Ibihano kuri Korea ya ruguru

Ahavuye isanamu, Getty
Akanama ka Onu kajejwe umutekano kariyamirije kivuye inyuma igikorwa ca Korea ya Ruguru co gutera ibisasu vya rocket bishika kure cane.
Inyuma y’inama yahamagawe ikitaraganya I New York, ako kanama kavuze ko kagiye gufatira ibindi bihano ico gihugu mu kwishura kuri ico gikorwa.

Korea ya ruguru yavuze ko yarashe ico gisasu ca rocket kugira irungike ikigendajuru mu kirere, ariko abatemera ico gihugu bavuga ko yari amayeri yo kugerageza ibisase vya missile.
Avuga inyuma y’iyo nama yabaye mu mwiherero, uwuserukira Amerika muri Onu, Samantha Power, yavuze ko igihugu ciwe “kizoshirwa akanama ka Onu kajejwe umutekano gafatiye ibihano bikomeye” Korea ya ruguru.
Amajambo yavuze yasubiwemwo n’uwuserukira Ubuyapani, Motohide Yoshikawa.






