Yahya Jammeh: Ingene inzu y'uwo yahora atwara Gambia yafashwe

The Gambia President Yahya A.J.J. Jammeh and spouse Zineb Jammeh, arrive at the North Portico of the White House for a State Dinner on the occasion of the U.S. Africa Leaders Summit, August 5, 2014

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Yahya Jammeh n'umugore wiwe, Zineb, barakiriwe kuri Maison Blanche/ White House mu nama y'abategetsi ba Afrika mu 2014
    • Umwanditsi, Na Damian Zane
    • Igikorwa, BBC News

Ku gihamana habonetse amatohoza yatoye uko uwahoze ari umukuru wa Gambia yakoresheje amafaranga y'inkomoko mbi mu kuyaguramwo inzu y'agaciro kanini muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ubu noneho sentare yafashe ingingo ko iyo nzu y'agaciro ka miriyoni 3 z'amadorari (hafi miriyaridi 6 z'amafaranga y'Uburundi canke miriyaridi 3 z'amafaranga y'Urwanda) iri mu buraruko bw'intara ya Maryland, hafi y'umugwa mukuru Washington DC, itegerezwa gufatwa ikakwa uwo yanditsweko n'uwo yahora ari umutegetsi wa Gambia Yahya Jammeh.

Amafaranga azova mw'igurishwa ry'iyo nzu azofasha abagiriwe "nabi n'ukurya ibiturire hamwe n'ugukoresha nabi ubutegetsi" vyakozwe n'uwo yahoze atwara igihugu, nk'uko bivugwa n'abategetsi bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Amatohoza y'igisata c'ubutungane (department of justice, DOJ) yatoye ko amafaranga yakoreshejwe mu kugura iyo nzu y'ivyumba bitandatu yavuye mu biturire.

"Maryland si aho kunyegeza amafaranga y'abategetsi barya ibiturire bayivye abanyagihugu babo," nk'uko bivugwa na Selwyn Smith, umwe mu bantu bakurikirana ikibazo c'iyo nzu.

Ariko amatohoza y'abaharanira uburenganzira niyo yabanje gushira ahabona ico kibazo, haraheze imyaka cumi.

Ubutegetsi bwa Jammeh bwamaze imyaka 22 hanyuma bukarangira mu 2017, bwamenyekanye cane mu kurangwa n'ibiturire kandi bwaravuzweko cane ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu harimwo kwica no gupfunga abamunegura.

Kuva ico gihe hagiye haramenyekana vyinshi biciye mu murwi wa Gambia wo kumenya ukuri, gusubiza hamwe no gushumbusha, muri iyi ndwi wasavye ko yokurikiranwa ku "vyaha injojo".

Asanzwe amaze guhakana ko ata kabi yakoze.

Mu gihe c'ubutegetsi bwiwe, abanya-Gambia baharanira uburengenzira baba hanze bumvise ko boba ijwi ry'abadafise aho bavugira.

Sohna Sallah yari umwe muri bo.

Mu 2010, ikinyamakuru c'abanya-Gambia gishingiye muri Amerika canditse ko umugore wa Jammeh, Zineb, yaguze inzu muri karere k'abakire ka Potomac, nk'uko Sallah yabwiye BBC.

Ariko aho yari itumbereye neza na neza ntihari hazwi.

Gates in front of a driveway

Ahavuye isanamu, Duga

Insiguro y'isanamu, Iyo nzu ya Jammeh yari muri karitiye y'abakire hafi y'umurwa mukuru wa Amerika

"Twarihweje neza impapuro zerekeye igurishwa ry'amazu muri ako karere hanyuma tubigwako," nk'uko uwo mugore w'imyaka 49 yavuze, aho akavuga ko abo babikoranye ari abo mu runani rwa Union of Gambian Activists (Duga).

Izina ry'umwe mu baguzi - the MYJ Family Trust - ryateye amakenga. "Twibajije tuti: 'Hari umuntu ariko aragerageza kunyegeza ko baguze iyi nzu.'"

Ikindi, Y na J vyahuriranye n'uko arizo ndome zitangura amazina ya prezida.

Kubera ataba kure y'aho, madame Sallah yaciye atangura kuja araca muri ako kabarabara ka Bentcross Drive kugira arabe ko ata muntu yohabona.

