Malaria-Malawi: Ubwa mbere kw'isi urucanco rutanzwe mu gihugu cose

Ahavuye isanamu, Poland/PATH
Malawi yatanguye isekeza ryo gukingira ku bwinshi abana malaria mu kubaha urucanco rw’iyo ndwara, kikaba arico gikorwa ca mbere nk’ico kw’isi, nk’uko bivugwa na Muganga Dr Neema Kimambo aserukira muri ico gihugu ishami rya ONU riraba amagara kw’isi, OMS.
Aho muri Malawi hariko harakoreshwa urucanco rumwe rwonyene rumaze kwemezwa na OMS.
Urwo rucanco ruzwi nka RTS,S rwarageragejwe incuro nyinshi mu bihugu vya Malawi, Ghana na Kenya muri iyi myaka mike iheze.
Mw’igeragezwa ryarwo rya vuba kuva mu 2019, OMS yafashije mw’icandagwa ry’abana 360.000 ku mwaka muri ivyo bihugu bitatu.
Iryo geragezwa ryerekanye ko mu bahawe urwo rucanco, 30% y’abana bafise hagati y’amezi 5 n’amezi 17 baronka ubudahangarwa. Urwo rugero ruri hasi rw’ingene urwo rucanco rukingira vyatumye hari abibaza niba koko bokwirirwa bararurondera.
Ishirahamwe Bill & Melinda Gates Foundation risanzwe rishigikira gukora incanco, nta ruhara rutaziguye rifise mu gushigikira iryo sekeza ryatanguye muri Malawi kuko ryibaza ko vyoba vyiza gusumba gushira amafaranga mu bundi buryo bwo kurwanya malaria hamwe n’izindi ncanco ziriko ziratunganywa, nk’uko bivugwa n’urubuga Devex.
RTS,S rwa kompanyi ikora imiti ya GSK (GlaxoSmithKlein) rwari rumaze imyaka 30 ruhingurwa.
N’aho urwo rucanco rufise urugero ruri hasi rwo gukinga, rwatumye hiyongera icizere co kubuza gupfa bamwe mu bantu 400.000 bahitanwa buri mwaka n’iyo ndwara ikwiragizwa n’imibu, benshi muri abo akaba ari abo muri Afrika.
Mu 2020, abantu barenga miriyoni 4 muri Malawi barafashwe na malaria, kandi kuri abo barenga 2.500, cane cane bafise munsi y’imyaka itanu, vyaremejwe ko bishwe n’iyo ndwara.
Uwujejwe igisata co kurwanya malaria muri ico goihugu, Muganga Michael Kayange, yabwiye ikiganiro Focus on Africa ca BBC ko urwo rucanco ubu ruzobuza zimwe muri izo mpfu.
Ati: ‘’Turazi neza ko rufise urugero ruto cane rwo gukora… (ariko) mu kurwanya malaria, nta buryo na bumwe buhari bushobora vyose. Ntituriko turavuga ngo urwo rucanco rwa malaria ruje kuyizimanganya burundu, ariko ni bumwe mu buryo bwo kuyizimanganya’’.
Izindi ngingo zirimwo gutanga imisegetera irimwo umuti yo kwikingira imibu iyo abantu baryamye.
Urwo rucanco ruzotangwa mu gihugu cose.
Muganga Kayange yavuze ko abana bose bafise munsi y’imyaka itanu, aho bari hose, bazotegerzwa kururonka.
Urwo rucanco rutangwa kane - rimwe buri kwezi mu mezi atatu ya mbere hanyuma irya kane haheze amezi 18.










