'Cab-La si umuti wo kuvura SIDA, si n'urucanco, ahubwo uzibira ubwandu bwa HIV' – Dr Ikuzo wo mu Rwanda

Dr Basile Ikuzo, umuyobozi w'ishami rishinzwe kurwanya ikwiragira ry'umugera wa SIDA mu kigo c'igihugu gishinzwe amagara y'abantu mu Rwanda (RBC), avuga ko umuti Cabotegravir canke CAB-LA atari urukingo nk'uko benshi bariko bavuga.
Dr Ikuzo avuga ko ubwoko bw'uwo muti uterwa mu rushinge, atari umuti mushasha, ahubwo uburyo watangirwamwo ari bwo bugiye guhinduka, kuko kuva mu 2018, imiti nk'iyo yatangwa mu Rwanda, ariko ari ibinini.
None CAB-LA ni umuti bwoko ki?
CAB-LA si urucanco

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu gihe uwutewe uru rushinge bishobora kumukingira kwandura umugera wa SIDA muri ico kiringo cabigenewe, uwo muti ntiwofatwa nk'urukingo kuko umuntu ategerezwa kuguma awufata rimwe mu mezi abiri mu gihe cose aba afise ivyago vyo kwandura virusi itera SIDA.
Ibi bitandukanye n'urucanco, umuntu ashobora guhabwa rimwe risa mu buzima akaba aronse ubwirinzi ubuzima bwose, canke mu kiringo kinini aho ashobora kwongerwa urundi rwo gukabura ubudahangarwa.
Iyo umuntu ahabwa uwo muti wo mu rushinge wa CAB-LA ahagaritse kurutegwa buri mezi abiri, ariko akaba akiri mu vyago vyo kwandura, ubwirinzi bwiwe buragenda, bigasobanura ko ico gihe ashobora kwandura.
CAB-LA si umuti wo gupfupfahaza SIDA
Muganga Basile Ikuzo yabwiye BBC ko abamaze kwandura umugera wa SIDA bataba bagihawe uru rushinge.
Ni urushinge ruri mu bwoko bw'imiti yo kurinda abantu baba bafise ivyago vyo kwandura cane, kuko muri iyo migwi ariho ubwandu bushasha bwiganje.
CAB-LA iri mu gitigiri c'imiti bita PrEp (pre-exposure prophylaxis/ prophylaxie pré exposition), ukaba ari umuti uzibira umugera wa SIDA kugira ngo ntiwandure. Imiti ya PrEp rero ihabwa abantu batarandura ariko bafise ivyago vyo kwandura, igafatwa iminsi yose.