Yavuze n'agatwengo ari i muhira iwe muri Bethesda hafi y'aho ati: "Twarakunda guca hafi y'aho hanyuma umunsi umwe dusanga umugore wiwe ariko ahagarika imodoka hanyuma turibaza tuti :"Ego, iyi ni ya nzu.'"

Mu nyuma abo muri Duga, kubera bakeka ko amafaranga yo kugura iyo nzu yari yavuye mu nzira ziteye kubiri n'amategeko, baciye batangaura kuja baragira imyiyerekano imbere y'iyo nzu.

Baciye babohera ibendera rya Gambia kw'irembo ry'iyo nzu baca bashinga imbere yayo urwandiko ruvuga ingo :"Iyi nzu iragurishwa, n'abanya-Gambia."

Abaharanira uburenganzira baragerageje gutuma ababanyi bitaho kumenya ivyerekeye iyo nzu

Ahavuye isanamu, Duga

Insiguro y'isanamu, Abaharanira uburenganzira baragerageje gutuma ababanyi bitaho kumenya ivyerekeye iyo nzu

Baciye batangura kuja bararungikira ababanyi inzandiko zo kugerageza kubamenyesha ivyo Jammeh yagirizwa gukora mu gihugu.

Aho bitwegereje, imwe mu mazu yegereye aho yari iyo kwa Teodoro Obiang Nguema, amaze imyaka mirongo atwara igihugu ca Guinee Equatoriale , nk'uko ikinyamamuru Washington Post cavyanditse mu 2017.

Nawe yagirizwa ibiturire no guhonyanga uburenganzira bw'ikiremwa muntu, ivyo nawe ahakana.

Nta wuzi ko muri ako karere aho atawukeneye kumenya ivyerekeye umubanyi, hari ico vyababwiye.

Ababa muri iyo nzu ya Jammeh vyarabashavuza, rimwe na rimwe bagahamagara igiporisi, nk'uko bivugwa na Sallah.

Ariko ivy'uko iyo nzu yofatwa vy'ukuri vyagiye gutangura Jammeh amaze kuva ku butegetsi hanyuma akaja mu buhungiro muri Guinée Equatoriale inyuma yo gutsindwa amatora y'umukuru w'igihugu yo mu 2016.

Ubutegetsi bushasha bwa Gambia bwaciye bushiraho umurwi wo gutohoza uko ibiturire vyari vyifashe mu gihe c'ubutegetsi bwiwe.

Mu cegeranyo cawo co mu 2019, werekanye ko igihugu casahuwe vy'ikirenga.

Ibintu bitangaje birimwo nka pistolet (inkoho nto umuntu ashobora kugendana) z'inzahabu, ziri mu vyatowe muri imwe mu mazu ya Jammeh muri Gambia, ariko igitigiri c'amazu yose yari afise nico catangaje.

Uwo mugwi wasanze uwo yahoze ari umukuru w'igihugu yari afise amazu 281 mu gihugu, hamwe n'iyo yo muri Amerika n'iyindi yo muri Maroc, kandi akaba yari afise ama-konte ya banki arenga 100.

Nta kuntu iyo nzu yari kuba yarayiguze akoresheje amafaranga y'umushashara yahembwa, uwo mugwi uca usanga kandi yarigaruriye amafaranga arenga miriyoni 300 z'ama dorari.

Uwo mugwi wasanze kandi amafaranga angana na miriyoni imwe y'amadorari yakatishirijwe kwa Zineb Jammeh.

Menshi muri ayo mafaranga yari agenewe ibigo vy'ubugiraneza, harimwo na Operation Save the Children Foundation.

"Hafi amafaranga yose y'iyo Fondation yononywe ku bintu ubiravye vyari bigamije kwerekana neza izina rya Zineb Jammeh hagufasha abana ba Gambia", nk'uko vyavuzwe n'icegerenyo c'uwo mugwi.

Vyatowe kandi ko Jammeh yaka amafaranga abantu kugira abahe impauro z'uburenganzira bwo kwihariza isoko ryo kwinjiza mu gihugu ibidandazwa bimwe bimwe birimwo ibitoro. Kandi yaca akoresha iterabwoba ryo kubaka ubwo burenganzira kugira babadanye bamuha ayandi mafaranga.

