Nigeria: Abayobozi 6 ba Banki bafashwe

Prezida Buhari yiyemeje kurwanya ruswa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Prezida Buhari yiyemeje kurwanya ruswa

Akanama ka Nigeria gashinzwe kurwanya ruswa kataye muri yombi abategetsi 6 bo muri Banki nkuru y'igihugu, kubera ibirego byo kunyuruza amamiliyoni 30 y'amadolari y'Amerika.

Itangazo ryasohowe n'ako kanama ( Economic and Financial Crimes Commission EFCC) rivuga ko hari n'abandi bakozi 16 bo mu mabanki y'ubucuruzi barezwe.

Ibyo birego bya ruswa birimo guhinduza amanoti ya banki impapuro z'ibinyamakuru zaje gucibwa nyuma. Izo noti za cyera ngo zaje kwongera gusubizwa mw'ikoreshwa nyuma.

Umukuru mushya wa Nigeria, Muhammadu Buhari, yiyemeje kuzahashya ibikorwa bya ruswa.