Abasirikare b'Uburundi bari muri AMISOM bahembwe imishahara y'amezi 2

Ministiri w'ingabo w'u Burundi yabwiye BBC ko bamaze kwakira imishahara y'ukwezi kwa mbere n'ukwa kabiri y'abasirikare b'u Burundi bari mu ngabo z'Afurika zishinzwe kubahiriza amahoro muri Somaliya-AMISOM.
Jenerali Major Pontian Gaciyubwenge yavuze ko iyo mishahara izaba yageze ku makonti y'abo basirikare mu gihe cy'iminsi 2.
Yavuze ko itinda ry'imishahara riterwa n'imikorere y' umuryango w'ibihugu by'Afurika cyangwa abayifasha.
Abasirikare bari muri AMISOM baherutse kubwira BBC ko batarahembwa kuva mu kwezi kwa mbere.
U Burundi bufite abasirikare 4,000 muri AMISOM.






