Kenya: Abapolisi bagirizwa ivyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu bagiye kurengutswa

polisi

Abapolisi cumi na babiri muri Kenya bagirizwa ivyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu ku ruhara rwabo mu mabi yakozwe mu matora yo mu 207, harimwo ubwicanyi bwakorewe uruhinja rw’amezi atandatu.

Umushikirizamanza mukuru w’igihugu avuga ko amatohoza yerekana ko intwazangabo nkuru mu gipolisi zifise uruhara mu mabi yakorewe mu karere ka Kisumu mu burengero bwa Kenya kari kiganziwe n’abatavuga rumwe bari barongowe na Raila Odinga.

Umushikirizamanza mukuru Noordin Haji avuga ko ibitero bitabaye giturumbuka, ahubwo ko vyari vyateguwe kandi bihagarariwe n’izi ntwazangabo.

Ntatanga umwidondoro w’abikekwa ariko yatanze uruhusha rwo gukurikirana aba bapolisi ku vyaha bitandukanye vyakozwe n’abo bategeka – harimwo ubwicanyi, iyica rubozo n’ugusambanya ku nguvu.

Amatora yo mu kwa munani 2017 yaranzwe nutunenge twatumye sentare nkuru ifuta ivyari vyatangajwe ko vyayavuyemwo maze hasubira gutegurwa ayandi mu kw'icumi kw'uwo mwaka nyene, ariko Raila Odinga yaranse kuyitabira.