Melchior Ndadaye” mu rurimi rw’ikirundi.

Ico gitabo kikaba kigaruka kw’igandagurwa rya prezida Melchior Ndadaye.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ni igitabo ijambo ry’intangamarara (preface mu gifaransa) ryanditswe na Ahmedou Ould Abdallah umunya Mauritaniya yari intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu Onu w’ico gihe Boutros Boutros-Ghali mu 1993.

Général de Brigade Joseph Rugigana mu 1993 yari afise imyaka 31 akaba yari afise ipete rya Liyetena, aho yari arongoye umurwi w’abasoda (escadron) bakoresha ibiduga bitamenwa n’amasasu bita Blindes mu rurimi rw’igifaransa bari bajejwe gucungera ikirimba c’umukuru w’igihugu cari giherereye hagati mu gisagara ca Bujumbura, kw’ibarabara ryitiriwe uwa 13 Gitugutu hafi yi hoteli Source du Nil.

Igitabo ciwe “Ma Vérité sur l’Assasinat de Ndadaye” casosohotse ku mugaragaro mu ntango za kuno kwezi kigaruka ku masaha ya nyuma ya prezida Melchior Ndadaye imbere y’uko agandagurwa kuwa 21 ukwezi kwa Gitugutu 1993.

Ni igitabo uwacanditse Général de Brigade Joseph Rugigana avuga ko ari intahe y’ivyo yabonye uwo munsi Prezida Melchior Ndadaye agandagurwa nk’umwe mu bari bajejwe kumucungera bamubobonye imbere yuko agandagurwa.

Ico gitabo kuva gisohoka kikaba cavuzwe vyinshi aho hari abagishimagije kuko kije guterera kumenya ukuri kuvyabaye mu gihe hari abandi bakinegura ko kirimwo ibinyoma n’ukurementaniriza abahoze mu gisirikare ca kera ni naco Gituma twashimye gutumira nyene kucandika Général de Brigade Joseph Rugigana kugira aduhe umuco.

Mbega vyari vyifashe gute ku kirimba c’umukuru w’igihugu mw’ijoro ry’uwa 20 ushira 21 Gitugutu 1993 ? Hari icakozwe kugira hakingirwe ubuzima bwa Prezida Melchior Ndadaye ? Mbega ni bande babonanye ubwa nyuma na Melchior Ndadaye ? Ni bande batanze itegeko ko agandagurwa ? Kuki kino gitabo c’uwahoze ari mu bacungera ubuzima bwa Melchior Ndadaye gisohotse kino gihe inyuma y’imyaka 31 agandaguwe? Ibi n’ibindi bisanzwe bikubiye muri kino Gitabo ca Général de Brigade Joseph Rugigana nivyo tuza kugarukako uno munsi mu mvo n’imvano y’uno munsi.