SIDA igiye gutikiza abantu kubera Amerika yagabanije amahera - Byanyima umukuru wa ONUSIDA

Winnie Byanyima umukuru wa ONUSIDA/UNAIDS

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umupfasoni Winnie Byanyima arongoye ONUSIDA/UNAIDS atera akamo Amerika ko guhindura iyi ngingo idatevye, akagabisha ko abagore n'abakowa ari bo bariko barahabonera amabi cane cane.
    • Umwanditsi, Imogen Foulkes
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC i Genève
    • Umwanditsi, Alex Boyd
    • Igikorwa, BBC News

Umukuru w'ishami rya ONU rijejwe kurwanya umugera wa SIDA (ONUSIDA/UNAIDS) agabisha ko ingingo ya Amerika yo kugabanya amahera itanga muri iki gisata izotuma buri musi abantu 2000 bashasha bandura umugera wa SIDA, wongere uhitane n'abandi barenga imiriyoni zitandatu mu myaka ine iri imbere.

Iyi ngingo izohindura bikomeye ibintu mu rugamba rwo kurwanya SIDA kw'isi yose, mu gihe ibitigiri vy'abishwe n'iyi ndwara vyari vyamanutse cane, aho vyavuye ku miriyoni zirenga zibiri mu 2004 bigashika ku 600.000 mu 2023, ari na wo mwaka wa vuba werekana ibitigiri.

Umuyobozi nshingwabikorwa wa ONUSIDA/UNAIDS, Winnie Byanyima, avuga ko iyi ngingo ya reta ya Amerika yo guhagarika vy'agateganyo imfashanyo itanga mu makungu – iyi ikaba irimwo amafaranga agenewe imigambi yo kurwanya umugera wa SIDA – imaze kugira ingaruka ziriko ziriha inkumbi.

Atera akamo Amerika ko yohindura iyi ngingo yo kugabanya aya mahera idatevye, akagabisha ko abagore n'abakowa ari bo bariko barahabonera amabi cane cane.

Ku musi wa mbere ashikira ubutegetsi muri Nzero (1) uno mwaka, Perezida Donald Trump yashitse atangaza ingingo yo guhagarika vy'agateganyo imfashanyo iki gihugu gitanga mu amakungu mu misi 90 y'intango, nka kimwe mu biri mu bikorwa vyo kwihweza amahera akoreshwa na reta.

Kuva ico gihe, hafi ibikorwa vyose vy'igisata ca Amerika kijejwe iterambere kw'isi, USAID, vyarahagaze.

Imigambi myinshi yo kuvura no gukinga umugera wa SIDA yahora ifashwe mu mugongo na Amerika yategetswe guhagarika ibikorwa, ivyatumye ibisata vy'ubuvuzi bijejwe amagara y'abavyeyi n'abana muri Afrika vyugara, ya miti na yo yo gupfupfahaza ihabwa abagendana umugera wa SIDA (ARV mu mpfunyapfunyo) iba nk'umuzi w'ibuye.

Umupfasoni Byanyima avuga ko afise ubwoba ko isi ishobora gusubira kuba nk'uko yari imeze mu myaka ya 1990, aho mu bihugu bikenye hari ibitigiri vy'umurengera vy'abapfa n'abandura kubera ubukene bw'iyi miti.

Amerika imaze imyaka itari mike ari yo yonyene itanga amahera menshi yo kuvura no gukinga umugera wa SIDA, umupfasoni Byanima akaba ashimira Washington (ubutegetsi bwa Amerika) ku buntu n'ubugwaneza bwayo.

Yongerako y'uko "vyumvikana" kubona Amerika "ishaka kugabanya amahera itanga – bukebuke", ariko ko "guhagarika bukwi na bukwi iyi mfashanyo yo kurokora ubuzima bw'abantu biriko bigira ingaruka mbi cane".

Nta kimenyetso na kimwe cerekana ko Washington yoba iriko yumva akamo iterwa kugira ngo ihindure.

Eka n'ibihugu vya Bulaya vyamye bitanga imfashanyo kuva kera na vyo nyene bitegura kugabanya amafaranga, kandi ONUSIDA nta kimenyetso na kimwe ibona kigaragaza ko ibindi bihugu bishobora guhaguruka kugira ngo bizibire igihengeri gitewe na Amerika.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw'ijambo ryiwe yashikirije i Genève ku wa mbere, umupfasoni Byanyima arasigura afatiye kuri Juliana, umugore akiri muto wo muri Kenya asanzwe agendana umugera wa SIDA. Yari asanzwe akora mu mugambi wari ufashwe mu mugongo na Amerika, wafasha abavyeyi bashasha kuronka ubuvuzi kugira ngo abana babo ntibandure umugera.

Inyuma y'uko uno mugambi uhagaritswe, Byanyima avuga ko, uretse ko Juliana yatakaje akazi, kubera yari asanzwe yonsa umwana wiwe mutoyi, afise ubwoba ko azotakaza ubuvuzi akeneye.

Imbere y'aha, ishirahamwe rijewe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO ryavuze ko ibihugu umunani - Nigeria, Kenya, Lesotho, Sudani y'Epfo, Burkina Faso, Mali, Haiti na Ukraine – vuba bishobora gukehanirwa n'imiti ya SIDA inyuma y'aho Amerika ihagarikiye vy'agateganyo imfashanyo yayo.

Umukuru wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus agabisha ko uguhungabanya imigambi yo kurwanya umugera wa SIDA "bishobora gupfisha ubusa intambwe yari igezweko mu myaka 20".

Muri Ruhuhuma (2), ishirahamwe ryo muri Afrika y'Epfo Treatment Action Campaign (TAC) rifasha abagendana umugera wa SIDA kuronswa imiti, ryagabishije ko iki gihugu gishobora gusubira muri ca gihe c'aho abarwayi ba SIDA batari borohewe mu kuronswa ubuvuzi baba bakeneye.

Sibongile Tshabalala, umukuru wa TAC, agira ati: "Ntidushobora kureka ngo dupfe, ntidushobora gusubira muri ya myaka aho twari tugowe no kuronswa ubufasha, cane cane ku bantu bari basanzwe bagendana umugera wa SIDA".

Umupfasoni Byanyima yemereye ubutegetsi bwa Trump amasezerano yoha Amerika isoko y'umuti mushasha wo gupfupfahaza uherutse guhingurwa na Amerika ku mamiriyoni y'abantu.

Lenacapavir yahinguwe na kompanyi yo muri Amerika Gilead ni umuti uterwa mu rushinge uko amezi atandatu aheze, aho ONUSIDA yemeza ko abantu imiriyoni 10 boharonkera akoyoko.

Byanyima yongerako y'uko inyungu n'ubuzi vyova muri ano masezerano vyoha Amerika akarusho kanini.

ONUSIDA ni rimwe mu mashami ya ONU atari make ahanzwe n'igabanuka ry'amafaranga.

Ishami rya ONU rijejwe impunzi rivuga ko abakozi 6000 bashobora gutakaza akazi, mu gihe UNICEF yitaho abana nayo igabisha ko intambwe yo kugabanya ibitigiri vy'abana bapfa iri mu kaga, nayo PAM/WFP ijejwe imfungurwa kw'isi bikaba vyabaye ngombwa ko igabanya imfungurwa mu turere tugeramiwe na kigoyi.