Impunzi muri Uganda zihawe passeports

Leta ya Uganda yakoreye impuzi zisavye indaro muri ico gihugu passports ( ibitabo vy'inziranshasha) zizotuma zishobora gukora ingendo mu bindi bihugu.
Uganda ibarirwamwo impunzi ibihumbi 400 ziva ahanini mu bihugu vya Africa.
Ubusanzwe impunzi zashaka gusohoka igihugu zakoresha inyandiko zahawe n'ishami rya ONU rijejwe impunzi HCR.
Bubaye ubwa mbere leta ya Uganda ihaye impunzi passeports zihakwa gusa n'iza'abanyagihugu basanzwe.
Izo passeports zifise urupapuro rw'ubuhinga bwa none bwa biometric.
Zishobora gusomwa ku buryo bwa electronique ku buryo zishobora gukora mu bindi bihugu vyinshi.
Impunzi zizozikoresha mu gukora ingendo mu bindi bihugu igihe zishakiye haba ku rwego rwo gushaka akazi, kuja mu mashuri n'ibindi ku mpunzi zibishoboye.
Ministre ajejwe impunzi muri Uganda Hilary Onek avuga ko impunzi ari abantu nk'abandi bakeneye uburengenzira nk'ubw'abandi.
Avuga ko izi posseports impunzi zizozikoresha mu kwitaba ubucuruzi mpuzamahanga