Ahavuye isanamu, Niphon Subsri / EyeEm
Imiti yo muri ubwo bwoko bwa PrEp, ari nayo urushinge CAB-LA rubarizwamwo, ni iy'ubwirinzi, si iyo gupfupfahaza, kuko ifasha abatarandura kuzitira bataronerwa.
Itandukanye kandi n'iyo mu bwoko bwa PEP (Post- exposure prophylaxis/ prophylaxie post exposition) yo ihabwa umuntu aba yahuye n'ikibazo gishobora gutuma akeka ko yoba yanduye, nko gukora imibonano mpuzabitsina idakingiye n'ibindi vyago nk'ivyo.
Ni ba nde bahabwa CAB-LA?
Mu Rwanda abari ku mugambi wo gufata imiti yo kwirinda virusi itera SIDA bari mu migwi ifise ivyago vyo kwandura, bari hagati ya 13000 na 14000.
Abo barimwo:
- Abakora umwuga w'uburaya
- Abaryamana bahuje ibitsina
- Ababana bubakanye, umwe afise ubwandu uwundi atabufise (couples discordants)
- Abana bari mu rugero rw'ubusore canke ubukumi bashobora kuba bafise urugero rw'ivyago vyo kwandura umugera wa SIDA ruri hejuru mu buzima bwabo.
Aba ni bo bari muri uwo mugambi wo guhabwa ubwirinzi bwa PrEp, nk'uko Dr Ikuzo yabibwiye BBC Gahuzamiryango.
Muri aba bari basanzwe bafata ibinini vyo mugwi wa PrEp, niho hazovamwo abazohabwa urushinge rumwe buri mezi abiri, rwo kubafasha gukomeza kwirinda virusi itera SIDA.
Uretse kuba muri iyi migwi, hari ibindi bisabwa kugira ngo umuntu ashirwe mu gitigiri c'abagenewe gufata urwo rushinge.
Muri ivyo harimwo ubushake bwa nyene gufata umuti, ibijanye n'amateka y'ubuzima bwiwe, hamwe rero no kuba atarandura umugera wa SIDA.
Uwushirwa muri uno mugwi ategerezwa kandi gusuzumwa uko amagara yiwe ameze ku buryo ashobora gufata uwo muti bitamuteye ikibazo, nko gufata ibipimo vy'amafyigo ngo bamenye nimba ata kibazo uwo muti ushobora kumutera.
Muganga Basile Ikuzo avuga kandi ko uyu muti abagore bibungenze batemerewe kuwufata, kuko ku bushakashatsi bwakozwe baratabona neza nimba ata ngaruka wotera ku mukenyezi yibungenze.
Uyu muti wo mu rushinge wa CAB-LA, Dr Ikuzo avuga ko bazotangurira ku mavuriro abiri i Kigali, kugira ngo babanze barabe ingene abantu bawakira, imbere yo kuwukwiragiza mu gihugu cose.
Ibi ariko asobanura ko bidasigura ko urwo rushinge rukiri mw'igerageza, ahubwo Urwanda ruzobanza kwihweza nimba abagenewe imiti ibafasha kwirinda virusi itera SIDA bakira urwo rushinge, canke ko bifuza gukomeza ikinini ca buri munsi.
N'ubwo urushinge rwa CAB-LA ari ikintu gishasha mu Rwanda, ntabwo ari umuti mushasha.
Dr Ikuzo avuga ko wari usanzwe utangwa mu mero y'ikinini ca buri munsi.
CAB-LA izanye akahe karusho?
Itandukaniro rya CAB-LA n'ibindi vyahora vyifashishwa mu kurinda abafise ivyago vyo kwandura umugera wa SIDA vyo mu mugwi wa PrEp, nk'ikinini gifatwa buri munsi, ni uko urwo rushinge rwo rufatwa rimwe mu mezi abiri.
Uretse ko ibi vyorohereza abarufata mu kubakurako umutwaro w'umwitwarariko wo gufata umuti umusi ku musi, binafasha no kugabanya n'ivyago vyo kwibagira bishobora gutuma umuntu yokwandura n'ubwo yoba yasivye rimwe gusa gufata ikinini ca buri munsi.
Urushinge rumwe rwa CAB-LA ruba rusubiriye ibinini 60 bihuye n'amezi abiri.
Ikindi ciza c'urwo rushinge, uretse umwitwarariko, rukuraho inzitizi z'ipfunwe ku bantu bagira isoni zo kugendana ikinini ca buri musi batinya gukumirwa n'abashobora kwibaza ko ari abarwayi ba SIDA mu gihe bababona bafata umuti wa misi yose.
N'ubwo CAB-LA ufasha kugabanya ivyago vyo kwandura umugera wa SIDA ku rugero rwa 98%, Dr Ikuzo avuga ko bidakwiye gutuma abantu birengagiza ubundi buryo bwo kwirinda bwari busanzwe bwunganira imiti yose yo mu bwoko bwa PrEp, nko gukoresha agakingirizo, kuko ibi bituma umuntu yirinda ibindi vyago uru rushinge ubwarwo rudashobora kumurinda.
Muri ivyo harimwo gutwaza inda zitifuzwa canke guhura n'izindi ngwara zandurira mu mibonano mpuzabitsina.
Mu Rwanda, urugero rw'ubwandu bwa SIDA ruri kuri 3%, nk'uko bitangazwa n'ikigo c'igihugu kijejwe amagara y'abantu, RBC. Iki gihugu carateye intambwe iboneka mu nzira yo kurwanya ubwandu bwa SIDA, aho kimaze gushika ku ntego ya 95-95-95 muri wa mugambi w'isi yose wo kurandurana n'imizi umugera wa SIDA.
N'ukuvuga ko:
- Ibice 95% vy'abagendana umugera wa SIDA bazi uko bahagaze;
- Muri abo 97% bari ku miti yo gupfupfahaza ubwandu bwa SIDA;
- Kandi muri abo bafata imiti, ibice 98% baramaze gushika ku rugero ubwandu butakigaragara mu bipimo vyabo, ni ukuvuga ko umugera wa SIDA wazimanganye.













