RSF: U Rwanda ruri hejuri mu bikandamiza itangazamakuru

Umuryango wo mu Bufaransa Reporters Sans Frontière urengera inyungu z'abanyamakuru washize u Rwanda ku kibanza co hejuru mu bibangamira itangaza makuru.

Uwujejwe igisata ca Afrika muri RSF, Ambroise Pierre, yabariye BBC ko u Rwanda ruri mu bihugu cumi bibangamira ubwigenge bw'itangazamakuru kw'isi, rukaba muri bitatu vya mbere muri Afrika inyuma ya Eritrea na Sudani.

Ngo bimwe mu vyatumye u Rwanda rusubira inyuma ngo ni umwuka mubi ku banyamakuru bigenga waranze amatora y'umukuru w'igihugu aheruka.

Bwana Ambroise avuga ko baharuye abanyamakuru bashika kw'icumi bahunze igihugu batinya gutotezwa, hamwe n'umunyamakuru yiciwe i Kigali mu kwezi kwa gatandatu.

RFS kandi itanga akarorero k'ibinyamakuru bibiri vyigenga vyahawe igihano co guhagarikwa amezi atandatu, kandi hari hasigaye amezi atanu ngo amatora abe.

Ku vyerekeye ibihugu bibanyi n'u Rwanda, RSF ivuga ko naho nyene hari ingorane ariko ngo nta ngere yo mu Rwanda.

Icegeranyo ca RSF gitondeka ibihugu vyo kw'isi ukurikije ingene bifata itangazamakuru ryigenga, gisohorwa n'iryo shirahamwe buri mwaka.