M23 iragabisha abasoda ba Tanzania bari mu butumwa bwa SADC muri Congo

Abagwanyi ba M23 mu biganiro i Kibumba mu mwaka uheze

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abagwanyi ba M23 mu biganiro i Kibumba mu mwaka uheze

Mw'itangazo umuhari M23 ugwanya Reta ya Demokrasi ya Congo ukoresheje ibigwanisho washize ahabona kuri uyu wa gatandatu, wagiriza abasirikare ba Tanzania gukoresha ibikoho binini binini mu kwica abanyagihugu.

Iryo tangazo rigira riti:"Kubera ko SADC ibandanya gukoresha ibikoho vya muzinga vyo mu bwoko bwa MRLS, bigakoreshwa n'abasirikare ba Tanzania (TPDF) mu kwica abasivire, nta kundi M23 yogira atari gufata izo nkoho no kwivuna abazikoresha mu gukingira abanyagihugu ata co bazira."

Abasirikare ba SADC bari muri Congo bagizwe n'abo igihugu ca Afrika y'Epfo, Malawi na Tanzania.

Nta gitigiri kanuni kizwi c'abasirikare ba SADC barungitswe muri ico gihugu giherutse kubamwo amatora, aho prezida yahahora Felix Tshisekedi ari we yatahukanye intsinzi.

Urwanda ruguma rwagirizwa gufata mu mugongo umuhari wa M23, ivyo ruguma ruhakana rwivuye inyuma.

Mu mpera z'ukwezi guheze, Bertrand Bisimwa arongoye ishami rya poritike rya M23 yanditse kuri X - yahoze yitwa twitter, ko ingabo za SADC zinjiye mu migwano vyeruye.

Ishirahamwe SADC (Southern Africa Development Community) rihurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika yo mu bumanuko ryatangaje ko ingabo zaryo zamaze gushika muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo mu ntango z'ukwezi guheze.

Ubwo butumwa bwo gufasha kugarukana amahoro muri ico gihugu mu kurwanya imigwi yitwaje ibigwanisho bwahawe izina rya SAMIDRC (Southern Africa Development Community Mission in the Democratic Republic of Congo).

Izo ngabo za SADC zasubiriye izo ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko, EAC (EACRF).

Reta ya Congo yasavye ko ingabo za EAC zivayo mu mpera z'umwaka uheze ata n'umwaka zimazeyo ivuga ko ata kinini zayifashije mu kurwanya imigwi yitwaje ibigwanisho na cane cane M23.

EACRF yarimwo ingabo zituruka mu Burundi, Kenya, Uganda na Sudan. N'ubwo Tanzania isanzwe na yo iri mu bihugu bigize EAC, nta ngabo yari yararungitse mu rwego rwa EACRF.

Urwanda na rwo nta ngabo rwari rwarungitse mu gihe Congo irwagiriza kuba rushigikiye M23, ivyo uwo muhari n'Urwanda nyene bidasiba guhakana.

Mu 2013, izo ngabo za SADC nyene ni zo zatujije uwo muhari imbere y'uko usubira kuvyura umutwe mu 2021.