Turkiya yatije inzira aba Kurde bo muri Iraq

Ahavuye isanamu, Reuters
Abo barwanyi b'aba Kurde bo muri Iraq bagiye gufasha benewabo b'aba Kurde bo muri Syria kurwanya abo mu murwi Islamic State.
Turkiya yatangaje ivyo inyuma y'aho Leta zunze Ubumwe za Amerika zihereye ibirwanisho, abarwanyi b'aba Kurde bo muri Syria, zikoresheje indege zibikorora mu karere ka Kobane.
Perezida wa Turkiya Recep Tayyip Erdogan, yari yagabishije Leta Zunze Ubumwe za Amerika ko zitoha ibirwanisho abarwanyi b'aba Kurde, yavuze ko "bakora iterabwoba".
Umunyamakuru wa BBC avuga ko amajambo Erdogan yaraye avuze ashobora kuba yariko ayerekeza ku banya Turkiya, bari bashavujwe n'uko leta yiwe iriko ifata mu mugongo umurwi w'aba Kurde ushaka kwiyonkora kuri Turkiya.






