Umwami w'aba Zulu yasavye ko intureka yohoyahoya

Ahavuye isanamu, AFP
Umwami w'aba Zulu Goodwill Zwelithini yasavye ko intureka yohahoya inyuma y'ibitero vyari bimaze iminsi bigirwa ku banyamahanga bava mu bindi bihugu vya Africa muri Africa y'epfo.
Yagirijwe kuba ariwe yakokeje iryo totezwa ry'abanyamahanga ryahitanye abantu nibura indwi inyuma y'aho avugiye ko abanyamahanga bakwiye ''gutekara bagasubira mu bihugu vyabo''.
Abantu barenga 300 baramaze gufatwa kubera uruhara bashobora kuba baragize.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi bari buzuye ikibuga c'inkino mu gisagara ca Durban kiri mu buseruko kwumviriza ijambio ry'umwami.
Yavuze ko amajambo yiwe yacuritswe n'ibinyamakuru.
Muri iryo jambo ry'Umwami Zwelithini, yavuze ko atarivyo kwegeka ibimaze iminsi biba kw'izina ry'umuntu umwe gusa, avuga ko no muri kahise hari hamaze kuba ibindi bitero vyinshi ku banyamahanga muri Africa y'Epfo.
Yavuze ko umugwi wa Africa y'Epfo ujejwe agateka ka zina muntu ukwiye gutohoza ata ntambamyi ku vyo yagirizwa vy'amajambo y'urwanko yoba yaravuze.
Mu bamaze gufatwa harimwo abagabo batatu bapfunzwe ku ruhara boba baragize mu kwica umuntu aturuka muri Mozambique Emmanuel Sithole muri quartier ya Alexandra iri mu buraruko bw'igisagara ca Johannesburg.
Abibonye bavuga ko Emmanuel yazibuwe imbugita izuba riva.
Uretse Sithole, abandi bamaze gupfa biciwe i Durban , igisara ca mbere kinini mu ntara ya Kwazulu Nathal.
Barimwo umunye Ethiopia,umunye Mozambique, umwe vyibazwa ko aturuka muri Zimbabwe hamwe n'abanye Africa y'epfo batatu.










