Umuntu wa kane agendana umugera wa SIDA biboneka ko yawukize

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugabo asanzwe agendana umugera wa VIH utera SIDA kuva mu myaka ya 1980 aboneka ko yakize, akaba abaye uwa kane gusa, nk’uko bivugwa n’abaganga.
Yatewe umusokoro wo mw’igufa ariko aravurwa indwara ya kanseri yo mu maraso yo mu bwoko bwa leukaemia, awuhawe n’umugiraneza asanzwe adafatwa n’umugera.
Uyu mugabo w’imyaka 66 atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, yarahagaritse gufata imiti yari amaze imyaka irenga 30 afata, yo gupfupfahaza VIH.
Avuga ko afise “umunezero utagira urugero” kubona ata mugera agifise mu mubiri.
Uyu mugabo azwi nk’umurwayi w’“Igisagara c’Umwizero” (City of Hope) inyuma y’ibitaro yariko aravurirwamwo vya Duarte mu ntara ya California.
Abenshi mu bagenzi biwe bahitanywe na SIDA imbere y’uko imiti yo gupfupfahaza itangura guhabwa abarwayi mu ntumbero yo kubafasha kubandanya babaho ubuzuma busanzwe.
'Sinibaza ko noshoboye kubona uyu musi'
Umugera HIV/VIH (Virus de l'Immunodéficience Humaine), wica abasoda b’umubiri bigatuma umuntu arwara indwara ya SIDA kuko umubiri ntuba ugishoboye kurwanya umugera.
Mw’itangazo, uyu mugabo avuga ati: "Igihe bantora umugera mu 1988, co kimwe n’abandi, nibajije ko nciriwe urwo gupfa.
"Sinigeze nibaza ko noshoboye kubandanya mbaho gushika aho mbona umusi ntazoba ngifise umugera”.
Ariko, ntiyakize ngo ni uko yavuwe umugera wa VIH, ahubwo vyarahuriranye kuko yariko aravurwa kanseri yo mu maraso yo mu bwoko bwa leukaemia yari yanduye afise imyaka 63.
Abaganga bamukurikirana ico gihe bafashe ingingo ko yoterwa umusokoro mu ntumbero yo gusubiriza uturemangingo tw’amaraso twari dufise kanseri.
Rero yagize amahirwe asanga umugiraneza yemeye kumuha utu turemangingo ari mu murwi wa ba bantu batandura umugera wa VIH.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugera winjirira mu turemangingo twera (globules blancs/ white blood cells) tw’amaraso uciye mu muhora utaboneka n’amaso, indemamubiri (proteine) izwi nka CCR5.
Hagati aho, hariho abantu, harimwo n’uyu mugiraneza yamuhaye utu turemangingo, bafise iyi CCR5 igenda ihindagurika ikazibira uwu muhora, bigatuma umugera udashobora kwinjira.
Umuti uracari kananirabahinga
Uyu murwayi 'w’Igisagara c’Umwizero' yarakurikiraniwe hagufi inyuma yo guterwa utu turemangino, haragera igihe umugera utakiboneka mu mubiri.
Amaze amezi arenga 17 ata mugera umurimwo.
Dr Jana Dickter, umuganga avura indwara ziterwa n’imigera kw’ico Gisagara c’Umwizero, avuga ati:
"Wari umunezero kuri twebwe kumubwira ko umugera wa SIDA utakiri muri we kandi ko bitari bikenewe ko abandanya afata imiti yo gupfupfahaza yari amaze imyaka irenga 30 afata”.
Ikintu nk’iki cabaye ubwa mbere mu 2011 igihe Timothy Ray Brown – azwi nk’umurwayi w’i Berlin – aba umuntu wa mbere kw’isi yakize umugera wa SIDA.
Mu myaka itatu iheze, hamaze kuba abandi bantu batatu bakira muri ubu buryo.
Uyu murwayi w’Igisagara c’Umwizero ni we muntu wa mbere afise imyaka myinshi avuwe muri ubu buryo akongera akaba n’uwa mbere amaze igihe kirekire agendana VIH ashoboye gukira.
Hagati aho, guterwa imisokoro ntibisigura ko bigiye guhindura ibintu mu kuvura imiriyoni 38 z’abantu bagendana SIDA muri kino gihe.
Dr Dickter avuga ati: "Ni uburyo bugoye cane kandi bushobora kugira ingaruka mbi zikomeye. Rero si inzira nyayo yo kuvura abantu bose bagendana SIDA”.
Hagati aho, abashakashatsi bariko bararondera ingene bokwibanda kuri uwu muhora w’indemamubiri CCR5 mu gutera uturemangino nk’imwe mu nzira yo kuvura umugera.
Ubu buryo bwarashikirijwe mu nama yerekeye SIDA yabaye mu 2022 i Montreal muri Canada.
Avuga ku vyavuye muri ubu bushakashatsi Prof Sharon Lewin aherutse gutorwa ngo arongore ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze kurwanya umugera wa SIDA, International Aids Society, avuga ati: "Umuti uracari kananirabahinga mu bushakashatsi kuri SIDA”.
Avuga ko “imbere y’aha habaye abantu bake bakize” bagatanga “icizere kibandanya ku bantu bagendana umugera wa SIDA, ndetse inaha umwizero abahinga”.










