India: Ifoto y’abahinduye ibitsina bubakanye iriko irazunguruka cane

Ziya Paval na Zahad

Ahavuye isanamu, Ziya Paval/Instagram

Insiguro y'isanamu, Ziya Paval na Zahad biteze kuvyara mu misi mike iri imbere

Na Imran Qureshi

BBC Hindi, Bengaluru

Ifoto y’imbanyi y’umugabo n’umugore bo mu Buhindi bahinduye ibitsina vyabo (transgender) - bahagaritse imiti yo guhindura imisemburo (hormone therapy) kugira ngo bavyare umwana – iriko irazunguruka cane ku mbuga hwaniro.

Ziya Paval w’imyaka 21, n’uwo bubakanye Zahad w’imyaka 23, basanzwe baba mu ntara ya Kerala iri mu bumanuko bw’Ubuhindi, bari mu gikorwa co guhindura ibitsina vyabo igihe bafata ingingo yo kuvyara umwana.

Madamu Paval, avuga ko yamye yipfuza kuba umuvyeyi, yavutse ari umugabo ariko ubu avuga ko ari umugore.

Zahad, asanzwe akoresha izina rimwe gusa, yavutse ari umugore ariko ubu avuga ko ari umugabo. Ubu rero afise imbanyi, bakaba biteze kuronka umwana mu misi mike iri imbere.

Ku mbuga hwaniro, abatari bake barabakeza.

Aciye ku mafoto yasohowe na madamu Paval ku rubuga rwa Instagram, S Negha asanzwe ari mu baharanira agateka k’abari muri uno murwi w’abahinduye ibitsina yanditse ati: "Abantu bahinduye igitsina cabo barafise uburenganzira bwo kugira umuryango”.

Paval na Zahad bavuga ko ibibabayeko bishobora kuba imbonekarimwe mu Buhindi kubera “ku vyo tuzi gushika ubu, nta wundi muntu n’umwe mu muryango w’abahinduye igitsina arashobora kwiyita umuvyeyi w’amaraso”.

Abakoresha imbuga hwanira barakeza cane Ziya Paval na Zahad

Ahavuye isanamu, Ziya Paval / Instagram

Insiguro y'isanamu, Abakoresha imbuga hwanira barakeza cane Ziya Paval na Zahad
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ubuhindi buzwi ko bufise abantu bababa imiriyoni zibiri bahinduye ibitsina vyabo, n’aho abaharanira gateka kabo bavuga ko igitigiri gisumba ico.

Mu 2014, sentare nkuru y’igihugu mu Buhindi yaremeje ko aba bantu bafise uburenganzira bumwe n’abandi b’ibindi bitsina.

Ariko, ntiboroherwa mu bijanye no kwiga no kwivuza, aho kenshi bakunze kunenwa no gusuzugurwa.

Igihe madamu Paval na Zahad bahura, haraciye imyaka itatu, bompi baratandukanye n’imiryango yabo.

Madamu Paval ati: "Jewe mva mu muryango w’aba-Islam bagendera ku vya kera batigeze banyemerera kwiga gutamba umuziki.

"[Abavyeyi banje] bari bugaye mu mutwe ku buryo bahora bamwa umushatsi kugira ngo sinshobore gutamba”.

Paval avuga ko yavuye muhira agiye mw’isabukuru ry’urwaruka maze ntiyaba agisubira muhira.

Yize gutamba ari ku kigo c’abahinduye ibitsina. Ubu rero yigisha abandi banyeshure gutamba umuziki mu karere ka Kozhikode.

Zahad, asanzwe yize ibijanye no kubika no guharura amafaranga ( comptabilité/accountancy), ava mu muryango w’abakristu/abakristo mu gisagara ca Thiruvananthapuram gisanzwe gitunzwe n’uburovyi. Ubu akora mu kigo c’akaguriro.

Yatandukanye n’umuryango wiwe igihe bimenyekaniye ko ari mu muryango w’abahinduye igitsina.

Ariko inyuma yo gusama inda, vyabaye ngombwa ko umuryango wiwe ubemera nk’abubakanye kandi ukabafata mu nda.

Paval ati: "Bariko barafasha Zahad muri kino gihe yibungenze”.

Nyina wa Zahad ni we mu ntango yari yabasavye ko batoshira ahabona ivy’imbanyi yabo. Bagiye kubitangaza ku rubuga rwa Instagram mu ndwi iheze abahaye uruhusha.

Madamu Paval avuga ko umuryango wiwe utarabatahura.

Madamu Paval yigisha gutamba mu gihe Zahad nawe ari umunyabigega

Ahavuye isanamu, Ziya Paval/Instagram

Insiguro y'isanamu, Madamu Paval yigisha gutamba mu gihe Zahad nawe ari umunyabigega

Madamu Paval yabwiye BBC ko bafashe ingingo yo kuvyara mu mwaka n’igice uheze, igihe bompi bari bageze mu bihe bitandukanye vyo guhindura ibitsina vyabo.

Zahad ntiyari bwakurwemwo udusaho tw’intangangore hamwe n’igitereko, ariho baca bahagarika gufata imiti yo guhindura ibitsina bahanuwe n’abaganga.

Abaganga babo ntibemerewe kuvugana n’ibinyamakuru.

Muganga Mahesh DM, umuhinga mu bijanye n’imisemburo mu gisagara ca Bangalore amaze kukorana n'abantu batari bake bahinduye ibitsina, agira ati: "Ivy’iyo mbanyi birangiye, bashobora gusubira ku miti yabo yo guhindura imisemburo”.

Aba bantu bavuga ko umwana ni yamara kuvuka bazoca barondera akandi kazi gashobora kubabeshaho.

Madamu Paval ati: "Biragoye cane kuronka ikikubeshaho”. Yongerako y’uko azoca arondera abandi banyeshure yigisha gutamba.

"Zahad azosubira ku kazi inyuma y’amezi abiri umwana avutse. Hanyuma nanje nzoca ndera umwana".

Aba bantu bavuga ko umuryango w’abahinduye ibitsina “wabakeje cane” kuri ino mbanyi yabo.

Madamu Paval ati: "Ni vyo koko, hari abantu haba mu muryango w’abahinduye igitsina canke hanze yawo bemera ibivugwa. Bibaza ko umugabo yahinduye igitsina adashobora kwibungenga.

“Ariko ntaco bitwaye”.