Aho niho bivugwa ko havuye amafaranga yo kugura iyo nzu yo muri Pontomac.

Bafatiye ku gikorwa c'uwo mugwi, igisata c'ubutungane ca Amerika caciye gitanga ido n'ido ry'ingene vyagenze.

Mu kwezi kwa Mukakaro (7) mu 2010, kompanyi y'ibitoro yabwiwe ko uburenganzira bwo kwihariza kwinjiza ibitoro bwari bugiye kurangira mu mpera z'uwo mwaka.

Nyene iyo kompanyi yaciye yegera Jammeh kugira amusabe ko ubwo burenganzira bwo kwihariza iyo soko bwogumaho gushika mu 2014.

Haheze iminsi 11, umuriyoni w'amadorari waciye uva kuri konte y'iyo kompanyi yari muri banki ya Gambia Trust Bank Ltd, uwo munsi nyene umukuru w'igihugu aca yemerera iyo kompanyi kugumana uburenganzira bwo kwihariza isoko, nk'uko igisata c'ubutungane kibivuga.

Umunsi ukurikira haciye huguruzwa konte muri iyo banki kw'izina rya MYJ Family Trust. Hanyuma umuriyoni w'amadorari uca urungikwa kuri iyo konte mu bice bitatu n'umukozi w'iyo kompanyi.

Amaherezo ayo mafaranga yahavuye arungikwa kuri konte y'umuntu akora ibijanye n'amazu muri Amerika.

Mu minsi ikurikira, ayandi mafaranga angana na miriyoni 2,5 z'amadorari yaciye arungikwa muri Amerika biciye muri banki hanyuma ku wa 20 Nyakanga/Nzeri iyo nzu yo muri Pontomac ica iragurwa miriyoni 3,5 z'amadorari. .

Bathroom

Ahavuye isanamu, Duga

Insiguro y'isanamu, IIco cumba c'ubwogero kirimwo marbre gifatanye n'icumba gikuru, ni kimwe mu vyumba vy'ubwogero indwi biri muri iyo nzu.

N'inzu yari yubatswe mu buryo bw'amafaranga menshi mu karere bivugwa na Washington Post ko ari kamwe mu turangwamwo abakire ruhebwa muri ico gihugu. Uretse ivyumba bitandatu vyayo, iyo nzu yari ifise ubwinjiriro bw'intangaro, icumba co kurabiramwo sinema, ikizunga co kwoga (piscine/pool), icumba co kunonoreramwo imitsi(gym), aho kuraza abashitsi hamwe n'ivyumba indwi vy'ubwogero.

Ntibizwi niba Jammeh yarigeze ahaba, ariko umugore wiwe yarahagendera kenshi, nk'uko bivugwa na Sallah.

Rimwe na rimwe yaramubona mu kibanza c'akaguriro c'ako karere. Ariko izo ngendo ntizikiba.

Kandi noneho, kuva umucamanza wa sentare yo muri Amerika amaze gukubika umukono ku ngingo, iyo nzu ntikiri rwiwe.

Umushikirizamanza wa Amerika Robert K Hur, igihe hatangura igikorwa co gufata iyo nzu mu 2020, yavuze ati: "Uwo yahora atwara Gambia Yahya Jammeh n'umugore wiwe bibaza ko bashobora kunyegeza amafaranga bivye abanya-Gambia mu kuyaguramwo inzu muri Pontomac."

Agira ico avuze kuri iyo ngingo yo gufata iyo nzu, madame Sallah ari nawe yatanguye gushira ico kibazo ahabona haraheze imyaka cumi, yavuze ko "anezerewe cane".

"Ndanezerewe cane ko hari ubutungane bwabaye."

Yifuza ko ayo mafaranga "amaherezo yosubizwa abanya-Gambia kugira afashe abahuye n'amahano y'ivyaha vya Jammeh".

Igisata c'ubutungane cavuze ko iyo nzu izogurishwa kandi gitanga inama ko amafaranga avuyemwo yokoreshwa mu gushumbusha. .

Gushika ubu yamara, abanya-Gambia baba hanze barashobora kuba baravuga ko utwigoro twabo tutabaye impfagusa.