Video yerekana Umushinwa akora mw'ihinguriro ry'inzoga ariko arasoba mu gikono

Inyu ndangamico y’inzoga ya Tsingtao yerekana amacupa yose ashorwamwo inzoga za Tsingtao kw’isi, inbere mw’ihinguriro rya Tsingtao

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tsingtao niryo hinguro riza kabiri mu bunini rikaba n'irya mbere rishora hanze kurusha ayandi mu Bushinwa

Abategetsi mu Bushinwa bariko barakora amatohoza inyuma y'aho video yahanahanywe cane yagaragaye yerekana umukozi w'umugabo wo muri Tsingtao ariko arasoba mu gikono, vyibazwa ko carimwo ibihingurwamwo inzoga yaryo ikundwa cane.

Iyo video yarabwe n'abantu ama miriyoni ku mbuga hwaniro.

Iryo hinguriro rivuga ko ryaciye ribimenyesha igiporisi buno nyene rikibona iyo video, rica ryongerako ivyari muri ico gikono vyaciye bifundukirwa birahomwa.

Tsingtao ni imwe mu makompanyi akora inzoga nyishi mu Bushinwa ikaba n'iyambere y'ico gihugu mu kuzishora hanze.

Muri iyo video yagiye ahabona ku wa kane, umukozi, yambaye umwambaro w'akazi (uniforme) n'inkofero y'igisahani, aboneka ariko arurira uruhome rurerure gushika mu gikono hanyuma akagisobamwo.

Ikinyamakuru ku bugwizatunga ''National Business Daily'' casubiyenwo isoko ry'imbere muri iyo kompanyi rivuga ko yaba uwo muntu yafashe iyo video yaba n'uwo ayibonekamwo atari abakozi bwite b'iyo kompanyi.

Mw'itangazo vyasohoye ku wa gatanu, ibiro bigenzura amasoko mu gisagara ca Pingdu, aho iryo hinguriro riri, vyavuzer ko vyaciye bishiraho ubwo nyene umugwi kandi bikora amatohoza aho nyene bimaze kubona iyo video, hanyuma bica birapfundikira birahoma ibintu vyose bikoreshwa mu guhingura inzoga vyagaragaye muri iyo vodeo.

Vyavuze kandi ko bizokurkirana ico kibazo ata gushiramwo minenerwe umunsi ido n'ido ry'ivyabaye ryamenyekanye.

Isanamu yakuwe kuroi iyo video yerekana uwo mugabo yuriye muri ico gikono

Ahavuye isanamu, Weibo

Insiguro y'isanamu, Isanamu yakuwe kuroi iyo video yerekana uwo mugabo yuriye muri ico gikono

Tsingtao yavuze ku wa gatanu ko ''yitayeho cane iyo video'' yo ku mbuga hwaniro, kandi ko igiporisi caciye gitangura amatohoza.

BBC yarondeye iyo kompanyi ngo igire ico ivuze.

Imbuga hwaniro zo mu Bushinwa zashegehwe n'iyo video, mu gihe iryo hinguriro rizwi cane mu gihugu no hanze.

Bamwe mu banditse kuri Weibo [imeze nka X yahoze ari Twitter] yagize ati: '' Ugusoba kwononye amafaranga menshi, uyu mukozi yishe ibintu vyinshi ngaha''.

Uwundi ati: ''Amahirwe yose nta nzoga nywa - ariko vyosiga ubwenge hamwe iri hinguriro ryokwugara kubera ivyo''.

''Ariko none bwoba ari bwo bwa mbere?,'' uwundi arabaza.

Tsingtao yamanutse cane kw'isoko ry'imigabane igihe isoko rya Shanghai ryugurura kuri uyu wa mbere ariko mu nyuma igera aho itamanuka canke ngo iduge inyuma y'umutaga.

Isoko rya Hongkong, aho nyene Tsingtao naho iri mu bagurisha imigabane, ku wa mbere yari yugaye kubera umunsi mukuru w'isabukuru rya Chung Yeung.