Aba kurdes bagaruye urugomero rwa Mosul

Ahavuye isanamu, ap
Ariko umugaba w'ingabo za Iraq avuga ko intambara zikibandanya, hafi y'urwo rugomero, cane cane amaja mu bumanuko aho bariko barakura imitego yasizwe n'abo barwanyi ba IS.
Itangazo ryavuye mu murwi IS rirahakana ko batakaje urwo rugomero, ahubwo rikavuga ko aba Kurdes aribo bahaburiye abarwanyi benshi cane.
Igikorwa c'abarwanyi b'aba Kurdes barwanira hasi cafashijwemwo n'ingabo z'Abanyamerika, zagenzura ikirere intambara iberamwo i Mosul.






